Abafilipi 4:1-23

  • Ubumwe, kunezerwa, kwiyumvira ibintu vyiza (1-9)

    • Ntimwiganyire ku kintu na kimwe (6, 7)

  • Pawulo ashima ivyo Abafilipi bamuhaye (10-20)

  • Indamutso za nyuma (21-23)

4  Nuko rero bavukanyi nkunda kandi nkumbuye, mwebwe munezero wanje n’urugori rwanje+, nimuhagarare mushikamye+ gutyo mu Mukama, bakundwa.  Ndahimiriza Evodi na Sentike ngo biyumvire kumwe mu Mukama+.  Emwe, na wewe mukozi mugenzanje w’umwizigirwa*, ndagusavye ubandanye gufasha abo bagore. Barafadikanije nanje kurwanira inkuru nziza, bo hamwe na Kelema be n’abandi bakozi bagenzanje. Amazina yabo ari mu gitabu c’ubuzima+.  Mwame munezerwa kubera Umukama. Ndongeye kubivuga, nimunezerwe+!  Bose nibabone ko muri abantu batadadaza*+. Umukama ari hafi.  Ntimwiganyire ku kintu na kimwe+. Ahubwo mu bihe vyose, ivyo mukeneye gusaba mubimenyeshe Imana mu gusenga, mu gutakamba no mu gukenguruka+.  Maze amahoro+ y’Imana arengeye ugutahura kwose azorinda imitima yanyu+ n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira* biciye kuri Kristu Yezu.  Ubwa nyuma bavukanyi, nimubandanye kwiyumvira* ibintu vy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye* vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, ibijanye n’ingeso nziza vyose n’ibibereye gushimagizwa vyose+.  Ivyo mwize, mwemeye kandi mwumvise biciye kuri jewe n’ivyo mwambonyeko, bibe ari vyo muguma mukora+. Maze ya Mana y’amahoro izobana namwe. 10  Ndanezerewe rwose mu Mukama kubona mugiye mwasubira kunyitwararika+. Mwahora munyitwararika mugabo mukabura akaryo ko kuvyerekana. 11  Sindiko ndabivugishwa n’ubukene, kuko nize kubumbwa n’ivyo mfise* mu bihe vyose+. 12  Ndazi kugira bike+ no kugira umurengera. Mu bintu vyose no mu bihe vyose, narize akabanga ko guhaga no gusonza, ko kugira umurengera no kubaho ata co mfise. 13  Muri vyose, ndonka inkomezi biciye kuri umwe ampa ububasha+. 14  Ariko ntimwumve, mwaragize neza kumfasha mu makuba yanje. 15  Nkako, mwebwe Abafilipi murazi kandi yuko igihe nava i Masedwane aho mumariye kwumva inkuru nziza ari bwo bwa mbere, ata shengero na rimwe ryamfashe mu mugongo* atari mwebwe gusa+. 16  Igihe nari i Tesalonika mwarandungikiye ivyo nkeneye, atari rimwe gusa ahubwo kabiri kose. 17  Sindiko ndondera ko hagira ico mumpa, ahubwo ndondera ivyongerereza ubutunzi bwanyu*. 18  Ariko ndafise ivyo nkeneye vyose mbere n’ibirenze. Ubu nta co mbuze ko Epafurodito+ yampaye ivyo mwandungikiye. Bimeze nk’akamoto keza+, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana. 19  Imana yanje na yo izobaronsa ivyo mukeneye vyose+ ntihagire ico mubura, ikoresheje ubutunzi bwayo bw’agatangaza, biciye kuri Kristu Yezu. 20  Imana yacu rero ari yo Data ininahazwe gushika ibihe bidahera. Amen. 21  Mundamukirize aberanda bose bunze ubumwe na Kristu Yezu. Abavukanyi bari kumwe nanje barabaramutsa. 22  Aberanda bose, canecane abo mu rugo kwa Sezari+, barabaramutsa. 23  Ubuntu buhebuje* bw’Umukama Yezu Kristu bubane namwe kubera umutima mwerekana.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «uwo dusangiye ingogo w’ukuri.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «bakora ibitegereka», «batumira ku vyiyumviro vyabo», «batarenza urugero.»
Canke «ubwenge bwanyu», «ivyiyumviro vyanyu.»
Canke «kuzirikana.»
Canke «ibityoroye.»
Canke «kuba umuntu yikwije.»
Canke «ryifatanije nanje mu vyo gutanga no guhabwa.»
Ni ubutunzi mu vy’Imana.