Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokwifata gute igihe nakoze ikosa?

Nokwifata gute igihe nakoze ikosa?
  •  Wewe wokora iki?

  • Imvo zitatu zotuma wemera amakosa yawe

  • Ingene wokwigira ku makosa yawe

 Wewe wokora iki?

 Soma ivyashikiye Karina, hama wishire mu kibanza ciwe nk’aho ari wewe biriko birashikira. Wokora iki ari wewe?

 Karina: “Nariko ndiruka cane n’umuduga nja kw’ishure, umupolisi aca arampagarika maze ampereza igitansi c’amande. Narababaye cane! Narabibwiye mama, aca antegeka yuko ndabibwira papa, ivyo nkaba ntashaka kubikora.”

  Wewe wokora iki?

  1.  A: Nokwinumira nizigiye ko papa atazogenda abimenye.

  2.  B: Nobwira papa ivyabaye ata co nyegeje.

 Woshobora kwumva wohitamwo iciyumviro ca A. Nakare mama wawe yoshobora kwibwira ko wagiye kwa papa ukamubwira ikosa wakoze. Mugabo hariho impamvu zihambaye zikwiye gutuma udahisha amakosa wakoze, ryaba ari ikosa rijanye n’ugutwara umuduga canke irindi.

Imvo zitatu zotuma wemera amakosa yawe

  1.  1. Ni co kintu kibereye wokora. Mu kudondora inyifato ikwiye kuranga abakirisu, Bibiliya igira iti: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Abaheburayo 13:18.

     ““Narakoze ndatama kugira nshobore kuba inzirabugunge, nemere ingaruka z’ivyo nkora nongere nemere ikosa nkimara kurikora.”​—Alexis.

  2.  2. Biroroshe kubabarira umuntu yemera ikosa. Bibiliya ivuga iti: “Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi.”​—Imigani 28:13.

     “Bisaba umutima rugabo kugira umuntu yemere ikosa, ariko biratuma abandi bakwizigira. Barabona ko uri imvugakuri. Iyo wemeye ikosa, uba utumye ikintu kibi gihinduka ciza.”​—Richard.

  3.  3. Igihambaye kuruta vyose, birahimbara Yehova Imana. Bibiliya ivuga iti: “Umunyamayeri [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova, mugabo kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.”​—Imigani 3:​32.

     “Maze gukora ikosa rikomeye, naratahuye ko nari nkeneye gutera intambwe nkaryemera icese. Nta kuntu Yehova yari kumpezagira ntakoze ibintu nk’uko agomba.”​—Rachel.

 None Karina yavyifashemwo gute igihe yakora ikosa? Yaragerageje kunyegeza se ca gitansi. Ariko rero umusi uri izina cogiye ahabona. Karina agira ati: “Haciye nk’umwaka, papa yariko araraba impapuro za asiransi aca arabona igitansi kiriko izina ryanje. Vyaranteye ingorane, mbere na mama yarashavuye kubona ntabigenjeje nk’uko yari yambwiye!”

 Icigwa: Karina avuga ati: “Guhisha amakosa nta kindi bivamwo atari ukwunyura ibintu. Bitebe bitebuke uravyishura!”

Ingene wokwigira ku makosa yawe

 Twese turakora amakosa. (Abaroma 3:​23; 1 Yohani 1:8) Kandi nk’uko twabibonye, kwemera ikosa tudatebaganye birerekana ko twicisha bugufi be n’uko turi abantu bakuze.

 Intambwe ikurikira ni ukwigira ku makosa yawe. Ikibabaje, abakiri bato bamwebamwe barahomba ako karyo! Boshobora kwiyumva nk’uko umuyabaga umwe yitwa Priscilla yigeze kwiyumva. Yavuze ati: “Narumva ncitse intege cane kubera amakosa nakora. Narikengera, amakosa yanje rero wamenga ni umuzigo amahero ntari nshoboye kwikorera. Narata umutwe ku buryo niyumvira ko kabaye ntakivayo.”

 Vyoba bishika ukiyumva gutyo? Nimba bishika, niwibuke iki kintu: kuguma ushize umutima ku makosa yo muri kahise bimeze nko gutwara umuduga ugumiza amaso kuri ca kiyo cereka umushoferi ibiri inyuma. Kwibanda kuri kahise nta kindi bivamwo atari ugutuma wumva ko utabereye be n’uko udashoboye guhangana n’ingorane ziri imbere.

 Ubona none utari ukwiye kurushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza?

 “Tereza amaso inyuma ku makosa wakoze, uhakure icigwa kugira ntusubire kuyakora. Mugabo ntushire umutima cane kuri yo ku buryo atuma ucika intege.”​—Elliot.

 “Ndagerageza kubona amakosa nk’akaryo ko kwiga, maze rimwe ryose nkarikuramwo icigwa kizomfasha kuba umuntu mwiza gusumba no kuvyifatamwo mu buryo butandukanye ikindi gihe. Iyo ni yo nyifato nziza wogira kuko ituma utera imbere.”​—Vera.