Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokwikuramwo gute ivyiyumviro bijanye n’igitsina?

Nokwikuramwo gute ivyiyumviro bijanye n’igitsina?

 “Simenya ingene ivyiyumviro bijanye n’igitsina vyanjemwo kandi nta kindi nsubira kwiyumvira. Umengo hari uwundi muntu aba yigaruriye ubwenge bwanje.”​—Vera.

 “Gucungera ivyiyumviro bijanye n’igitsina bisa n’ibidashoboka. Wopfuma unsaba kuguruka naho ntagira amababa.”​—John.

 Woba wiyumva nk’ukwo kwa Vera na John? Nimba ari ukwo, iki kiganiro kirashobora kugufasha.

 Kubera iki bihambaye?

 Umusore yitwa Alex avuga ati: “Muyomba yambwiye ko Imana itari kunshiramwo icipfuzo co guhuza ibitsina iyaba idashaka ko ndabikora.”

 Mu vyo muyomba wa Alex yavuze harimwo ukuri. Imana ni yo yadushizemwo icipfuzo co guhuza ibitsina, kandi yabigize ifise umugambi. Iyaba hatariho irondoka, umuryango w’abantu uba warazimanganye. Kubera iki none ukwiye kwikuramwo ivyiyumviro bijanye n’igitsina? Ehe imvo zibiri zihambaye:

  •   Bibiliya yerekana ko Imana yashinze ko ivyo guhuza ibitsina biba hagati y’umugabo n’umugore bubakanye gusa.​—Itanguriro 1:28; 2:24.

     Nimba wemera ico kintu kandi ukaba utarubaka urwawe, kwigumizamwo ivyiyumviro bijanye n’igitsina ni ukwibabaririza ubusa. Vyoshobora no gutuma worohera inyosha mbi ugakora ubusambanyi, ikintu benshi bakoze ariko mu nyuma bakicuza.

  •   Kwikuramwo ivyiyumviro bijanye n’igitsina birafitaniye isano no kwigumya.​—1 Abakorinto 9:25.

 Kwigumya birambaye cane kugira uroranirwe mu buzima, haba ubu canke muri kazoza. Kanatsinda, ubushakashatsi bwagizwe bwarerekanye ko iyo abana bize kwigumya kuva bakiri bato, bamaze gukura badashikirwa cane n’ingorane z’amagara, imyitwarariko y’amahera canke ngo barenge ku mategeko kenshi. a

 Kubera iki bitoroshe?

 Amahinduka aba mu mubiri igihe umuntu ariko arakura no kuba dukikijwe n’abantu ata kindi barota atari ibijanye n’igitsina, bituma kwikuramwo ivyo vyiyumviro biba urugamba.

 “Hafi ibiganiro vyose bica kuri televiziyo vyerekana ko guhuza ibitsina utarubaka ari vyiza, ko ata ngaruka n’imwe bigira. Biroroshe ko umuntu atwarwa n’ivyiyumviro bibi igihe ivyo guhuza ibitsina utarubaka vyerekanwa ko ata ngorane n’imwe bitera.”​—Ruth.

 “Ku kazi nama numva abariko baravuga amajambo y’ibishegu ngaca ngira urusaku. Ibijanye n’ubuhumbu babifata ibisanzwe ku buryo bitoroshe kubona ko ari bibi.”​—Nicole.

 “Biroroshe kwijajara igihe uriko uraraba amafoto kuri internet. Ifoto imwe yerekana ivy’igitsina irashobora kumata mu bwenge, kuyibagira bikaba ikibazo.”​—Maria.

 Ibintu nk’ivyo birashobora gutuma wiyumva nk’intumwa Paulo, uwanditse ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.”​—Abaroma 7:21.

Ntureke ngo ivyiyumviro bibi vyarike mu bwenge bwawe

 Ico wokora

 Nushire umutima ku bindi bintu. Nurabe ibindi bintu bitajanye n’igitisina wokwiyumvira. Bishobora kuba ari igikorwa ukunda, siporo canke ikindi kintu kiguhimbara cogufasha guhindura ivyiyumviro. Umukobwa yitwa Valerie avuga ati: “Gusoma Bibiliya birafasha. Irimwo ivyiyumviro vy’Imana, kandi igihe ari vyo ushizeko umuzirikanyi, nta mwanya wo kwiyumvira ibindi bintu uronka.”

 Ni vyo, ivyiyumviro bijanye n’igitsina birashobora kukuza mu bwenge. Ariko ni wewe wihitiramwo ico woca ukora. Ushatse urashobora kuvyikuramwo.

 “Umuzirikanyi wanje utanguye kwangara, nca mpindura ivyiyumviro. Ndagerageza kandi kurondera icabiteye, nimba ari umuziki nkwiye gufuta mu yo mfise canke ifoto nkwiye guhanagura.”​—Helena.

 Ico Bibiliya ivuga: “Ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, . . . bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira.”​—Abafilipi 4:8.

 Nuhitemwo abagenzi beza. Nimba abagenzi bawe baguma bavuga ibijanye n’igitsina, bizokugora kwirinda ivyiyumviro bitabereye.

 “Nkiri umuyabaga, vyarangora cane gucungera ivyiyumviro vyanje, kandi ahanini vyaterwa n’abagenzi nari mfise. Igihe uri kumwe n’abantu baguma bavuga ibijanye n’igitsina, bituma ushira umutima ku vyipfuzo vyawe, kandi ivyo nta kindi bivamwo atari ugusongera isibe.”​—Sarah.

 Ico Bibiliya ivuga: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.”​—Imigani 13:20.

 Niwirinde ukwinezereza kutabereye. Nta woharira ko uburyo bwinshi bwo kwinezereza buhari ubu usanga bwuzuyemwo ibintu bijanye n’igitsina. Uwitwa Nicole avuga ati: “Kuri jewe, umuziki ni wo nkwezi y’amarere. Uramvyuramwo ivyipfuzo bikomeye ku buryo numva umengo vyandengeye.”

 “Naratanguye kuza ndaraba amasinema n’ibiganiro vyo kuri televiziyo vyerekana ivy’igitsina. Ntabiciye n’ikanda, nari nsigaye nguma niyumvira ivy’igitsina. Vyari vyoroshe kubona icabiteye. Igihe naheba ayo masinema n’ivyo biganiro, sinasubiye kwiyumvira cane ibijanye n’igitsina. Guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza bituma vyoroha kunanira ivyiyumviro bibi.”​—Joanne.

 Ico Bibiliya ivuga: “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe.”​—Abanyefeso 5:3.

 Iciyumviro nyamukuru: Abantu bamwebamwe babona ko ivyipfuzo vyabo bijanye n’igitsina ari ikintu badakwiye gukomakoma, ko rero badakwiye kubicungera. Ariko ivyo Bibiliya ivuga biratandukanye n’ivyo. Yerekana ko dushobora gucungera ivyipfuzo vyacu, kandi ivyo biraduha iteka.

 Ico Bibiliya ivuga: “Mukwiye guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu.”​—Abanyefeso 4:23.

a Abubatse na bo nyene barakenera kwigumya, iyo ikaba ari iyindi mpamvu yotuma uvyimenyereza ubu utarubaka.