Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki igihe hari uwuntoteza?

Nokora iki igihe hari uwuntoteza?

 Gutoteza si ikintu co gufatira mu rwara. Icigwa cagizwe mu Bwongereza, hishimikijwe ibitigiri bishikirizwa mu binyamakuru vy’aho, cerekana ko ibice 40 kw’ijana vy’abakiri bato biyahura bivuye ku gutotezwa.

 Gutoteza ni iki?

 Gutoteza ntikugarukira gusa ku kugirira nabi umuntu ku mubiri. Kurimwo kandi ibi bikurikira:

  •   Amajambo mabi. “Abakobwa barashobora gukoresha amajambo akaze. Sinzokwigera nibagira amazina banyita canke ivyo bamvugako. Baratuma numva ko ata co maze, ko ntakenewe be n’uko ndi imburakimazi. Bari gutuma bankubita hako bangirira ibiraho.”—Celine w’imyaka 20.

  •   Gukumira. “Abanyeshure twigana baratanguye kunyinuba. Sasita, baca bamera nk’aho ata kibanza gihari ku meza yabo kugira sinicarane na bo. Umwaka wose waraheze ndira nongera nisangiza.”—Haley w’imyaka 18.

  •   Gutoteza umuntu kuri Internet. “Urashobora kwandika utujambo dukeyi ukoresheje orodinateri ariko ukaba ucafuje izina ry’uwundi muntu canke mbere wishe ubuzima bwiwe. Wogira ngo ni ugushikuza ariko birashobora gushika!” (Daniel w’imyaka 14) Gutoteza umuntu kuri Internet harimwo no kumurungikira amafoto canke amamesaje y’ibiterasoni ukoresheje telefone ngendanwa.

 Kubera iki hari abatoteza abandi?

 Ng’izi impamvu zimwezimwe:

  •   Na bo ubwabo baba baratotejwe. Umusore yitwa Antonio yiyemerera ati: “Vyarandya mu mutwe kubona abo mu runganwe rwanje bamfata nabi ku buryo nanje natanguye gutoteza abandi kugira gusa abandi banyemere. Mu nyuma naratereje amaso inyuma ndabona ukuntu ivyo nagira vyari bibi!”

  •   Beretswe akarorero kabi. “Akenshi abakiri bato batoteza abandi . . . barabiye ku bavyeyi babo, kuri bakuru babo canke ku kuntu abo mu muryango wabo bafata abandi.”—Vyanditswe na Jay McGraw mu gitabu ciwe Uburyo umuntu yorusimba ahanganye n’ugutotezwa (mu congereza).

  •   Biyerekana ko ari agakomeye ariko badatekaniwe. “Abana batoteza abandi biyerekana ko baruta abandi kugira banyegeze intuntu bafise n’ukwumva ko bakengeretse.”—Vyanditswe na Barbara Coloroso mu gitabu ciwe Uwutoteza abandi, Uwutotezwa be n’Umurorerezi (mu congereza).

 Ni bande bakunze gutotezwa?

  •   Abikumira. Abakiri bato bamwebamwe bigora kwifatanya n’abandi usanga bikumira, abatoteza abandi na bo ngo twababonye.

  •   Abakiri bato babonwa ko batandukanye n’abandi. Abakiri bato bamwebamwe baratotezwa kubera uko baboneka: ibara ryabo ry’urukoba canke ubwoko bwabo, kubera idini barimwo canke mbere kubera ubumuga bafise; uwutoteza abandi ntabura ivyo afatirako.

  •   Abakiri bato batiyizigira. Abatoteza abandi barashobora kwihweza bakabona abantu bikengera. Abo akenshi baba boroshe gucakira, narirya batoba bashoboye kwihagararako.

 Wokora iki utotejwe?

  •   Bereke ko ata co bigutwaye. Umwigeme yitwa Kylie avuga ati: “Abatoteza abandi baba bakeneye kubona ko batumye wumva ubabaye. Iyo uberetse ko ata co bigutwaye, baca bakuvako.” Bibiliya ivuga iti: “Umuntu w’inkerebutsi atuma [umutima] uguma utekanye gushika kw’iherezo.”​—Imigani 29:11.

  •   Ntiwihore. Wihoye uba wongereje ingorane mu zindi, ntuba uzitoreye umuti. Bibiliya ivuga iti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi.”​—Abaroma 12:17; Imigani 24:19.

  •   Ntiwisuke mu ngorane. Uko bishoboka kwose, niwirinde abantu n’ibiringo vyotuma wikwegera abagutoteza.​—Imigani 22:3.

  •   Tanga inyishu itari yitezwe. Bibiliya ivuga iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake.”​—Imigani 15:1.

  •   Nube umuntu atwenza. Nk’akarorero, nimba hari uwugutoteza akubwira ko uvyibushe rwose, womwereka ko ata co bigutwaye ukamubwira uti: “Ubona utobeshera inzovu?”

  •   Niwigire. “Ata co wishuye, uba werekanye ko uhumuye be n’uko uruta uwo ariko aragutoteza. Birerekana ko wigumya, iyo ikaba ari kamere uwutoteza abandi atagira.”—Nora w’imyaka 19.

  •   Nurushirize kwiyizigira. “Abatoteza abandi barabibona iyo udatekanye, kandi barashobora gufatira kuri ukwo kudatekana kwawe kugira basenyure ukwiyizigira kwose ufise.”—Umwigeme yitwa Rita.

  •   Vyiganire umuntu. Itohoza rimwe ryagizwe ryerekana ko ica kabiri kirenga c’abatotezwa kuri Internet batigera bavuga ibiriko biraba, kumbure kubera amasoni (na canecane abahungu) canke bagatinya kwihorwa. Ariko wibuke ko unumye, abagutoteza baba bakamiwe mu coze. Kubishira ahabona irashobora kuba yo ntambwe ya mbere wotera kugira wikureko ako kabi kabishe.