Zaburi 94:1-23

  • Gusaba Imana ngo yihore ababisha

    • «Ababisha bazogeza ryari kwishira hejuru?» (3)

    • Hahiriwe uwo Yehova akosora (12)

    • Imana ntizoheba abantu bayo (14)

    • «Abategura ivyago bitwaje amategeko» (20)

94  Ewe Yehova, Mana yihora ababisha+,ewe Mana yihora ababisha, nubereke ico uri!   Ewe Mucamanza w’isi+, nuhaguruke! Nusubirize mu nkoko abantu bibona+.   Mbega ababisha bazogeza ryari ga Yehova,bazogeza ryari kwishira hejuru+?   Bapfa ivyo bavuze kandi bakabivugana ubwishime.Inkozi z’ikibi zose ziguma ziyemera.   Ewe Yehova, barafyonyora abantu bawe+,bagacinyiza intoranwa yawe.   Barica umupfakazi na kavamahanga,bakica n’abana b’impfuvyi.   Bavuga ngo: «Yehova* nta vyo abona+.Imana ya Yakobo nta vyo inezwe+   Mwa bijuju mwe, muzokwerekana ryari ko mufise ubukerebutsi*+?Nimutahure ibi mwa mburabwenge mwe:   Mbega uwaremye* ugutwi, ntashobora kwumva? Canke uwaremye ijisho, ntashobora kubona+? 10  Umwe akosora amahanga, ntashobora kubahana+? Ni we atuma abantu baca ubwenge+. 11  Yehova arazi ivyiyumviro vy’abantu,arazi ko ari impemu gusa+. 12  Ewe Yehova*, hahiriwe umuntu ukosora+,uwo wigisha itegeko ryawe+, 13  kugira agume yitekaniye mu misi y’ivyago,gushika ababisha bimbiwe icobo+. 14  Kuko Yehova atazoheba abantu biwe+,canke ngo ate intoranwa yiwe+. 15  Emwe, hazosubira gucibwa imanza zigororotse,kandi abantu bose b’umutima ugororotse bazozisunga. 16  Ni nde azongwanira akankiza ababisha? Ni nde azomfasha kurwanya inkozi z’ikibi? 17  Iyo Yehova atamfasha,mba narapfuye kera+. 18  Igihe navuga nti: «Ikirenge canje kiriko kiranyerera», urukundo* rwawe, ewe Yehova, rwagumye runshigikira+. 19  Igihe amaganya* yari yandengeye*,warampumurije wongera urampoza+. 20  Mbega wokwunga urunani n’abategetsi* bononekaye,kandi bariko bategura ivyago bitwaje amategeko*+? 21  Bagaba ibitero bikomeye ku mugororotsi+,bagacira urwo gupfa umuntu w’intungane*+. 22  Ariko Yehova azombera ubuhungiro butekanye*.Imana yanje ni yo gitandara mpungirako+. 23  Azotuma ibibi bakora bibagarukako+. Azobahonya* kubera ububisha bwabo. Yehova Imana yacu azobahonya+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «ko mufise ugutahura kwimbitse.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwateye.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ivyiyumviro bidurumbanya.»
Canke «yari menshi muri jewe.»
Canke «abacamanza.» Mu giheburayo havuga ngo «intebe y’ubwami.»
Canke «ingingo bashinga.»
Mu giheburayo havuga ngo «bakavuga ko amaraso y’intungane yagirwa n’icaha.»
Canke «ahantu hataramutse hatekanye.»
Mu giheburayo havuga ngo «azobanumya.»