Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki numva ntagishaka kubaho?

Nokora iki numva ntagishaka kubaho?

 “Mu myaka mike iheze, nari mfise amaganya menshi ku buryo numva umengo nama ndiko ndarwana no kuzimya umuriro. Muri ivyo bihe, nariyumvira kwiyahura. Ariko sinipfuza gupfa. Nashaka gusa ko uwo mubabaro uhera.”​—Jonathan, w’imyaka 17.

 Mw’itohoza rimwe ryagizwe ku banyeshure 14.000 bo mu mashure yisumbuye, umunyeshure 1 kuri 5 yariyemereye ko yagize ivyiyumviro vyo kwiyahura mu mezi cumi n’abiri aheze. a None wokora iki nimba nawe wumva umengo kubaho nta co bimaze?

  •   Nurindire. Nufate ingingo yuko utazokora ikikujemwo cose igihe wumva ushaka kwiyahura. Naho woba wumva umengo ingorane zirakurengeye, hari ibintu wokora vyogufasha kuvyihanganira.

 Woshobora kubona umengo nta muti uhari w’ingorane ufise. Ariko rero, igihe cose wiyumviriye ikintu ntibica bisobanura ko kiba ari co. Igihe dushikiwe n’ingorane hari uburyo bwinshi twovyifatamwo, ariko vyoshobora gushika ukaronka umuti w’iyo ngorane vuba kuruta uko uvyibaza.

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Turatunatunwa mu buryo bwose, mugabo ntitubura isaganirizo; turazazanirwa, mugabo ntitubura rwose icanzo.”​—2 Abakorinto 4:8.

     Iciyumviro: Nimba uguma wiyumvira kwiyahura, nurondere ibintu vyogufasha biri hafi y’aho uri, nk’akarorero nunyarukire ku bigo vyitwararika abafise ivyiyumviro vyo kwiyahura canke ku bitaro. Abantu bahakorera barigishijwe ingene bogufasha kandi baripfuza kugufasha.

  •   Nubiyagire uwundi muntu. Hari abantu bakwitwararika kandi bipfuza kugufasha. Aho hoshobora kuba harimwo incuti n’abagenzi bawe batomenya ingorane ufise kiretse uzibabwiye.

 Abantu bamwebamwe barakenera amarori kugira abafashe kubona neza. Muri ubwo buryo nyene, umugenzi arashobora kugufasha gutahura ingorane ufise, gutyo ugasubira kugira icipfuzo co kubaho.

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri . . . yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

     Iciyumviro: Mu gutangura ikiyago, urashobora kuvuga uti: “Maze igihe mfise ivyiyumviro bitabereye. Ubona nobikuyagira?” Canke urashobora kuvuga uti: “Ndafise ingorane ntashobora gutorera umuti jenyene. Ubona womfasha?”

  •   Nuje kwa muganga. Ingorane z’amagara nk’amaganya canke akabonge, birashobora gutuma abantu bumva batagishaka kubaho. Inkuru nziza ni uko izo ndwara zivurwa.

 Nka kurya nyene akamangu gatuma utakaza akayabagu, ni ko n’akabonge gatuma wumva utagishaka kubaho. Ariko rero, izo ndwara zompi zirashobora kuvurwa.

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”​—Matayo 9:12.

     Iciyumviro: Nusinzire bihagije kandi ugire siporo wongere ufungure neza. Ingene amagara yawe yifashe birashobora kugira ico bikoze ku kuntu ubona ubuzima.

  •   Nusenge. Bibiliya ivuga ko Umuremyi wacu ‘aruta imitima yacu akaba kandi azi ibintu vyose.’ (1 Yohani 3:20) Ubona gute umuyagiye mw’isengesho uno musi? Nukoreshe izina ryiwe Yehova, umubwire uko wiyumva.

 Hari ingorane zikomeye cane udashobora gutorera umuti wenyene. Ariko Umuremyi wawe Yehova aripfuza kugufasha.

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”​—Abafilipi 4:6, 7.

     Iciyumviro: Uretse kubwira Yehova ingorane ufise, nugerageze kwiyumvira n’imiburiburi ikintu kimwe womushimira ku musi. (Abakolosayi 3:15) Gukenguruka birashobora kugufasha kwibanda ku bintu vyiza bigushikira mu buzima.

 Nimba ubona ko kubaho ata co bimaze nurondere imfashanyo. Ni na vyo Jonathan yavuzwe mu ntango yakoze. Avuga ati: “Nari nkeneye kuyaga n’abavyeyi banje hamwe no kuja kwa muganga. Ariko ubu ni sawa. Naho bishika nkagira umubabaro, sinkigira ivyiyumviro vyo kwiyahura.”

a Iryo tohoza ryagizwe n’ibigo vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika biraba ivyo gukinga indwara no kuzibuza mu 2019.