Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Bibiliya yomfasha gute?​—Igice ca 2: Nutume gusoma Bibiliya bikuryohera

Bibiliya yomfasha gute?​—Igice ca 2: Nutume gusoma Bibiliya bikuryohera

 Umuyabaga yitwa Will avuga ati: “Gusoma Bibiliya birashobora gusa n’ibirambira igihe utazi uburyo bwiza bwo kuyisoma.”

 Woba woshima kumenya ibintu vyotuma gusoma Bibiliya bikuryohera? Iki kiganiro kiragufasha.

 Nubone mu bwenge ivyo uriko urasoma

 Niwihe ishusho mu bwenge y’ivyo uriko urasoma. Urashobora gukoresha ubu buryo bukurikira:

  1.   Nuhitemwo inkuru yo muri Bibiliya ushaka kwiga. Urashobora guhitamwo ikintu cabaye kivugwa muri Bibiliya canke icanditswe kinaka co mu Njili, canke ugahitamwo kimwe muri vya bikino bishingiye ku busomyi bwa Bibiliya biri kuri jw.org.

  2.   Nusome iyo nkuru. Woshobora kuyisoma uri wenyene canke ukayisoma uri kumwe n’incuti canke abagenzi. Umwe yoshobora kuba uwubara inkuru, abandi bakaza barasoma ivyavuzwe n’abandi bantu bavugwa muri Bibiliya.

  3.   Nugerageze kimwe canke ibirenga muri ibi vyiyumviro:

    •   Nucape ibivugwa muri iyo nkuru, canke ucape amashusho atandukanye yerekana ingene ibivugwamwo vyagiye birakurikirana. Iruhande ya buri shusho niwandike utujambo tugufi dusigura ibiriko biraba.

    •   Igihe usoma inkuru y’umuntu w’umwizigirwa, niwandike kamere yagaragaje canke ibikorwa yakoze n’imihezagiro yironkeye.

    •   Fata ko uri umumenyeshamakuru maze ushikirize iyo nkuru nk’aho woba uriko urashikiriza amakuru. Nuyishikirize ufatiye ku ruhande rw’umwumwe wese mu bavugwa muri iyo nkuru, uce ubaza ibibazo abantu nyamukuru bavugwamwo hamwe n’abiboneye ivyariko biraba.

    •   Nimba umwe mu bavugwa muri iyo nkuru yarafashe ingingo itabereye, niwiyumvire ico yari gukora kugira avyifatemwo neza. Nk’akarorero, rimbura ya nkuru y’ukuntu Petero yihakanye Yezu. (Mariko 14:66-72) Petero yari gushobora gute kuvyifatamwo neza?

    •   Nimba wumva ko ushoboye kwitororokaniriza ivyiyumviro vyawe bwite, ca ujako wandike igikino wisunze iyo nkuru ivugwa muri Bibiliya. Nushiremwo n’ivyigwa twokwigira kuri iyo nkuru.​—Abaroma 15:4.

      Nubone mu bwenge ivyo usoma muri Bibiliya

 Nugire ubushakashatsi

 Usuzumye utuntu tw’ido n’ido tuvugwa mu nkuru yinaka, urashobora kwibonera ubutunzi bwinyegejemwo. Hari igihe usanga ijambo rimwe gusa canke abiri yo mu nkuru yinaka atekeye insobanuro idasanzwe.

 Nk’akarorero, gereranya Matayo 28:7 na Mariko 16:7.

  •   Kubera iki Mariko yashizemwo ivy’uko Yezu yagira yiyereke abigishwa “na Petero”?

  •  Icogufasha kuronka inyishu: Mariko ntiyiboneye ivyo bintu; biboneka ko ivyo yanditse yabibwiwe na Petero.

  •  Ubutunzi bwinyegeje muri iyo nkuru: Ni kubera iki Petero ashobora kuba yarahumurijwe no kwumva ko Yezu yashaka gusubira kumubona? (Mariko 14:66-72) Yezu yerekanye gute ko ari umugenzi nyakuri wa Petero? Ni gute wokwigana Yezu maze ukabera abandi umugenzi mwiza?

 Igihe ubaye nk’uwubona mu bwenge ivyo uriko urasoma kandi ukagira ubushakashatsi ku tuntu tw’ido n’ido, gusoma Bibiliya birarushiriza kukuryohera.