Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 2)

Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 2)

 Ingorane z’amagara ziri kwinshi.

  •   Hari izo usanga ibimenyetso vyazo vyibonekeza, izindi na zo ntivyibonekeze.

  •   Hari izo umengo zigendera umuntu rimwerimwe, izindi na zo ukamengo zatse indaro.

  •   Hari izishobora kuvurwa zigakira canke zigapfupfahazwa, izindi na zo zikagenda zirunyuka, mbere zikaba zoshobora kubangamira ubuzima bw’umuntu.

 Izo ngorane zose zivuzwe zirashikira urwaruka. Muri iki kiganiro, uraza kwumva bane mu bafise mwene izo ngorane. Nimba nawe hari ingorane y’amagara ufise, hari aho woremeshwa n’ivyo bavuga.

 GUÉNAELLE

 Kuri jewe, ikintu kigoye kuruta ibindi ni ukwemera ko hari ivyo ntashoboye. Ndipfuza gukora ibintu vyinshi cane ariko ku musi ku musi mbwirizwa guhuza n’uko ivyanje vyifashe.

 Ndafise indwara y’imitsi nsozabwenge ituma ubwonko bwanje butarungika neza amakuru mu mubiri. Ibihimba bitandukanye vy’umubiri wanje, kuva ku mutwe gushika kw’ino, rimwe na rimwe birajugumira canke bikamugara. Birangora gukora ibintu bisanzwe nko kwiyunguruza, kuvuga, gusoma, kwandika no kwumva ivyo abandi bavuga. Iyo vyanse rwose, abakurambere bo mw’ishengero barasenga turi kumwe. Ubwo nyene nca numva ntekanye.

 Mu ngorane zose ncamwo, mbona ko Yehova Imana yama yiteguriye kumfasha. Sinshaka ko indwara mfise imbuza kumukorera bimwe bishitse. Ikintu nshira imbere y’ibindi mu buzima ni ugufasha abandi kwiga ibijanye n’ivyo Yehova Imana yasezeranye muri Bibiliya yuko vuba agiye gutuma isi iba Iparadizo, aho ububabare butazoba bukiriho.​—Ivyahishuwe 21:1-4.

 Ikibazo co kuzirikanako: Nk’ukwo kwa Guénaelle, ni mu buryo butari bumwe ubuhe ushobora kugaragariza abandi impuhwe?​—1 Abakorinto 10:24.

 ZACHARY

 Igihe nari mfise imyaka 16, barantoye kanseri ikaze yo mu bwonko. Abaganga bambwiye ko nari nsigaje amezi umunani gusa yo kubaho. Kuva ico gihe nguma ndwana urugamba ngo ngume ndi muzima.

 Bitumwe n’aho ibivyimba vy’iyo kanseri biherereye mu bwonko, igihimba cose c’iburyo ntigikora. Kubera ko ntashoboye kugenda, muhira hama hari umuntu amfasha kwiyunguruza.

 Indwara yanje yarunyutse ku buryo bingora kuvuga neza. Nahora ndi umuntu akora ibintu vyinshi: narakunda guserereka ku mazi, gukina umupira w’amaboko (basketball na volleyball). Kubera ko ndi Icabona ca Yehova, narakunda cane kubwira abandi inkuru nziza. Nibaza ko abantu benshi badatahura ico ari co kuba utagishoboye gukora ivyo ukunda cane.

 Mbona ko amajambo yo muri Yesaya 57:15 aremesha kubera ko anyereka neza ko Yehova Imana yiteguriye gufasha ‘abajanjaguritse mu mutima’ kandi ko ambabaye. Muri Yesaya 35:6 na ho nyene hari umuhango Yehova atanga w’uko nzosubira kugendagenda kandi nkamukorera mfise amagara atagira agahaze.

 Naho rimwe na rimwe usanga bingora cane kwihanganira indwara mfise, ndazi neza ko Yehova amfashe mu mugongo. Biciye kw’isengesho, nama mfise uwo nyagira igihe ndendebutse canke mfise ubwoba ku bijanye n’ubuzima bwanje. Nta kintu na kimwe gishobora kuntandukanya n’urukundo rwa Yehova.​—Abaroma 8:39.

 Zachary yapfuye afise imyaka 18, haciye amezi abiri tugiraniye na we ico kiganiro. Gushika arinde apfa, yagumye yizeye yuko hazoba izuka mw’isi y’Iparadizo.

 Ikibazo co kuzirikanako: Nk’ukwo kwa Zachary, ni gute isengesho rishobora kugufasha kwigumiza mu rukundo rw’Imana?

 ANAÏS

 Haciye imisi mikeyi gusa mvutse, naraviriranye mu bwonko bituma ngira ubumuga umubiri wose, canecane amaguru.

 Ubu nshobora gusa kugenda ahantu hatoyi nkoresheje ico bishimikiza mu gutambuka, ariko akenshi bikenerwa ko nkoresha agakinga k’abamugaye. N’ikindi kandi, imitsi yanje iradadaraye ku buryo bingora gukora ibikorwa bisaba gutumbereza, nk’akarorero kwandika.

 Turetse yuko ukuntu amagara yanje yifashe bimbuza amahoro, nagiye ndavurwa mu buryo butoroshe. Ndibuka ko bamvura incuro nka zingahe ku ndwi ku ndwi bakoresheje bwa buryo bwo kugorora imitsi. Nabazwe mu buryo bukomeye ari ryo rya mbere mfise imyaka itanu. Kuva ico gihe narabazwe izindi ncuro zitatu. Incuro zibiri za nyuma muri izo ntizanyoroheye na gato kuko namaze amezi atatu ntari muhira, ndiko ndasubirana.

 Umuryango wanje uramfasha cane. Iyo turi kumwe turatwenga, ivyo bikaba bimfasha igihe mba numva ndendebutse. Mama na bene wacu baramfasha kwikora, kubera ko ntovyishoboza. Ndababazwa no kuba ntashobora kwambara ibirato bihagaze. Ariko narigeze kubigerageza nkiri umwana ndavyambara mu minwe ngenda ndavura, twese twaciye twegurwa n’agatwengo!

 Ndagerageza kutareka ngo ubumuga bwanje bumbuze kugira ico nkoze. Ndiga indimi. Ndagira siporo yo kwoga, ikaba ituma ntumva ko mpovye kubona ntashobora guserereka ku mazi canke ku mabarafu. Kubera ko ndi Icabona ca Yehova, ndakunda kuja kuyagira abandi ivyo nemera. Iyo ndiko ndayagira abantu, mbona umengo barantega yompi.

 Kuva nkiri muto, abavyeyi banje baranyigishije ko indwara yanje ari iy’igihe gito gusa. Kuva ico gihe, nararushirije kwizera Yehova, ndarushiriza no kwizigira umuhango yatanze wo gukuraho imibabaro yose, harimwo n’iyanje. Ivyo birampa inguvu zo gutera nja imbere.​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

 Ikibazo co kuzirikanako: Nk’ukwo kwa Anaïs, ni mu buryo butari bumwe ubuhe utoreka ngo indwara ufise ikubuze kugira ico ukoze?

 JULIANA

 Ndafise indwara ibabaza ituma abasoda banje b’umubiri batera utugingo ngengabuzima tw’umutima, tw’amahaha be n’utw’amaraso. Baramaze no gutera amafyigo yanje.

 Mfise imyaka cumi, barantoye indwara yantera ububabare, uburuhe n’ihindagurika mu kuntu merewe. Birashika nkumva umengo nta co maze.

 Mfise imyaka 13, hari Icabona ca Yehova yatugendeye i muhira maze ansomera muri Yesaya 41:10, aho Yehova Imana avuga ati: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. . . . Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.” Ico gihe ni ho natangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Kuva ico gihe ubu haraciye imyaka umunani. Ubu ndakorera Imana n’umutima wanje wose kandi niyemeje kutareka ngo indwara mfise ibe ari yo ikontorora ubuzima bwanje. Numva ko Yehova yampaye “ububasha burengeye ubusanzwe,” kugira ngo nshobore kuguma mbona ibintu mu buryo bwiza.​—2 Abakorinto 4:7.

 Ikibazo co kuzirikanako: Muri Yesaya 41:10 hashobora gute kugufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza nk’uko hafashije Juliana?