Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nokora kugira noroherwe no kuyagisha abandi?

Ni ibiki nokora kugira noroherwe no kuyagisha abandi?

 Kubera iki ari vyiza kuyaga n’umuntu amaso mu yandi?

 Abantu bamwebamwe bavuga ko kuvugana n’umuntu amaso mu yandi bigoye kandi ko bitesha umutwe, ariko bakabona ko kwandikiranira amamesaje vyoroshe kuruta.

 «Igihe uriko uravugana n’umuntu amaso mu yandi biratesha umutwe kubera ko udashobora guhindura ivyo wamaze kuvuga canke ngo ubifute.»​—Vyavuzwe na Anna.

 «Kwandikiranira amamesaje bimeze nka programa yafashwe amajwi, mu gihe na ho kuvugana n’umuntu amaso mu yandi bimeze nko gukurikirana ikiganiro ikibiriraho. Iyo ndiko ndavugana n’umuntu, nguma nibwira ko nkeneye kuguma ndi maso kugira simvuge amakosa.»​—Vyavuzwe na Jean.

 Naho ari ukwo, hazogera igihe ukenera kumenya uburyo wokoresha mu kuyaga n’abantu amaso mu yandi. Nk’akarorero, ubwo buryo buzogufasha kumenya ingene woronka abagenzi bashasha, kuronka akazi no kukagumamwo canke kumenya ukuntu woyagisha umuntu wipfuza ko mukundana igihe uzoba ugeze.

 Ariko rero, si ngombwa ngo ugire ubwoba igihe uriko urayaga n’abantu amaso mu yandi. Urashobora kwiga ingene wovyifatamwo naho woba ufise amasoni.

 «Bizoshika rimwe na rimwe uvuge amakosa maze bitume wiyagiriza. Ariko rero, niwibuke ko udatunganye.»​—Vyavuzwe na Neal.

 Ingene wotanguza ikiyago

  •   Nubaze ibibazo. Niwiyumvire ibintu bishimisha abantu, uce utanguza ikiyago ufatiye kuri vyo. Nk’akarorero:

     «Ni ibibanza ibihe umaze gutemberamwo?»

     «Uru rubuga ruriko amakuru ashimishije. Woba umaze kurujako?»

     «Woba warumvise ivyerekeye . . . ?»

     Kugira uvuge udomako, niwiyumvire ikintu kimaze kubashikira mwempi canke kibaryohera. Nk’akarorero, mwoba mwigana canke mukorana? Nuce ubaza ikibazo ufatiye kuri ico kintu muhurizako?

     «Niwiyumvire ibibazo ubona ko vyoshimisha abantu kandi wipfuza kumenya ico bavyibazako.»​—Vyavuzwe na Maritza.

     Uriyubara: Niwirinde kubaza ibibazo vyinshi ku buryo bituma uwo muriko murayaga yumva umengo uriko uramusambisha. Vyongeye, niwirinde kwinjira mu buzima bwiwe. Ibibazo nk’ibi «Ni ikintu ikihe kigutera ubwoba cane?» canke «Ni kubera iki wama wambaye impuzu zisa n’ubururu?» birashobora gutuma umuntu yumva ubuyega. Ico kibazo ca kabiri coshobora gutuma umuntu yumva umengo uriko uramutora amahinyu.

     Urashobora kandi kwirinda kuboneka nk’aho uriko uramusambisha nk’igihe umubwira ico wiyumvira canke uko wiyumva ku bijanye n’ikibazo wipfuza kumubaza imbere y’uko akwishura canke inyuma y’aho. Mu yandi majambo, nutume haba ikiyago aho umwe wese atanga ivyiyumviro, ntibimere nk’ikiganiro co kubaza ibibazo.

    Ukuntu ubaza ibibazo vyoba bituma uwo muriko murayaga abona umengo uriko uramusambisha?

     Ico Bibiliya ivuga: «Inama yo mu mutima w’umuntu ni nk’amazi yo hasi mw ibenga, arik’umuntu w’umunyabgenge arayivoma.»​—Imigani 20:5, Bibiliya Yera.

  •   Niwumvirize neza. Kugira ngo ikiyago kibandanye, birahambaye ko wumviriza neza aho kuguma uvuga.

     «Narafashe ingingo yo kurondera kumenya ikintu kimwe gishasha cerekeye uwo turiko turaganira. Mu nyuma, ndagerageza kwibuka ivyo uwo twayaze yambwiye kugira menye ikibazo nomubaza mu kiyago gikurikira.»​—Vyavuzwe na Tamara.

     Uriyubara: Ntuhagarike umutima ku bijanye n’ivyo uza kuvuga ubukurikira. Wumvirije witonze, woshobora kugira ico uvuze ku bijanye n’ivyo uwo muriko murayaga yavuze.

     Ico Bibiliya ivuga: ‘Nunyaruke kwumva, utebe kuvuga, utebe gushavura.’​—Yakobo 1:19.

  •    Niwerekane ko witwararika abandi. Niwitwararika uwo muriko murayaga, uzorushiriza guhimbarirwa ikiyago muzogiranira.

     «Niwatuma uwo muriko murayaga yumva ko witwararika vy’ukuri ivyo avuga, ikiyago kizoryoha naho vyoshika rimwe na rimwe ukagira ubuyega.»​—Vyavuzwe na Marie.

     Uriyubara: Ntumwinjirire mu buzima. Kumubwira ngo «Wambaye impuzu nziza. Wayiguze angahe?» vyoshobora gutuma yumva ko utamwubashe.

     Ico Bibiliya ivuga: «Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi.»​—Abafilipi 2:4.

 Ni gute worangiza ikiyago? Uwukiri muto umwe yitwa Jordan avuga ati: «Nugerageze kurangiriza ikiyago ku ciyumviro ciza. Urashobora kuvuga ngo “Nahimbawe no kuganira nawe” canke ngo “Uze kugira umusi mwiza.” Ivyo vyocira inzira ikiyago muzogiranira nimwasubira guhura.»