Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nobigenza gute umuvyeyi arwaye?

Nobigenza gute umuvyeyi arwaye?

 Abakiri bato benshi ntibahagarikwa umutima n’ivyo kurwaza. Nakare, hari aho hoba hataragera ko abavyeyi babo batangura kuza baragira ingorane z’amagara.

 Wobigenza gute none igihe umuvyeyi wawe yorwara ukiri muto? Rimbura abakiri bato babiri bahuye n’iyo ngorane.

 Inkuru ya Emmaline

 Mama arwaye indwara ikomeye idakira, ifata ingingo, urukoba n’imitsi.

 Nta muti w’iyo ndwara uhari, kandi mama yagiye arushiriza kuremba mu myaka cumi iheze. Vyarashika amaraso yiwe akagabanuka cane ku buryo ubuzima bwiwe bugeramirwa canke ububabare bukaba bwinshi ku buryo yumva yopfuma apfa.

 Muhira turi Ivyabona vya Yehova, kandi ishengero ryacu ryaraturemesheje cane! Nk’akarorero, hari umwigeme dushaka kungana aheruka kuturungikira agakete atubwira ko adukunda cane kandi ko yiteguriye kudufasha. Biraryoshe kugira umugenzi nk’uwo!

 Bibiliya yaramfashije cane. Nk’akarorero, kimwe mu vyanditswe nkunda cane ni Zaburi 34:18, ivuga iti: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse.” Ikindi ni Abaheburayo 13:6, kivuga giti: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya.”

 Ico canditswe ca nyuma kiranshika ku mutima. Ndatinya rwose ko nzobura mama. Ndamukunda cane, kandi ndakenguruka umusi wose aba ariho. Ico canditswe kiramfasha kubona ko noshobora kwitega kazoza mfise icizigiro, naho hoshika iki.

 Ariko, hari n’ikindi ntinya. Iyo ndwara yandukira ivuye ku bavyeyi. Mama yayikuye kuri mama wiwe, nanje nayikuye kuri mama. Aho si mbeshe, na jewe ndayirwaye. Ariko Abaheburayo 13:6 haranyizeza ko Yehova azoba “umutabazi wanje” no mu bijanye n’iyo ndwara.

 Muri iki gihe, ndagerageza gushima ivyo mfise ubu singume niyumvira ivya kahise canke ngo mpagarike umutima ku vya kazoza. Nohava ntekerwa n’amaganya igihe notangura kugereranya amagara make mama afise ubu n’uko yari ameze imbere yo kurwara. Bibiliya ivuga ko ibigeragezo bidushikira ari ‘ivy’akanya gato kandi bihwahutse’ tubigereranije n’ubuzima budahera tuzoronka butarimwo indwara.​—2 Abakorinto 4:​17; Ivyahishuwe 21:​1-4.

 Ibibazo vyo kuzirikanako: Ni igiki gifasha Emmaline kuguma abona ibintu mu buryo bwiza? Wewe wokora iki kugira ugume ubona ibintu mu buryo bwiza igihe uri mu ngorane?

 Inkuru ya Emily

 Igihe nari mu mashure yisumbuye, papa yaratanguye kuza ararwara akabonge. Yarahindutse aba nk’uwundi muntu ntazi. Kuva ico gihe, papa yaza araterwa n’umubabaro, ubwoba budafise ishingiro, hamwe n’amaganya. Iyo ndwara ayimaranye imyaka 15. Bitegerezwa kuba bimubabaza kuba arengerwa n’umubabaro, naho azi ko ata mvo yumvikana yo kwiyumva gutyo!

 Turi Ivyabona vya Yehova, kandi ishengero turimwo riradushigikira cane. Abo dusenga hamwe baratugaragariza umutima mwiza, baradutahura, kandi nta n’umwe yigeze atuma papa yumva ko ataco amaze mw’ishengero. Mbonye ukuntu papa yihanganira ico kigeragezo bituma ndushiriza kumukunda rwose.

 Ndipfuza ko papa yosubira kumera nka kera. Ntiyarengerwa n’amaganya be n’umubabaro kandi yama anezerewe. Numva mbabaye rwose kubera buri musi ategerezwa guhangana n’umwansi ataboneka ari mu vyiyumviro vyiwe.

 Ariko rero, papa arihata kugira agume abona ibintu mu buryo bwiza. Igihe aheruka guca mu kiringo kibi, yaragize utwigoro two gusoma agace ka Bibiliya buri musi, naho yoba ari imirongo mikeyi gusa. Ivyo vyaramukomeje rwose. Naho umengo ni bito, ivyo vyaramufashije cane. Sinari bwigere numva nishimiye papa kuruta ico gihe kimeze nabi.

 Ndakunda cane icanditswe co muri Nehemiya 8:​10, kivuga giti: “Akanyamuneza ka Yehova [ni] igihome gikomeye canyu.” Ivyo ni vyo. Umunezero ngira ndi mw’ishengero, nkagira uruhara mu bikorwa, biramfasha kumererwa neza mu mutima iyo numva mbabaye kandi nihebuye. Birampa inguvu zimfasha umusi wose. Akarorero ka papa karanyigishije ko mu ngorane izo ari zo zose zoshika, Yehova azokwama ari ho ari kugira amfashe.

 Ibibazo vyo kuzirikanako: Ni gute Emily yafashije papa wiwe igihe yari arwaye? Wofasha gute umuntu arwaye akabonge?