Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gukorerwa amabi mu vy’igitsina?—Igice ca 2: Ivyogufasha gusubirana

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gukorerwa amabi mu vy’igitsina?—Igice ca 2: Ivyogufasha gusubirana

 Ntiwiteko amakosa

 Benshi mu bashikiwe n’amabi ajanye n’ivy’igitsina baraterwa isoni cane n’ivyabashikiye. Bashobora mbere no kwitako amakosa. Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye Karen afise imyaka 19. Yarakorewe ayo mabi kuva afise imyaka 6 gushika afise 13. Avuga ati: “Ikimbera kibi gusumba ni uko nitako amakosa ku vyanshikiye, nibaza igituma naretse bikamara igihe kirekire.”

 Nimba nawe ari ko wiyumva, rimbura ibi bikurikira:

  •   Abana ntibaba baragera kurangura amabanga mpuzabitsina. Kubera ko ata co baba bazi kuri ivyo bintu ni yo mpamvu tutovuga ko ari bo baba babishatse. Umwana rero si ikosa ryiwe.

  •   Abana usanga ari bo bakarirwa n’ayo mabi kuko bakunze kwizigira abantu bakuze kandi bakaba badashoka babona uruyeri rw’abo bantu babi. Igitabu kimwe (The Right to Innocence) kivuga ko bene gukora ako kabi “usanga ari ‘abanyaruyeri’ beruye ku buryo umwana adashobora kubikura.”

  •   Umwana arashobora kugira inambu y’umubiri muri ukwo kugirirwa nabi. Nimba vyaragushikiye, humura kuko ari ko bisanzwe bigenda igihe umuntu agukozeko mu buryo kanaka. Ntiwiteko amakosa rero kuko ivyo bidasobanura ko wari wemeye ico kintu.

 Inama tukugiriye: Niwiyumvire umwana uzi afise imyaka nk’iyo wari ufise igihe washikirwa n’ayo mabi. Nuce wibaza uti: ‘Hamwe uyu mwana yohohoterwa, vyoba vy’ukuri bibereye umuntu avuze ko ari we yabitumye?’

 Ico ni co cafashije umwe Karen twavuga, igihe yari umuyaya w’abana batatu, umwe muri bo akaba yari afise nk’imyaka itandatu. Avuga ati: “Naratahuye ko umwana angana gutyo aba yoroshe kugirirwa nabi be n’uko nanje ari ko nari meze.”

 Ico womenya: Uwaguhohoteye ni we yagirwa n’icaha. Nakare Bibiliya ivuga iti: “Ububisha bw’umubisha buzoba kuri we ubwiwe.”​—Ezekiyeli 18:20.

 Nubibwire umuntu wizigiye

 Kuyagira umuntu akuze wizigiye ivy’ico kintu birashobora kugufasha gusubirana. Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

 Birumvikana ko ushobora kwiyumvira ko kwinumira vyokubera vyiza. Kumbure ukiyumvira ko kunuma bishobora kukubera nk’igihome kigukingira umubabaro wiyongereye. Ariko numenye kandi ko ico gihome nyene gishobora gutuma utaronka uwugufata mu mugongo.

Kunuma bishobora kukubera nk’igihome kigukingira umubabaro. Ariko ico gihome nyene gishobora gutuma utaronka uwugufata mu mugongo.

 Umwigeme yitwa Janet yarafashijwe cane n’ukuba hari uwo yayagiye ivy’amabi yamushikiye. Avuga ati: “Nkiri umwana, hari umuntu nari nzi kandi nizigira yankoreye amabi mu vy’igitsina. Ivyo bintu naravyigumijemwo imyaka itari mike. Ariko igihe nabibwira mawe, numvise ari nkaho ndemuruwe umuzigo munini.”

 Janet aratahura igituma bamwebamwe bibagora kuvuga ivyabashikiye. Avuga ati: “Biragoye kuvuga ivy’ico kintu. Ariko kuri jewe, umubabaro naterwa no kuba naravyigumijemwo wari urenze. Vyiza mbona ko ingorane ari ukuyitorera umuti mu maguru masha.”

 Ibintu 4 vyogufasha

 Amabi nk’ayo ashobora kuba yaratumye utiha agaciro. Ushobora nk’akarorero kuba wiyumvira ko kabaye, ko ata co umaze canke ko uri gusa igikoresho c’abashaka kwimara inambu y’umubiri. Ariko humura! Ivyo vyiyumviro bitari vyo birashobora guhera kuko Bibiliya ivuga ko hariho ‘igihe co gukira.’ (Umusiguzi 3:3) None ni ibiki vyogufasha muri urwo rugamba?

 Kwiga Bibiliya: Ijambo ry’Imana rirafise ‘ububasha bwo gutembagaza ibintu bihamangiye,’ aho hakaba harimwo ivyiyumviro bitari vyo ufise ku bikwerekeye. (2 Abakorinto 10:4, 5) Nk’akarorero, nusome wongere uzirikane kuri iyi mirongo yo muri Bibiliya: Yesaya 41:10; Yeremiya 31:3; Malaki 3:16, 17; Luka 12:6, 7; 1 Yohani 3:​19, 20.

 Gusenga: Igihe urengewe n’ukwumva ko ata co umaze be n’ukwitako umwikomo, nuce uterera “umuzigo wawe kuri Yehova” mw’isengesho. (Zaburi 55:22) Yama ari hafi yawe!

 Kwitura abakurambere b’ishengero: Abo bagabo bakirisu bameze “nk’ubwikingo bw’umuyaga be n’ubwihisho bw’ikirura c’imvura.” (Yesaya 32:2) Barashobora kugufasha gusubira kubona agaciro ufise no kubandanya neza ubuzima bwawe.

 Kwifatanya n’abantu beza: Niwihweze abakirisu b’abagabo n’abagore b’intangakarorero, urabe ukuntu bitwararikana hagati yabo. Uko uzobitegereza ni ko uzobona ko atari abantu bose bakoresha ubukuru bwabo mu guhohotera abo vyitwa ko bakunda.

 Ico kintu carafashije umwigeme yitwa Tanya. Kuva mu bwana, yarakorewe amabi mu vy’igitsina n’abagabo batari bake. Avuga ati: “Abagabo bose banyitwararika, ni bo nyene bangiriye nabi.” Ariko uko hagiye haraca igihe, yaratahuye ko hariho abagabo bagaragaza urukundo rutagira ubwikunzi. None ni igiki camufashije gutahura ico kintu?

 Kuba yamaze igihe yifatanya n’umugabo n’umugore b’abakirisu kandi b’intangakarorero, ni vyo vyatumye ahindura ukuntu yabona ibintu. Avuga ati: “Ukuntu uwo mugabo ameze, vyaranyeretse ko atari abagabo bose bameze nabi. Uwo mugabo yarakingira umugore wiwe, kandi ni ko Imana yipfuza ko bimera.” a​—Abanyefeso 5:​28, 29.

a Ariko rero, vyoba vyiza ubonanye na muganga nimba ufise n’imwe mu ngorane zikurikira: agahinda kadahera, ukudafungura neza, ukwikebagura, kunywa ibiyayuramutwe, kudatora itiro canke kwumva wokwiyahura.