Zaburi 34:1-22

  • Yehova ararokora abasavyi biwe

    • «Nimuze duhayagize izina ryiwe!» (3)

    • Umumarayika wa Yehova aradukingira (7)

    • «Nimuhonje mwumve ingene Yehova aryoshe» (8)

    • «Nta na rimwe mu magufa yiwe bavunye» (20)

Ni zaburi ya Dawidi. Ijanye n’igihe yigira umusazi+ imbere ya Abimeleki, na we agaca amwirukana akagenda. א [Alefu] 34  Nzoshemeza Yehova ibihe vyose.Nzokwama ndamushemeza n’akanwa kanje. ב [Beti]   Nzokwama nirata kubera Yehova+.Abitonda bazovyumva banezerwe. ג [Gimelu]   Nimuninahaze Yehova hamwe nanje+.Nimuze duhayagize izina ryiwe! ד [Daleti]   Narasiguje Yehova, na we aranyishura+. Yarankijije ivyari binteye ubwoba vyose+. ה [He]   Abamwitegereje barakayanganye mu maso.Ntibazokwigera bamaramara. ז [Zayini]   Uyu murushwa yaratabaje, Yehova aramwumva. Yaramurokoye mu marushwa yiwe yose+. ח [Heti]   Umumarayika wa Yehova akikuje abatinya Imana+,kandi arabarokora+. ט [Teti]   Nimuhonje mwumve ingene Yehova aryoshe+.Hahiriwe umuntu amuhungirako. י [Yodi]   Nimutinye Yehova yemwe beranda biwe mwese,kuko abamutinya ata co bigera babura+. כ [Kafu] 10  Mbere n’intambwe zikomeye* zoshobora kwicwa n’inzara,ariko abarondera Yehova nta ciza na kimwe bigera babura+. ל [Lamedi] 11  Nimuze bane banje munyumvirize.Nzobigisha gutinya Yehova+. מ [Memu] 12  Ni nde muri mwebwe yipfuza guhimbarwa mu buzimano kwiberaho igihe kirekire ahimbawe+? נ [Nuni] 13  Narinde rero ururimi rwiwe kuvuga ibibi+,n’iminwa yiwe ayirinde kuvuga ibinyoma+. ס [Sameki] 14  Nareke ikibi, akore iciza+.Narondere amahoro, ayakurikirane+. ע [Ayini] 15  Amaso ya Yehova ari ku bagororotsi+,kandi amatwi yiwe arumva ugutabaza kwabo+. פ [Pe] 16  Ariko Yehova arwanya abakora ibibi,kugira abarandure ntibasubire kwibukwa kw’isi+. צ [Tsade] 17  Abagororotsi baratabaje kandi Yehova yarabumvise+,maze abakiza amarushwa yabo yose+. ק [Kofu] 18  Yehova ari hafi y’abavunitse umutima+.Akiza abadendebukiwe mu mutima*+. ר [Reshi] 19  Ibigeragezo* vy’umugororotsi ni vyinshi+,ariko Yehova arabimukiza vyose+. ש [Shini] 20  Azigama amagufa yiwe yose,nta na rimwe muri yo bavunye+. ת [Tau] 21  Ababisha bazokwicwa n’ivyago.Abanka umugororotsi bazokwagirwa n’icaha. 22  Yehova acungura ubuzima bw’abasavyi biwe.Mu bamuhungirako nta n’umwe azokwagirwa n’icaha+.

Utujambo tw'epfo

Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «abajanjaguritse mu mutima.»
Canke «ivyago», «ingorane.»