Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nomenyereza gute ijwi ryanje ryo mu mutima?

Nomenyereza gute ijwi ryanje ryo mu mutima?

 Muri ibi bintu, ni igiki wogereranya n’ijwi ryawe ryo mu mutima?

  •   akuma rugenimpande

  •   icirore

  •   umugenzi

  •   umucamanza

 Izo nyishu zose ni iz’ukuri. Iki kiganiro kiraza gusigura igituma ari ukwo biri.

 Ijwi ryo mu mutima ni iki?

 Ijwi ryo mu mutima ni ubushobozi dufise muri twebwe budufasha kumenya iciza n’ikibi. Bibiliya ivuga ko ijwi ryo mu mutima rimeze nk’‘itegeko ryanditse mu mitima y’abantu.’ (Abaroma 2:15) Ijwi ryo mu mutima ryiza riragufasha gusuzuma ibintu ugira ukore be n’ivyo wamaze gukora.

  •   Ijwi ryawe ryo mu mutima rimeze nk’akuma rugenimpande. Riragufasha guca mu nzira ibereye, gutyo ukirinda akaga.

  •   Ijwi ryawe ryo mu mutima rimeze nk’icirore. Rirakwereka inyifato ufise, ukamenya ukuntu umeze imbere mu mutima.

  •   Ijwi ryawe ryo mu mutima rimeze nk’umugenzi mwiza. Rirashobora kuguha impanuro nziza, kandi uryumviye uraroranirwa.

  •   Ijwi ryawe ryo mu mutima rimeze nk’umucamanza. Riragucira urubanza igihe wakoze ikintu kitabereye.

Ijwi ryo mu mutima ryiza riragufasha gufata ingingo nziza

 Iciyumviro nyamukuru: Ijwi ryawe ryo mu mutima ni ikintu gihambaye kigufasha (1) gufata ingingo zibereye no (2) kwicuza igihe wakoze amakosa maze ukihatira kuyakosora.

 Kubera iki womenyereza ijwi ryawe ryo mu mutima?

 Bibiliya iduhimiriza “[kugira] ijwi ryo mu mutima ryiza.” (1 Petero 3:16) Ivyo ntivyoroha igihe utamenyereje ijwi ryawe ryo mu mutima.

 “Igihe abavyeyi baba bambajije iyo namye, narabahenda. Mu ntango, ijwi ryanje ryo mu mutima ryarambuza amahoro, ariko uko hagenda haraca igihe nari nsigaye ndabibona ko ari ibisanzwe.”​—Jennifer.

 Amaherezo ijwi ryo mu mutima rya Jennifer ryahavuye rimusunikira kubwira abavyeyi ivyo yaba arimwo, arareka kuza arabahenda.

 Zirikana kuri iki kintu: Ijwi ryo mu mutima rya Jennifer vyari kuba vyiza iyo rimuburira ryari?

 “Kubaho ukora ibintu bibi mu mpisho usanga bigoye kandi bitesha umutwe. Igihe ijwi ryawe ryo mu mutima rikwemereye gukora ikintu kibi bica vyoroha ko ukora n’ibindi bibi.”​—Matthew.

 Abantu bamwebamwe barirengagiza buhere ijwi ryabo ryo mu mutima. Bibiliya ivuga ko “babaye ibiti.” (Abanyefeso 4:19) Ubwuzure Bushasha buhindura uwo murongo ngo ‘nta co bacibanga.’

 Zirikana kuri iki kintu: Abantu batigera bicuza kubera ibintu bibi bakora boba babayeho neza? Ni ingorane izihe zizobashikira?

 Iciyumviro nyamukuru: Kugira ugumane ijwi ryo mu mutima ryiza, utegerezwa ‘kumenyereza ububasha bwawe bwo gutegera kugira bushobore gutandukanya iciza n’ikibi.’​—Abaheburayo 5:14.

 Womenyereza gute ijwi ryawe ryo mu mutima?

 Kugira umenyereze ijwi ryawe ryo mu mutima, urakeneye ikintu ufatirako. Abantu bamwebamwe bafatira:

  •   ku miryango yabo no ku mico yabo

  •   ku runganwe rwabo

  •   ku buryo bwo kwinezereza buharawe

 Ariko kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni vyo vyiza gusumba ibindi vyose. Ivyo ntibitangaje kubera ko Bibiliya ‘yahumetswe n’Imana,’ yo yaturemye kandi ikaba izi ivyotubera vyiza.​—2 Timoteyo 3:16.

 Raba uburorero bumwebumwe.

 INGINGO NGENDERWAKO: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Abaheburayo 13:18.

  •   Iyo ngingo ngenderwako yofasha gute ijwi ryawe ryo mu mutima igihe wumva umengo wotirisha mu kibazo, wobesha abavyeyi canke ukiba?

  •   Igihe ijwi ryawe ryo mu mutima rigusunikiye kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose, wibaza ko ivyo bizokugirira akamaro akahe ubu no muri kazoza?

 INGINGO NGENDERWAKO: “Nimuhunge ubusambanyi.”​—1 Abakorinto 6:18.

  •   Iyo ngingo ngenderwako yofasha gute ijwi ryawe ryo mu mutima igihe wumva umengo woraba amasanamu y’ibiterasoni canke woja mu vy’ubusambanyi?

  •   Igihe ijwi ryawe ryo mu mutima rigusunikiye guhunga ubusambanyi, bizokugirira akamaro akahe ubu no muri kazoza?

 INGINGO NGENDERWAKO: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi.”​—Abanyefeso 4:32.

  •   Iyo ngingo ngenderwako yogufasha gute igihe hadutse amatati hagati yawe n’uwo muvukana canke umugenzi?

  •   Igihe ijwi ryawe ryo mu mutima rigusunikiye kumubabarira no kumugaragariza impuhwe, bizokugirira akamaro akahe ubu no muri kazoza?

 INGINGO NGENDERWAKO: ‘Yehova aranka uwo wese akunda ubukazi.’​—Zaburi 11:5.

  •   Iyo ngingo ngenderwako yogufasha gute igihe ugomba guhitamwo amasinema canke ibiganiro vyo kuri televiziyo woraba n’udukino two kuri videwo wokina?

  •   Igihe ijwi ryawe ryo mu mutima rigusunikiye kwirinda ibintu vyo kwinezereza birimwo ubukazi, bizokugirira akamaro akahe ubu no muri kazoza?

 INKURU Y’IVYABAYE KOKO: “Ndafise abagenzi bahora bakina udukino two kuri videwo turimwo ubukazi kandi na jewe naradukina. Mu nyuma, papa yarambujije kudukina. Rero nari nsigaye ndadukina igihe gusa naba nagiye kuramutsa abo bagenzi banje. Nshitse muhira, nta kintu na kimwe navuga. Papa yarambaza nimba hari ikitagenda neza ariko nkamubwira ko vyose ari sawa. Umusi umwe narasomye Zaburi 11:5 nca ntangura kwumva nabi kubera ivyo nakora. Naciye mbona ko nkwiye guhagarika gukina utwo dukino, kandi naciye ndabihagarika. Umwe mu bagenzi banje abonye ndabihagaritse, na we nyene yaciye abihagarika.”​—Jeremy.

 Zirikana kuri iki kintu: Ijwi ryo mu mutima rya Jeremy ryatanguye gukora ryari, kandi na we yatanguye kuryumvira ryari? Inkuru ya Jeremy ikwigisha iki?

 Iciyumviro nyamukuru: Ijwi ryawe ryo mu mutima rirerekana ukuntu umeze be n’ivyo ubona ko bihambaye. Ijwi ryawe ryo mu mutima rihishura iki ku bikwerekeye?