Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Hoba hari imiziki ntakwiye kwumviriza?

Hoba hari imiziki ntakwiye kwumviriza?

 “Iyo mvyutse, ndavuza akaziki. Ndi mu muduga, ndavuza akaziki. Iyo ndi muhira nduhutse, ndiko ngira isuku canke ndiko ndasoma, akaziki kagumamwo. Emwe, umuziki turamana!”​—Carla.

 Woba ukunda umuziki nk’ukwo kwa Carla? Nimba ari ukwo, iki kiganiro kiragufasha kubona akabi n’akeza k’umuziki kugira ngo uhitemwo neza uwo wokwumviriza.

 Ivyiza

 Kwumviriza umuziki twobigereranya no gufungura. Muri ivyo vyompi, kugira ngo umuntu bimugendere neza abwirizwa guhitamwo neza no kwigerera. Rimbura ibi:

  •   Umuziki urashobora kuruhurira umutwe.

     “Iyo numva meze nabi, nca nshiramwo umuziki nkunda ngaca numva nduhutse.”​—Mark.

  •   Umuziki urashobora kukwibutsa aka kera.

     “Akenshi, hari umuziki numva ukanyibutsa ibintu vyiza, ivyo bituma igihe cose ndawumvise nca ndyoherwa.”​—Sheila.

  •   Umuziki urashobora gutuma haba ukwunga ubumwe.

     “Igihe naja ku gikorane mpuzamakungu c’Ivyabona vya Yehova, abari bahari bose bararirimvye ururirimbo rusozera, nca ndakorora amosozi. Naho twese tutari duhuje ururimi, uwo muziki waratumye twunga ubumwe.”​—Tammy.

  •   Umuziki urashobora kugufasha kuba umuntu ameze neza.

     “Kwiga kuvuza igicurarangisho biragufasha kuba umuntu yigumya kandi yihangana. Si ibintu wiga mu kanya isase. Kugira ngo ubimenye neza bigusaba kwimenyereza.”​—Anna.

 Wari ubizi? Igitabu kinini kurata ibindi muri Bibiliya citwa Zaburi, kikaba kigizwe n’indirimbo 150.

Hitamwo umuziki wumviriza nka kurya uhitamwo ivyo ufungura

 Ibibi

 Imiziki imwimwe irashobora guteza ingorane, nka kurya nyene kw’ibifungurwa bimeze nabi. Raba igituma.

  •   Imiziki myinshi irimwo amajambo y’ibishegu.

     “Imiziki nka yose iharawe usanga yuzuyemwo ibishegu. Mbere ubu bivugwa amenya.”​—Hannah.

     Bibiliya ivuga iti: “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe.” (Abanyefeso 5:3) Niwibaze uti: ‘Imiziki numviriza yoba ituma ntagendera iyo mpanuro?’

  •   Hari imiziki ishobora gutuma ubabara.

     “Hari igihe ndara maso ndiko ndumviriza imiziki ituma niyumvira ibintu bintera agahinda. Imiziki yo gucura intimba ituma ngira ivyiyumviro bibi.”​—Tammy.

     Bibiliya ivuga iti: “Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa.” (Imigani 4:​23) Niwibaze uti: ‘Imiziki numviriza yoba ituma nca ngira ivyiyumviro bibi?’

  •   Hari imiziki ivyura ishavu.

     “Imiziki irimwo ishavu, ukwiyanka be n’urwanko, mbona ko irimwo akaga kihishije. Iyo numvirije mwene iyo miziki narabonye ko ivyiyumviro bica bihinduka. N’abo muhira baramaze kubibona.”​—John.

     Bibiliya ivuga iti: “Nimuvyikunkumure koko vyose: uburake, ishavu, ububi, ugutukana, n’amajambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.” (Abakolosayi 3:8) Niwibaze uti: ‘Imiziki numviriza yoba ituma nca nkara, kumbure siniteho n’ukuntu abandi biyumva?’

 Muri make: Ukwiye guhitamwo neza. Ico nyene ni co umuyabaga yitwa Julie agerageza gukora. Avuga ati: “Nguma nsuzuma imiziki mfise, nkaza ndafuta iyitabereye. Naho bitama vyoroshe, ndazi ko ari vyo bibereye.”

 Umwigeme umwe yitwa Tara na we nyene ariko arabigerageza. Avuga ati: “Hari igihe kw’iradiyo bavuza umuziki ufise umudundo usara, ariko numvirije amajambo yawo ngaca mbona ko nkwiye guhindura uwo murongo. Kubigira ni nko guheba umukate uryoshe umaze kuwusemura rimwe gusa! Nimba nshoboye kwamirira kure umuziki uvuga ivy’ibitsina, bizokworoha ko namirira kure ivyo guhuza ibitsina imbere yo kwubaka urwanje. Sinshaka gufatira mu rwara akosho umuziki ushobora kugira kuri jewe.”