Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?

Kubera iki nokwirinda amasanamu y’ibiterasoni?

 Woba uzobishobora?

 Nimba ukoresha Internet, bitebe bitebuke uzohura n’amasanamu y’ibiterasoni y’uburyo kanaka. Umwigeme yitwa Hayley w’imyaka 17 avuga ati: “Nturinda kuyarondera. Ni yo akurondera.”

 Amasanamu y’ibiterasoni arashobora gukwegakwega mbere n’abiyemeje kuyirinda. Uwitwa Greg w’imyaka 18 avuga ati: “Nahora nibwira ko ntosamara ngo ngwe muri uwo mutego, ariko vyarashitse. Nta wovuga ko bitazokwigera bimushikira.”

 Muri iki gihe, amasanamu y’ibiterasoni aroroshe cane gushikira kuruta uko vyari kera. Kandi aho haziye ivyo kurungikiranira ubutumwa bw’ibiterasoni kuri telefone, abakiri bato benshi basigaye batunganya amasanamu y’ibiterasoni yabo bwite bakayarungikira abandi.

 Muri make: Urageramiwe kuruta uko abavyeyi bawe canke ba sokuru bawe bari bageramiwe igihe bangana nawe. Ikibazo rero ni iki: “Woba ushobora kwirinda amasanamu y’ibiterasoni?”​—Zaburi 97:10.

 Inyishu ni ego cane, nimba ubishaka vy’ukuri. Ariko imbere ya vyose utegerezwa kubanza kujijuka yuko amasanamu y’ibiterasoni ari mabi. Reka dusuzume ibinyoma bimwebimwe be n’ukuri ku bijanye n’ico kibazo.

 Ibinyoma be n’ukuri

 Ikinyoma: Amasanamu y’ibiterasoni ntashobora kungirira nabi.

 Ukuri: Amasanamu y’ibiterasoni aronona ubwenge bwawe nka kurya nyene kunywa itabi vyonona amahaha. Araguhumanya. Aratesha agaciro ikintu Imana yaremye kugira gitume umugabo n’umugore bagiranira ubucuti bukomeye kandi buramba. (Itanguriro 2:​24) Uko igihe kirengana, arashobora no gutuma utimba ntube ukimenya gutandukanya iciza n’ikibi. Nk’akarorero, abahinga bamwebamwe bavuga yuko abagabo bakunda kuraba amasanamu y’ibiterasoni usanga bafata ibisanzwe amabi akorerwa abakenyezi.

  Bibiliya iravuga ibijanye n’abantu “babaye ibiti.” (Abanyefeso 4:19) Ijwi ryabo ryo mu mutima riratimba ku buryo bataba bagitinya gukora ibintu bibi.

 Ikinyoma: Amasanamu y’ibiterasoni arashobora kukwigisha ivyerekeye amabanga mpuzabitsina.

 Ukuri: Amasanamu y’ibiterasoni akwigisha kugira umunoho. Atuma ubona abantu nk’ibikoresho gusa vyo guhaza ivyipfuzo vyawe vy’ubwikunzi. Ntibitangaje kubona icigwa kimwe cerekanye yuko abakunda kuraba amasanamu y’ibiterasoni usanga barushiriza kudahera akanyota mu vy’igitsina bamaze kwubaka urwabo.

  Bibiliya isaba abakirisu guhunga “ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina,” ivyo vyose akaba ari vyo amasanamu y’ibiterasoni aremesha.​—Abakolosayi 3:5.

 Ikinyoma: Abirinda amasanamu y’ibiterasoni baba baterwa isoni cane n’ivy’igitsina.

 Ukuri: Abirinda amasanamu y’ibiterasoni babona ibijanye n’igitsina mu buryo buteye iteka rwose. Baratahura ko ari ingabirano Imana yatanze ikomeza ubucuti buri hagati y’umugabo n’umugore bubakanye bagasezerana kudahemukiranira. Ababona ibintu muri ubwo buryo usanga bararushiriza kwumva bashize akanyota bamaze kwubaka urwabo.

  Bibiliya iravuga idahisha ibijanye n’igitsina. Nk’akarorero, ibwira abagabo iti: “Unezeranwe n’umugore wo mu buto bwawe . . . Wame watwawe ubwenge n’urukundo rwiwe.”​—Imigani 5:​18, 19.

 Ingene wokwirinda amasanamu y’ibiterasoni

 Tuvuge iki nimba wumva bigoye cane kunanira icipfuzo co kuraba amasanamu y’ibiterasoni? Umwimenyerezo uvuga ngo “Ingene wokwirinda amasanamu y’ibiterasoni” urashobora kugufasha.

 Numenye udakeka yuko ushobora kwamirira kure icipfuzo co kuraba amasanamu y’ibiterasoni. Urashobora kandi kureka kuraba ayo masanamu nimba uhora uyaraba. Bizokugirira akamaro cane.

 Fata akarorero ka Calvin, uwiyemereye ko yatanguye ingeso yo kuraba amasanamu y’ibiterasoni afise nk’imyaka 13. Avuga ati: “Nari nzi ko ari bibi, ariko vyarananira gutsinda icipfuzo co kuyaraba. Iyo mpejeje kuyaraba, narumva niyanse. Uburuhiro dawe yaramfashe, kandi mvugishije ukuri, nariruhukije cane! Nahavuye ndonka imfashanyo nari nkeneye.”

 Calvin yaratanguye kwirinda amasanamu y’ibiterasoni. Avuga ati: “Kuraba amasanamu y’ibiterasoni ryabaye ikosa rikomeye. N’ubu ndacavyishura kuko ayo mashusho aguma agaruka mu bwenge bwanje. Birashika nkumva nosubira kuraba mwene ayo masanamu. Ariko nca nibuka ingene gukora ivyo Yehova agomba bituma nironkera umunezero, nkaguma ntyoroye kandi nkagira icizigiro ciza igitangaza ca kazoza.”