Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki ndenze itegeko ry’abavyeyi?

Nokora iki ndenze itegeko ry’abavyeyi?

 Hafi imiryango nka yose usanga ifise amategeko yashinze, nk’ayajanye n’amasaha yo gutaha, ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none hamwe n’ingene bofata abandi.

 Bite ho bishitse rimwe muri ayo mategeko ukarirengako? Nta co wohindura ku vyabaye, ariko hariho ivyo wokora kugira ngo ntutume ibintu birushiriza kwunyuka. Iki kiganiro kiraza kukwereka ingene wobigenza:

 Ivyo utokora

  •   Nimba abavyeyi bawe batazi ko hari itegeko warenze, birashobora gutuma urondera kurihisha.

  •   Iyo bamenye ko hari itegeko warenze, urashobora guca urondera kwisigura canke naho ukegeka amakosa ku wundi.

 Uvyifashemwo muri ubwo buryo ntivyoba ari vyiza. Kubera iki? Kubera ko guhisha ivyabaye canke kwisigura bitaranga umuntu ahumuye. Ivyo bica vyereka abavyeyi bawe yuko utarakura.

 «Kubesha si wo muti. Ukwo bigenda kwose, ukuri kuzomenyekana kandi igihano bazoguha kizoba gikomeye kuruta ico boguhaye iyo ubabwiza ukuri hakiri kare.»​—Diana

 Ukwo wovyifatamwo

  •   Niwemere ikosa. Bibiliya igira iti: «Uwunyegeza ibicumuro vyiwe ntazororanirwa.» (Imigani 28:13) Abavyeyi bawe barazi yuko udatunganye. Naho biri uko, biteze ko ubabwiza ukuri.

     «Abavyeyi bawe bazokworoherwa no kukubabarira niwababwiza ukuri. Igihe uvugisha ukuri, bararushiriza kukwizera no kukwizigira.»​—Olivia

  •   Nusabe imbabazi. Bibiliya igira iti: «Mwambare ukwicisha bugufi.» (1 Petero 5:5) Bisaba ukwicisha bugufi kugira «usabe imbabazi» utarinze kwisigura.

     «Abantu bakunda kwisigura ntibiyagiriza iyo bakoze amakosa. Amaherezo, gukora ikibi ntaco biba bikibabwiye.»​—Heather

  •    Niwemere ingaruka z’ikosa wakoze. Bibiliya igira iti: «[Niwemere] gutozwa indero.» (Imigani 8:33) Niwirinde kwidodomba, kandi wemere igihano ico ari cose abavyeyi bawe baguha.

     «Uko ubandanya widodomba kubera igihano baguhaye ni ko urushiriza kuvyunyura. Niwemere ico gihano kandi ntushire umutima ku ngaruka zaco.»​—Jason

  •   Niwihatire gutuma basubira kukwizigira. Bibiliya igira iti: «[Nimwambure] kamere ya kera ihuye n’ingeso zanyu za kera.» (Abanyefeso 4:22) Nugume ukora ibintu vyiza ku buryo bituma abavyeyi basubira kukwizigira.

     «Niwaguma ufata ingingo nziza ukongera ukereka abavyeyi bawe yuko utazokwongera gukora iryo kosa, bizotuma basubira kukwizigira.»​—Karen

 IMPANURO: Nukore ibirengeye ivyo bagusavye kugira ngo werekane ko bashobora gusubira kukwizigira. Nk’akarorero, ikindi gihe wagiye gutembera uri mu nzira utaha, numenyeshe abavyeyi bawe ko ugira ushike muhira. Ivyo bizotuma abavyeyi bawe batahura ko ushaka ko basubira kukwizigira