Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nobigenza gute umugenzi ambabaje?

Nobigenza gute umugenzi ambabaje?

 Ico ukwiye kumenya

  •   Nta zibana zidakomanya amahembe. Kubera ko tudatunganye, umugenzi wawe, mbere n’urya ubona ko ari somambike, arashobora gukora canke kuvuga ikintu kikubabaza. Ariko na wewe ntutunganye. Kandi tutabeshanye, nawe uramaze kubabaza uwundi muntu.​—Yakobo 3:2.

  •   Internet irashobora gutuma umuntu ababazwa n’ubusa. Nk’akarorero, umuyabaga yitwa David avuga ati: “Uri kuri internet ukabona ifoto y’umugenzi wawe ari mu kirori, urashobora guca utangura kwibaza igituma atagutumiye. Ivyo birashobora kukubabaza, ukabona ko yaguhevye.”

  •   Urashobora gutorera umuti iyo ngorane.

 Ico wokora

 Niwisuzume. Bibiliya ivuga iti: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe, kuko ukubabara ari kwo gucumbitse mu gikiriza c’ibijuju.”​—Umusiguzi 7:9.

 “Hari igihe ubiraba neza, ugasanga wababajwe n’ubusa.”​—Alyssa.

 Zirikana kuri iki kintu: Woba uri inkomwahato? Woba wokwiga kwirengagiza udukosa tw’abandi?​—Umusiguzi 7:21, 22.

 Rimbura ivyiza biva ku kubabarira. Bibiliya ivuga iti: “Kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza.”​—Imigani 19:11.

 “Naho woba ufise imvo yumvikana yo gushavura, ni vyiza kubabarira ata gahigihigi kandi ntugume wibutsa uwo muntu ikosa yagukoreye, bigatuma yama ariko aragusaba ikigongwe. Umaze kumubabarira, fata ko biheze.”​—Mallory.

 Zirikana kuri iki kintu: Yoba ari ingorane ikomeye? Woba woshobora kumubabarira kugira uzigame amahoro?​—Abakolosayi 3:13.

Kwama mwicarira ingorane yose mugiraniye n’umugenzi bimeze nko kuguma wugururira imbeho ikinjira ahantu hasusurutse

 Ntiwiyumvire ivyawe gusa. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:4.

 “Igihe mukundana n’umugenzi wawe kandi mukubahana, biratuma wihutira gutorera umuti ingorane mugiranira kubera ko uha agaciro ubucuti mufitaniye. Uba waragize akigoro kugira mube abagenzi, ntiwokwipfuza rero kubutakaza.”​—Nicole.

 Zirikana kuri iki kintu: Ubwo nta ciza na kimwe ubona mu kuntu uwo mugenzi wawe abona ibintu?​—Abafilipi 2:3.

 Iciyumviro nyamukuru: Kuvyifatamwo neza igihe abandi bakubabaje bizogufasha n’igihe uzoba umaze gukura. Nube uravyiga hakiri kare.