Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Novyifatamwo gute igihe nshikiwe n’ivyago?

Novyifatamwo gute igihe nshikiwe n’ivyago?

 Ivyago bishobora gushikira uwo ari we wese. Bibiliya ivuga ko “abanyarutsi atari bo bene gutsinda isiganwa, n’abanyenkomezi ko atari bo bene gutsinda urugamba.  . .  Ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.” (Umusiguzi 9:11) Aho harimwo n’abakiri bato bamwebamwe bashikiwe n’ivyago. Bavyifashemwo gute? Raba ivyashikiye babiri muri bo.

 REBEKAH

 Abavyeyi banje bahukanye mfise imyaka 14.

 Nibwiye ko abavyeyi banje batahukanye, ko data yari akeneye gusa akanya gatoyi ko kuba ari wenyene. Yarakunda mama, kubera iki yari kumuheba? Kubera iki yari kumpeba?

 Kubwira abandi ivyariko biradushikira, vyarangora cane. Sinashaka kuvyiyumvira. Nama nshavuye naho rimwe na rimwe ntabimenya. Naratanguye kugira ingorane ziterwa n’amaganya, kandi sinasinzira neza.

  Igihe nari mfise imyaka 19, mama yarapfuye ahitanywe na kanseri. Yari umugenzi wanje somambike.

 Ntako nababajwe cane no kubona abavyeyi banje barahukanye, urupfu rwa mama rworwo rwaje rusongera isibe. N’ubu sindasubirana. Gusinzira vyahavuye bimbera urugamba, kandi ndacafise amaganya.

 Muri ico gihe nyene, narubuye ibintu bitandukanye vyamfashije. Nk’akarorero, Imigani 18:1 hatugabisha ko tutokwigungira ukwacu, rero ndagerageza gushira mu ngiro iyo mpanuro.

 Ni kindi kandi, kubera ko ndi Icabona ca Yehova, ndagerageza gusoma ibitabu vyacu biremesha bishingiye kuri Bibiliya. Kimwe mu vyamfashije igihe abavyeyi banje bahukana ni igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​— Inyishu ngirakamaro. Ndibuka canecane ndiko ndasoma mu gitabu ca 2 ikigabane kimwe kivuga ngo “Noba nshobora guhimbarwa ndezwe n’umuvyeyi umwe?”

 Kimwe mu vyanditswe nkunda cane bimfasha kwihanganira amaganya ni Matayo 6:25-34. Ku murongo wa 27, Yezu abaza ati: “Ni nde muri mwebwe mu kwiganyira yoshobora kwongera ku kiringo c’ubuzima bwiwe itambwe a rimwe?”

 Bitebe bitebuke twese tuzoshikirwa n’ibintu bibi, ariko narigiye kuri mama ko uburyo tuvyifatamwo mu bigeragezo ko ari ikintu gihambaye. Yaciye muri vyinshi, uri ukwahukana, mu nyuma naho arwara indwara yomuhitanye. Ariko muri ico gihe cose yagumye abona ibintu mu buryo bwiza, kandi ukwizera Imana kwiwe kwagumye gukomeye gushika kw’iherezo. Sinzokwigera nibagira ivyo yanyigishije ku bijanye na Yehova.

 Ikibazo co kuzirikanako: Ni gute gusoma Bibiliya n’ibitabu bishingiye kuri yo bigufasha kuvyifatamwo neza mu vyago?​—Zaburi 94:19.

 CORDELL

 Igihe nari mfise imyaka 17, narabonye ingene dawe acikana. Kumubura cabaye co kintu kibi kibaho canshikiye mu buzima. Nararengewe n’umubabaro.

 Numva ko atapfuye vy’ukuri, ko uwari apfutswe amashuka atari dawe vy’ukuri. Nibwiye nti: ‘Ejo azoba yikanguye.’ Numva ata co maze kandi nataye ubwenge.

 Mu muryango wacu turi Ivyabona vya Yehova, kandi ishengero ryacu ryaradushigikiye cane igihe dawe yapfa. Baratugaburira, bakadusanga, kandi baratubaye hafi. Ivyo ntibabigize mu misi mikeyi gusa ahubwo igihe kirekire. Kuba baradushigikiye, vyanyeretse ko Ivyabona vya Yehova ari abakirisu b’ukuri.​—Yohani 13:35.

 Icanditswe vy’ukuri candemesheje cane ni ico mu 2 Abakorinto 4:​17, 18. Kivuga giti: “Naho amakuba ari ay’akanya gato kandi ahwahutse, atuzanira ubuninahazwa bw’uburemere burushiriza kuba ubuhebuje kandi bw’ibihe bidahera; mu gihe tugumiza amaso yacu, atari ku biboneka, ahubwo ku bitaboneka. Kuko ibiboneka ari ivy’igihe gito, mugabo ibitaboneka bikaba ivy’ibihe bidahera.”

 Uwo murongo wa 18 wari ukomeye cane kuri jewe. Umubabaro dawe yagize wari uwo akanya gato, ariko ivyo Imana isezerana muri kazoza ni ivy’ibihe bidahera. Urupfu rwa dawe rwatumye nzirikana ukuntu nariko nkoresha ubuzima bwanje maze ndahindura imigambi nari mfise.

 Ikibazo co kuzirikanako: Ni gute ivyago bigushikira bigufasha gusubira kwihweza imigambi ufise mu buzima?​—1 Yohani 2:17.

a Ni itambwe ry’ukuboko uciriye mu nkokora. Itambwe rimwe ni nka santimetero 45.