Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki ngo ntibanyinjirire mu buzima?

Nokora iki ngo ntibanyinjirire mu buzima?

 Kubera iki abavyeyi bavyinjiramwo?

 Abavyeyi bawe bavuga ko ari ukukwitwararika. Ariko wewe ubona ko ari ukukwinjirira mu buzima. Nk’akarorero:

  •   Umuyabaga yitwa Erin avuga ati: “Papa arafata telefone yanje, akansaba kode agaca araba amamesaje yanje yose. Ngize ngo ndavuga, aca yiyumvira ko hari ikintu nyegeje.”

  •   Denise, arengeje gatoyi imyaka 20. Mama wiwe yahora asuzuma neza urupapuro rwerekana abo bagiye baraterefona na telefone yo mu nzu. Denise avuga ati: “Yararaba inomero yose yariko akambaza nyeneyo n’ivyo twavuganye.”

  •   Umuyabaga yitwa Kayla avuga ko mama wiwe yasomye agakaye yandikamwo utuntu twiwe tw’ibanga. Yongerako ati: “Nari naranditsemwo utuntu twanje twinshi mbere n’ivyerekeye mama. Kuva ico gihe naciye mpeba kuza ndandika mu dutabu.”

 Iciyumviro nyamukuru: Abavyeyi bawe bajejwe ineza yawe kandi ivyo bakora vyose ngo bashitse iryo banga ntiwobicunga ngo ubishobore. Vyoba bizoshika bagasa n’abarenza urugero? Kumbure. Ariko igishimishije ni uko hariho ibintu wokora kugira ntugume ubona ko bariko barakwinjirira mu buzima.

 Ico wokora

 Vugisha ukuri. Bibiliya ituremesha “kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Abaheburayo 13:18) Ubona gute ubigerageje? Abavyeyi bawe nibabona ko uri umuntu avuga ukuri kandi ata co ahisha, bizokworoha ko na bo bakwubahiriza.

 Zirikana gatoyi: Umaze kwerekana ko uri umwizigirwa ku rugero rungana iki? Woba utitaho amasaha bagushingiye yo gutahirako? Woba unyegeza abagenzi ufise? Woba uhishahisha ivyo ukora?

  “Ntegerezwa guhuza n’abavyeyi banje. Ndababwira ntabahisha ibijanye n’ubuzima bwanje. Ivyo bakeneye kumenya vyose ndabibabwira, na bo baca banyizigira kandi bakanyubahiriza.”​—Delia.

 Niwihangane. Bibiliya ivuga iti: “Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.” (2 Abakorinto 13:5) Kugira werekane ko uri umwizigirwa bifata igihe, ariko ako kigoro si ak’impfagusa.

 Zirikana gatoyi: Abavyeyi bawe na bo barigeze kuba imiyabaga. Woba uca ubona igituma bitwararika ibijanye n’ubuzima bwawe?

 “Nibaza ko abavyeyi bibuka amakosa bakoze bakaba badashaka ko abana babo b’imiyabaga bayagwamwo.”​—Daniel.

 Niwishire mu kibanza cabo. Gerageza kubona ibintu nk’uko abavyeyi bawe babona. Bibiliya ivuga yuko umugore abishoboye ‘acungera imirimo y’urugo rwiwe’ kandi ko sebibondo mwiza arera abana biwe “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Imigani 31:27; Abanyefeso 6:4) Kugira rero ivyo bishoboke ni ngombwa ko abavyeyi bawe bamenya ibijanye n’ubuzima bwawe.

 Zirikana gatoyi: Iyo uba uri umuvyeyi, uzi n’ibishikira imiyabaga, aho worekerana umwana wawe ntihagire ikintu na kimwe urondera kumenya ku bijanye n’ubuzima bwiwe?

“Ukiri umuyabaga, ubona umengo abavyeyi bawe bariko barakwinjirira mu buzima. Ariko ubu maze gukura ndabona igituma bakwiye kubigira. Ni uburyo bwo kutwereka ko badukunda.”​—James.