Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Vyoba ari vyiza gukora ibintu vyinshi icarimwe?

Vyoba ari vyiza gukora ibintu vyinshi icarimwe?

 Woba woroherwa no gukora ibintu vyinshi icarimwe?

 Woba ushoboye gukora ibikorwa bitandukanye mu mwanya umwe? Abantu benshi bibaza ko abatanguye gukoresha ivyuma vya none kuva bakiri bato boroherwa kuruta no gukora ibikorwa vyinshi mu mwanya umwe ugereranije n’abatanguye kubikoresha bakuze. None ivyo vyoba ari ukuri koko?

 NI VYO canke SI VYO

  •   Gukora ibikorwa bitandukanye mu mwanya umwe bituma ibikorwa vyihuta.

  •   Urashobora kwimenyereza gukora ibikorwa vyinshi mu mwanya umwe.

  •   Abakiri bato barashobora gukora ibikorwa vyinshi mu mwanya umwe kuruta abitereye mu myaka.

 Nimba muri ivyo vyiyumviro hari ico wishuyemwo ngo “Ni vyo,” birashoboka ko utaratahura neza ukuri ku bijanye no gukora ibikorwa vyinshi mu mwanya umwe.

 Ukuri ku bijanye no gukora ibintu vyinshi icarimwe

 Woba woshobora gukora ibikorwa bitandukanye mu mwanya umwe? Hariho ibikorwa bimwebimwe vyoshoboka ko ukorera rimwe kandi ntihagire icononekara. Nk’akarorero, urashobora gukoropa neza icumba cawe kandi uriko urumviriza umuziki.

 Ariko hamwe wokorera rimwe ibikorwa bibiri bitandukanye kandi bisaba ko uvyitondera, hari aho vyompi vyohabonera. Ni co gituma umukobwa yitwa Katherine yasiguye ukuntu bigenda iyo ukoreye rimwe ibikorwa vyinshi. Yavuze ati: “Ni ubuhanga bwo kwononera rimwe ibikorwa vyose.”

 “Nariko ndayaga n’umuhungu twari kumwe maze nca ndonka mesaje yihuta. Naragerageje kubikorera rimwe. Ariko nasanze vyinshi mu vyo uwo muhungu yariko aravuga ntavyumvise nongera nandika nabi mesaje nariko ndishura.”​—Caleb.

 Umuhinga mu vyo gukoresha ubuhinga bwa none yitwa Sherry Turkle yanditse ati: “Igihe turiko turakora ibikorwa vyinshi mu mwanya umwe, . . . nta na kimwe muri vyo twitunirako kandi ivyo bituma vyose vyononekara. Iyo turiko turakora ibikorwa bitandukanye mu mwanya umwe, twibaza ngo turiko turakora neza, yamara tugasanga ibintu vyose twabikoze nabi.” a

 “Hari igihe mba ndiko ndaganira n’umuntu ariko nkaba ndiko ndishura na mesaje, nkaca nibaza ko ndabishoboye. Ariko mpora nsanga mbwiye uwo muntu ivyo nari kwandika, nkandika ivyo nari kuvuga.”​—Tamara.

 Abantu bakunze gukora ibikorwa vyinshi mu mwanya umwe basanga bariko bariremereza bidakenewe. Nk’akarorero usanga bibafata umwanya munini kugira baheze udukorwa twabo two kw’ishure, canke ugasanga bibasaba uwundi mwanya wo gusubiramwo ibikorwa baba bibaza ko bahejeje. Amaherezo usanga bakoresheje umwanya munini.

 Ntibitangaje kubona umuhinga umwe mu bijanye n’indwara zo mu mutwe akongera akaba n’umuhanuzi mu vy’amashure avuga ati: “Ubwonko bw’umuntu bumeze nk’akabati kabitsemwo amadosiye apanze neza kandi arimwo amakuru y’ingirakamaro. Ariko ubwonko bw’umuntu akora ibintu vyinshi icarimwe bumeze nk’akabati karimwo ibintu bisanzaye.” b

 “Igihe ugerageje gukora ibintu vyinshi mu mwanya umwe, usanga hari ibintu bimwebimwe bihambaye wirengagije. Ivyo bituma mbere ukoresha inguvu nyinshi kandi bikagutwara umwanya wiyongereye. Uba wibaza ngo uriko uraziganya umwanya ariko atari vyo.”​—Teresa.

Kugerageza gukora ibintu vyinshi icarimwe bimeze nko guca mu mayirabiri

 Uburyo bwiza kuruta

  •   Niwimenyereze kwitunira ku kintu kimwe mu mwanya umwe. Ivyo birashobora kuba urugamba na canecane nimba umenyereye gukora ibintu vyinshi mu mwanya umwe, nko kwiga wongera wandika amamesaje. Ariko Bibiliya ituremesha ‘kwiyemeza neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.’ (Abafilipi 1:10) Ibintu vyose ntibihambaye ku rugero rumwe. Rero nuhitemwo ico woherako maze ucitunireko gushika ukirangije.

     “Ubwonko budashobora kwitunira ku kintu kimwe bumeze nk’umwana yipfuza kwikorera ivyo ashaka vyose. Hari igihe bisaba ko ubwankira ushikamye naho bwoba bwishakira kuguma gutyo.”​—Maria.

  •   Niwigize kure ivyogusamaza. Woba wumva ushaka gutora telefone kandi uriko wiga? Nuyishire kure yawe. Nuzimye televiziyo kandi ureke kuguma wiyumvira imbuga hwaniro. Bibiliya ivuga iti: “Mukoreshe neza umwanya mufise.”​— Abakolosayi 4:5, Easy-to-Read Version.

     “Nasanze ari vyiza cane ko nitunira ku kintu kimwe. Ivyo birampimbara kuko bituma ico mpejeje nca ndagifuta ku rutonde rw’ivyo nari gukora maze nkaca nja ku gikurikira. Ivyo biratuma numva ko hari ico nakoze.”​—Onya.

  •   Nutege yompi ata gusamara. Gukoresha telefone kandi uriko uraganira n’umuntu birashobora gutuma abona ko utamwubashe kandi bigatuma ico kiyago canyu ata co gishikako. Bibiliya iduhanura gufata abandi nk’uko twipfuza ko na bo badufata.​—Matayo 7:12.

     “Hari igihe mba ndiko ndaganira na mushikanje na we akaguma yandika amamesaje canke yikorera utundi tuntu kuri telefone. Birambabaza hamwe numva nopfa. Ariko mvugishije ukuri, na je hari igihe binshikira.”​—David.

a Vyakuwe mu gitabu Reclaiming Conversation.

b Vyakuwe mu gitabu Disconnected.