Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Novyifatamwo gute ndi mu maganya?

Novyifatamwo gute ndi mu maganya?

 Ni ibiki bituma wiganyira?

 Ibi bintu bikurikira vyavuzwe vyoba bidondora ingene uhora wiyumva?

 “Nama nibaza nti: ‘Nk’ubu . . . ?’ ‘Nk’ubu iyi modoka ndimwo yogira isanganya?’ ‘Nk’ubu iyi ndege yokoroka?’ Nguma nganyishwa n’ibintu bitoraza ishinga umuntu atekanye.”​—Charles.

 “Namana amaganya igihe cose . . . Ndiyahagura mu gukora ariko nta co nshikako!”​—Anna.

 “Iyo abantu bambwiye ko mpiriwe kubera ko nkiri umunyeshure, nca nibwira nti: ‘Ntibazi ukuntu ishure ritesha umutwe!’”​—Daniel.

 “Numva umengo ndi mu mukazo ukomeye. Nama mpagarika umutima nibaza ikindi kintu gishobora kuba canke ikindi kintu nkeneye gukora.”​—Laura.

 Ico womenya: Tubayeho mu gihe Bibiliya yita “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Ku bw’ivyo, baba abakiri bato canke abakuze, bose barashobora kugira amaganya.

 Kwiganyira vyoba vyama ari bibi?

 Inyishu ni oya. Nakare, Bibiliya ivuga ko ari vyiza ko abantu baganyishwa no guhimbara abo bakunda.​—1 Abakorinto 7:32-34; 2 Abakorinto 11:28.

 N’ikindi kandi, tubivuze ata guca ku ruhande, kwiganyira birashobora gutuma ugira ico ukoze. Nk’akarorero, dufate ko mu ndwi iza ufise ikibazo kw’ishure. Kwiganyira birashobora gutuma wiga muri iyi ndwi, kandi ivyo vyotuma uronka amanota meza!

 Kwiganyira ku rugero runaka birashobora kukuburira ku kaga kogushikira. Umukobwa umwe w’umuyabaga yitwa Serena avuga ati: “Woshobora kwumva amaganya kubera ko uzi ko ivyo uriko urakora ari bibi kandi ko ukeneye kugira ivyo uhinduye kugira ngo ijwi ryawe ryo mu mutima ritekane.”​—Gereranya na Yakobo 5:14.

 Ico womenya: Kwiganyira birashobora kugufasha igihe cose bituma uca ukora ikintu ciza.

 Ariko bite ho igihe kwiganyira bitumye wumva ubuze ico ufata n’ico ureka?

Amaganya yoshobora gutuma wumva umenga wabuze ico ufata n’ico ureka, ariko umuntu abona ibintu mu buryo butandukanye nawe yoshobora kugufasha kubona ingene woyihanganira

 Akarorero: Richard w’imyaka 19 avuga ati: “Ndagira amaganya igihe niyumviriye ingorane zishobora guterwa n’ikintu kanaka gitesha umutwe. Nguma niyumvira ico kintu gushika aho gituma ngira amaganya menshi cane.”

 Bibiliya ivuga ko “umutima utekanye [ari] ubuzima bw’umubiri w’inyama.” (Imigani 14:30) Ku rundi ruhande, kwiganyira birashobora gutuma umuntu agira ingorane zitandukanye z’amagara, nko kumeneka umutwe, kugira ibizunguzungu, kuribwa mu mushishito, n’umutima ugatera cane.

 Wokora iki igihe amaganya asa n’ayaguteza ingorane aho kugufasha?

 Ico wokora

  •   Niwibaze nimba ayo maganya afise ishingiro. “Kurazwa ishinga n’ivyo utegerezwa gukora ni kimwe; kurengerwa n’amaganya ni ikindi. Binyibutsa imvugo yerekana ko amaganya ameze nko gusoza ubwato buboshe. Ukoresha inguvu nyinshi ariko nta ho uja.”​—Katherine.

     Bibiliya ivuga iti: “Ni nde muri mwebwe mu kwiganyira yoshobora kwongera ku kiringo c’ubuzima bwiwe itambwe rimwe?”—Matayo 6:27.

     Ico ivyo bisobanura: Amaganya aho gutuma utorera umuti ingorane ufise, arayunyura, canke yo nyene akaba ari yo akubera ingorane.

  •   Nufate umusi umwumwe ukwawo. “Niwiyumvire. Ibiriko biragutera amaganya, ejo bizoba bikiriho? inyuma y’ukwezi? inyuma y’umwaka? inyuma y’imyaka itanu?”​—Anthony.

     Bibiliya ivuga iti: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.”—Matayo 6:34.

     Ico ivyo bisobanura: Ntibiranga ubukerebutsi kurazwa ishinga n’ingorane zizoba ejo, kumbure zimwe muri zo zikaba zitazokwigera zishika.

  •   Niwige kwihanganira ivyo udashobora guhindura. “Ikintu ciza wokora ni ukwitegurira uko bishoboka kwose ibintu bishobora kuba, ariko ukemera ko hariho ibintu udashobora guhindura.”​—Robert.

     Bibiliya ivuga iti: “Abanyarutsi [si] bo bene gutsinda isiganwa, . . . mbere n’abafise ubumenyi [si] bo bene kugira ubutoni; kuko ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.”​—Umusiguzi 9:11.

     Ico ivyo bisobanura: Rimwe na rimwe ntushobora guhindura ukuntu ibintu vyifashe, ariko urashobora guhindura ukuntu ubibona.

  •   Nurabe ibihambaye kuruta ibindi. “Nasanze mbwirizwa kwibanda ku kuntu ibintu vyifashe muri rusangi, sindazwe ishinga n’utuntu tw’ido n’ido. Mbwirizwa guhitamwo ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo maze nkihatira kubikora.”​—Alexis.

     Bibiliya ivuga iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”—Abafilipi 1:10.

     Ico ivyo bisobanura: Abantu baganyishwa n’ibihambaye kuruta ibindi usanga batarengerwa n’amaganya.

  •   Nurabe uwo mubiyaga. “Igihe nari mfise imyaka hafi 11, nava kw’ishure mfise amaganya, mpagaritswe umutima n’umusi ukurikira. Mama na papa baranyumviriza igihe naba ndiko ndababwira ukuntu niyumva. Narahimbarwa no kuba baranyumviriza. Narabizigira, nkabayagira ata co ninona. Vyaramfasha guhangana n’umusi ukurikira.”​—Marilyn.

     Bibiliya ivuga iti: “Amaganya mu mutima w’umuntu awutera kwicurikira, mugabo ijambo ryiza rirawunezereza.”—Imigani 12:25.

     Ico ivyo bisobanura: Umuvyeyi canke umugenzi yoshobora kuguha impanuro nziza z’ukuntu wogabanya amaganya.

  •   Nusenge. “Gusenga n’ijwi ryumvikana ku buryo numva ivyo ndiko ndavuga biramfasha. Biratuma mvuga ibinteye amaganya aho kuvyigumizamwo. Biramfasha kandi kubona ko Yehova ahambaye kuruta ayo maganya yanje.”​—Laura.

     Bibiliya ivuga iti: “Muterere amaganya yanyu yose [ku Mana], kuko ibababara.”—1 Petero 5:7.

     Ico ivyo bisobanura: Isengesho si uburyo bwo kwitunganiriza ingorane dufise. Ahubwo ni ukuganira vy’ukuri na Yehova Imana, uno akaba asezerana ati: “Ntiweraguze [canke, “ntiwiganyire”], kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri.”​—Yesaya 41:10.