Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Noshobora gute gutsinda ishavu?

Noshobora gute gutsinda ishavu?

 Umwimenyerezo

  •  Ni kangahe bishika ugashavura?

    •  nta na rimwe

    •  gake kabaho

    •  imisi yose

  •  Ushavuye bigenda gute?

    •  ndigumya

    •  ndakara

    •  ndarungura

  •  Ni nde akunda kugutera ishavu?

    •  umuvyeyi wanje

    •  uwo tuvukana

    •  umugenzi

 Iki kiganiro kiraza kugufasha nimba wipfuza kumenya ingene wotsinda ishavu. Ariko banza urabe igituma bihambaye ko uguma utekanye igihe usomborokejwe.

 Akamaro ko gutsinda ishavu

 Amagara yawe: Mu Migani 14:30 hagira hati: “Umutima utekanye ni ubuzima bw’umubiri.” Mu gihe naho “ishavu rishobora gutera indwara y’umutima” nk’uko vyavuzwe n’ikinyamakuru kimwe c’ivy’ubuvuzi.

 Abagenzi bawe: Bibiliya igira iti: “Ntugiranire ubugenzi n’uwukaza ishavu; kandi ntujane n’umuntu w’ubushangashirwe bwiguburiza.” (Imigani 22:24) Nimba uri umuntu akaza ishavu, ntuzotangare n’ukuba abantu bakwigirwayo. Umwigeme yitwa Jasmine avuga ati: “Nutiga gutsinda ishavu, uzosanga abagenzi bagufitiye akamaro baguciye mu myanya y’intoke.”

 Izina ryawe: Umusore w’imyaka 17 yitwa Ethan avuga ati: “Iyo utazi gutsinda ishavu, abandi barabibona kandi biragira ico bikoze ku kuntu bakubona.” Niwibaze rero uti: ‘Nipfuza kumenyekana ko ndi inkomwahato canke umunyamahoro?’ Bibiliya ivuga iti: “Uwuteba gushavura aba ari n’ugutahura kugwiriye, mugabo uwutihangana aba ariko ashira hejuru ubupfu.”​—Imigani 14:29.

Nta n’umwe yoshima kwiyegereza umuntu afise ishavu rirurumba

 Ivyo wokora

 Nuzirikane kuri iyi mirongo yo muri Bibiliya no ku vyo abandi bakiri bato bavuze uheze wibaze ivyo bibazo vyatanzwe.

  •   Imigani 29:22: “Umuntu akaza ishavu avyura amahane, kandi uwo wese akunda gushangashirwa agira ibigabitanyo vyinshi.”

     Kerri avuga ati: “Nkiri umuyabaga vyarangora cane gutsinda ishavu. Ab’iwabo na dawe na bo nyene barafise iyo ngorane. Twivugira ko ari akoko k’iwacu. Biratugora cane gutsinda ishavu!”

     Niwibaze uti: ‘Noba nkaza ishavu? Nimba binsaba akigoro kugira ntsimbataze kamere nziza, kamere mbi mfise ni zo noca mvuga ko ari akoko?’

  •   Imigani 15:1: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake.”

     Daryl avuga ati: “Umuti ni ukwiga kwigumya. Nimba uri umuntu yiyorosha kandi atibanda ku bitagenda neza, ntuzokwigera ukaza ishavu.”

     Niwibaze uti: ‘Ni kubera iki inyishu ya mbere ntanga iyo nsomborokejwe ihambaye cane?’

  •   Imigani 26:20: “Ahatagira inkwi umuriro urazima.”

     Jasmine avuga ati: “Igihe nishuranye ubuntu akenshi bituma uwundi aturura maze bikatworohera ko tuyaga tutaranze imitsi.”

     Niwibaze uti: ‘Ivyo mvuga canke nkora vyoba bituma umuriro waka?’

  •   Imigani 22:3: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.”

     Gary avuga ati: “Hari igihe mba nkeneye kuba ndatembera kugira mfate umwanya wo kwiyumvira ivyabaye, ivyanshavuje ndabigarukako maze guturura.”

     Niwibaze uti: ‘Ni ryari biba bibereye ko nkura meza mbonye ko imitsi itanguye kuranda ariko ntarinze kwereka uwo muntu ko ndamuteye ibitugu?’

  •   Yakobo 3:2: “Twese dutsitara kenshi.”

     Kerri avuga ati: “Turakwiye kubabazwa n’amakosa dukora ariko kandi tukahakura icigwa. Bishitse naho tukagwa, dukwiye gaca duhaguruka dufise intumbero yo kuzovyifatamwo neza ikindi gihe.”

 Impanuro: Niwishingire umugambi wo kumara ikiringo kinaka, nk’ukwezi kwose, ugume utekanye hagize uwugushavuza; uheze uze urasuzuma uko wavyifashemwo ku musi ku musi.