Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki mu gihe abandi bamvugavuga?

Nokora iki mu gihe abandi bamvugavuga?

 Igituma rubabaza

 Hari urusaku rufise intumbero mbi, nk’akarorero, ikinyoma categuriwe kugusiga iceyi. Ariko naho urusaku rwoba rudakomeye cane, rurashobora kubabaza, na canecane igihe rukwiragijwe n’umuntu wari uzi ko ari umugenzi wawe!​—Zaburi 55:12-​14.

 “Narumvise umugenzi wanje ariko aramvuga ari inyuma yanje, avuga ko ntitwararika abandi bantu. Ico kintu vy’ukuri carambabaje! Sinatahura igituma yari kuvuga ikintu nk’ico.”​—Ashley.

 Ikintu c’ukuri: Kumenya ko abandi bantu bariko barakuvugako ibintu bibi ntibinezereye, waba uvugwa n’umugenzi wawe somambike canke uwundi muntu.

 Inkuru mbi: Ntushobora kwama warwirinze

 Abantu boshobora kuvuga urusaku babitumwe n’imvo zitari nke, harimwo nk’izi:

 Kwitwararika abandi ata buryarya. Abantu barakunda kwiyegereza abandi. Rero ni ibisanzwe ko tuganira n’abandi (canke ko tuvuga abandi). Kanatsinda, Bibiliya ituremesha ‘kuraba’ ivy’abandi ku rugero kanaka.​Abafilipi 2:4.

 “Kuvuga ivyerekeye abandi ni co kintu kiryoshe cane!”​—Bianca.

 “Mvugishije ukuri, ndakunda kumenya uko ivy’abandi vyifashe no kubibwira abandi. Sinzi igituma, biranezera gusa.”​—Katie.

 Biramara irungu. Mu bihe vya Bibiliya, hariho abantu “[a]ta kindi bamaza umwanya wabo w’ukwisamaza atari ukuvuga canke kwumviriza ikintu gishasha.” (Ivyakozwe 17:21) N’ubu ni ko bimeze!

 “Rimwe na rimwe igihe ata kintu kiriho co kuganirako, abantu barakiremarema kugira baronke ico baganirako.”​—Joanna.

 Kutiyizigira. Bibiliya iraturemesha ibigiranye imvo nziza ngo twirinde kwigereranya n’abandi. (Abagalatiya 6:4) Ikibabaje, hari abantu batiyizigira maze ivyo bigatuma bakwiragiza urusaku rubi.

 “Akenshi urusaku rubi hari ico ruhishura ku bijanye n’abanyarusaku. Akenshi rurahishura ko imbere muri bo bafitiye ishari uwo muntu baba bariko baravuga. Barakwiragiza ibihuha kugira ngo bumve bamerewe neza, kugira bijijure ko bameze neza kuruta uwo muntu bariko baravuga.”​—Phil.

 Ikintu c’ukuri: Uvyemera canke utavyemera, abantu bazovuga abandi, na wewe urimwo.

 Inkuru nziza: Si ngombwa ngo rukubuze amahoro

 Hari aho woba utoshobora kwirinda urusaku rwose ruvugwa ku bikwerekeye, ariko urashobora guhitamwo ukuntu wovyifatamwo. Umenye ko hari ibihuha biriko birakwiragizwa ku bikwerekeye, hariho n’imiburiburi inzira zibiri wohitamwo.

 INZIRA 1: Kuvyirengagiza. Akenshi, umuti nyawo woba kuvyirengagiza, canecane igihe ivyo bihuha ata co bimaze. Nukurikize iyi mpanuro Bibiliya itanga: “Ntiwihute kubabara mu mutima wawe.”​—Umusiguzi 7:9.

 “Harakwiragijwe igihuha ngo ndakundana n’umuhungu, umuntu ntari bwigere mbona! Vyari bitwengeje ku buryo ata kindi nakoze atari ugutwenga.”​—Elise.

 “Kugira izina ryiza ni co kirwanisho ciza co kurwanya urusaku. Naho hokwiragizwa igihuha ku bikwerekeye, igihe ufise izina ryiza, abantu bake ni bo bazokwemera ico gihuha. Ukuri ku bikwerekeye kuratsinda.”​—Allison.

 Impanuro: Niwandike (1) ivyavuzwe ku bikwerekeye be n’ (2) ukuntu vyatumye wiyumva. Umaze ‘kuvugira mu mutima wawe,’ ushobora gusanga birushiriza kworoha kuvyirengagiza.​—Zaburi 4:4.

 INZIRA 2: Nuganire n’umuntu yatanguje urwo rusaku. Rimwe na rimwe, ushobora kubona ko igihuha gikomeye cane ku buryo wokenera vy’ukuri kuganira n’umuntu yagitanguje.

 “Igihe uvuganye n’umuntu yatanguje urusaku, yoshobora guca amenya ko ivyo yavuze amaherezo vyashikiriye uwo yariko aravuga. Vyongeye, urashobora gutuma hasubira kuba icuka ciza kandi ugatorera umuti iyo ngorane.”​—Elise.

 Imbere y’uko uvugana n’umuntu yakuvuzeko urusaku, nurimbure ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zikurikira wongere wibaze ibibazo biri kumwe na zo.

  •   “Iyo umuntu yishuye ku kintu ataracumva, ivyo bimubera ubupfu.” (Imigani 18:13) ‘Noba mfise amakuru yose? Ubwo umuntu yambwiye ivy’urwo rusaku ntiyoba yatahuye nabi ivyo yumvise?’

  •   ‘Nutebuke kwumva, utebe kuvuga, utebe kuraka.’ (Yakobo 1:​19) ‘Iki coba ari igihe ciza co kuganira n’uwo munyarusaku? Ubu bwoba ari bwo buryo bwiza bwo gutunganya iyo ngorane? Canke vyoba vyiza kuruta ndindiriye gatoyi nkabanza ngaturura?’

  •   “Nufate abandi nk’uko woshima ko bagufata.” (Matayo 7:​12, NET Bible) ‘Iyaba ari jewe nakwiragije urusaku ku vyerekeye uwo muntu, nokwipfuza ko tubivugana gute? Noshima ko tuganirira ahantu hameze gute? Ni amajambo be n’inyifato ibihe vyoba ngirakamaro cane?’

 Impanuro: Imbere y’uko uja kuganira n’umunyarusaku, niwandike ivyo utegekanya kuvuga. Nuce urindira hahere indwi imwe canke zibiri, maze usubire usome ivyo wanditse, urabe ko ata co wohindura. N’ikindi kandi, nuganire ivyo utegekanya gukora n’umuvyeyi wawe canke umugenzi ahumuye, umusabe impanuro.

 Ikintu c’ukuri: Cokimwe n’ibindi bintu vyinshi bishika mu buzima, urusaku ni ikintu tudashobora kwama twirinze. Ariko ivyo ntibisigura ko ruca rukuganza!