Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Noba nkwiye kugirisha tatuwaje?

Noba nkwiye kugirisha tatuwaje?

 Kubera iki abantu babikunda?

 Umusore umwe yitwa Ryan avuga ati: “Tatuwaje zimwezimwe usanga ari nziza cane.”

 Imvo ituma umuntu yishushanya ku mubiri (ivyo bita tatuwaje) yoshobora gutuma ubigirisha canke ntubigirishe. Nk’akarorero, umukobwa w’umuyabaga yitwa Jillian avuga ati: “Hari umukobwa umwe twiganye. Akiri muto nyina wiwe yarapfuye. Ageze mu buyabaga yaragirishije tatuwaje y’izina rya nyina wiwe kw’izosi. Nibaza ko tatuwaje nk’iyo ari nziza cane.”

 Imvo ibituma yaba iyihe, urakwiye kwiyumvira witonze imbere y’uko ufata ingingo yo gushira ku mubiri wawe ikintu kitazokwigera kivako! Nimba uriko uriyumvira kugirisha tatuwaje, ni ibibazo ibihe ukwiye kwibaza? Vyongeye, ni impanuro izihe zo muri Bibiliya zogufasha gufata ingingo nziza?

 Ni ibibazo ibihe ukwiye kwibaza?

 Bifise ingaruka izihe ku magara? Urubuga rwa internet rw’ibitaro bimwe (Mayo Clinic) ruvuga ruti: “Tatuwaje irakata urukoba, ivyo bikaba bisobanura ko aho hantu hashobora gusebura canke hakagira izindi ngorane. Birashika hirya no hino ya tatuwaje hakavyimba. Inkovu y’aho tatuwaje yaciye na yo nyene irashobora kuvyimba.” Urwo rubuga rwongerako ruti: “Igihe ibikoresho vyakoreshejwe mu kugira tatuwaje vyandujwe n’amaraso arimwo imigera, urashobora kwandura indwara zandukira biciye mu maraso.”

 Vyogira ingaruka izihe ku kuntu abandi bakubona? Uvyemera canke utavyemera, ukuntu uboneka biragira ico bikoze ku kuntu abandi bakwiyumvira. Birerekana ko wiyumvira nk’umuntu akuze canke nk’umwana, ko witaho ibintu canke ata co unezwe. Umuyabaga yitwa Samantha avuga ati: “Igihe cose mbonye umuntu afise tatuwaje, nca mbona ko ari umuntu yatwawe n’inzoga n’ikirori.”

 Melanie w’imyaka 18 abibona ukundi. Avuga ati: “Tatuwaje zirahisha ubwiza umuntu asanganywe. Ni nk’aho abazigirisha bataba bashaka ko umuntu abona ico bari koko, akaba ari co gituma binyegeza inyuma yazo.”

 Woba uzokwama ubikunda? Uko haca igihe, kuvyibuha canke mbere kwiterera mu myaka birashobora gutuma tatuwaje ihinduka. Umusore yitwa Joseph avuga ati: “Ndamaze kubona ukuntu tatuwaje isigara imeze inyuma y’imyaka mirongo: ntiba igisa neza.”

 Uwitwa Allen w’imyaka 21 avuga ati: “Akenshi tatuwaje abantu barazihararuka. Ico umuntu yahora abona ko gihambaye, inyuma y’imyaka nk’ingahe yoshobora kubona ko ari igisanzwe.”

 Iciyumviro ca Allen ni co. Mu bisanzwe, uko umuntu agenda arakura, ivyiyumviro vyiwe birahinduka n’ivyo akunda bigahinduka, ariko tatuwaje iri ku mubiri wiwe ntihinduka. Umugore akiri muto yitwa Teresa avuga ati: “Kugirisha tatuwaje ata kindi inyibutsa atari ubusazi naciyemwo, ni ikintu ntoshima kwongera ku bintu nzokwicuza mu nyuma.”

 Ni impanuro izihe zo muri Bibiliya zogufasha?

 Umuntu azi ubwenge arafata umwanya wo kuzirikana yitonze imbere yo gufata ingingo. (Imigani 21:5; Abaheburayo 5:14) Ku bw’ivyo, nurimbure izi mpanuro zo muri Bibiliya zijanye n’ico kibazo.

  •  Abakolosayi 3:20: “Yemwe bana, mugamburukire abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo bihimbaye rwose mu Mukama.”

      Ni ingorane izihe zogushikira nimba ukibana n’abavyeyi ariko ukirengagiza impanuro baguha?

  •  1 Petero 3:​3, 4: “Ugushaza kwanyu ntikube ukwo gutsiba imishatsi kw’inyuma be n’ukwo kwambara udusharizo tw’inzahabu canke ukwambara impuzu zo hejuru, ahubwo kube wa muntu yihishije wo mu mutima mu vyambarwa bitabora vy’umutima utekereje kandi witonda.”

      Wibaza ko ari kubera iki Bibiliya ishimika ku kwitwararika “umuntu yihishije wo mu mutima”?

  •  1 Timoteyo 2:9: ‘Abagore bisharize mu rupfasoni no mu kurorana kw’umuzirikanyi.’

      Ijambo “urupfasoni” risobanura iki? Uko biri kwose, ni kubera iki urupfasoni rufise agaciro kuruta tatuwaje?

  •  Abaroma 12:1: “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana, igikorwa ceranda kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira.”

      Ni kubera iki ivyo tugira ku mubiri wacu bihambaye ku Mana?

 Bisunze ivyo bintu vyose, abantu benshi barafashe ingingo yo kutagirisha tatuwaje. Ahubwo basanze hari ibindi bintu vyiza kuruta tatuwaje. Teresa avuga ati: “Nimba hari icivugo ukunda cane canke umuntu ufise ku mutima, nugendere ico civugo canke ubwire uwo muntu ko umukunda cane. Aho kugirisha tatuwaje, nugendere ivyo wemera.”