Zaburi 46:1-11

  • «Imana ni ubuhungiro bwacu»

    • Ibikorwa bitangaje vy’Imana (8)

    • Imana ihagarika intambara kw’isi yose (9)

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryo hejuru*. Ni indirimbo y’abahungu ba Kora+. 46  Imana ni ubuhungiro bwacu n’inkomezi zacu+.Ni umutabazi yoroshe kuronka mu bihe vy’ivyago+.   Ni co gituma tutazotinya, naho isi yohinduka,naho imisozi yosenyukira mu kiyaga+,   naho amazi yaco yosuma cane, agasuriranya+,canke imisozi igatigita kubera ugusuriranya kwaco. (Sela*)   Hariho uruzi rufise imigezi inezereza igisagara c’Imana+,rya hema ryeranda rihambaye rya Musumbavyose.   Imana iri muri ico gisagara+, ntikizokwigera gitemba. Imana izogitabara guhera mu mutwenzi+.   Amahanga yaragiye mu ruhagarara, ubwami buratemba.Imana yaravuze, isi irashonga+.   Yehova Nyeningabo ari kumwe natwe+.Imana ya Yakobo ni ubuhungiro bwacu butekanye*. (Sela)   Nimuze mwirabire ibikorwa vya Yehova,ingene yakoze ibintu bitangaje kw’isi!   Ahagarika intambara kw’isi yose+. Acagagura imiheto, akavunagura amacumu.Imikogote* y’intambara ayituririra mu muriro. 10  «Nimuteshwe mute, mumenye ko ndi Imana. Nzoninahazwa mu mahanga yose+,nshirwe hejuru kw’isi yose+ 11  Yehova Nyeningabo ari kumwe natwe+.Imana ya Yakobo ni ubuhungiro bwacu butekanye+. (Sela)

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «bayiririmbira kuri alamoti.» Raba Insiguro y’amajambo (Alamoti).
Canke «ahantu hacu hataramutse hatekanye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «inkinzo.»