Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki hari uwumbuza amahoro?

Nokora iki hari uwumbuza amahoro?

 Kubuza umuntu amahoro mu vy’igitsina bisobanura iki?

 Mu vyerekana ko umuntu akubuza amahoro mu vy’igitsina, harimwo ivy’uko agukorako canke mbere akakubwira amajambo yerekeza ku vy’igitsina atavyo ushaka. Ariko rimwe na rimwe biragora kubona itandukaniro riri hagati yo gutebura, kumenyerana cane birenze no kubuza amahoro umuntu mu vy’igitsina.

 Woba uzi itandukaniro riri hagati y’ivyo bintu bitatu? Kora  umwimenyerezo ujanye n’ivyo kubuza amahoro umuntu mu vy’igitsina maze ubone iryo tandukaniro!

 Ikibabaje, kubuzwa amahoro ntibica bihera ngo ni uko urangije amashure. Ariko rero, hamwe ubu womenya ingene wovyifatamwo, uzoba witeguriye guhangana n’iyo ngorane niwatangura akazi. Woshobora mbere gutuma n’abandi batabuzwa amahoro mu vy’igitsina!

 Nokora iki hari uwuriko ambuza amahoro?

 Kubuzwa amahoro mu vy’igitsina vyoshobora guhagarara hamwe womenya ico ari co n’ingene wovyifatamwo. Raba ibi bintu bitatu bishobora gushika n’ingene wovyifatamwo.

 ICA MBERE:

“Ku kazi, hari abagabo bandusha imyaka myinshi baguma bambwira ko ndi mwiza kandi ko bipfuza icobakurirako imyaka 30 ku yo bafise. Igihe kimwe umwe muri bo yaje inyuma yanje hama yimotereza imishatsi yanje!”​—Tabitha w’imyaka 20.

 Tabitha yari kwiyumvira ati: ‘Hamwe novyihoza nkavyihanganira, hari aho bobireka.’

 Igituma ivyo ata co vyofasha: Abahinga bavuga ko iyo umuntu yihojeje awumubuza amahoro mu vy’igitsina, akenshi bibandanya canke mbere bikunyuka.

 Ahubwo gerageza ibi: Nuvuge ubigiranye ubwitonzi ariko utomora, ubwire uwo akubuza amahoro ko utazokwihanganira imvugo canke inyifato yiwe. Taryn w’imyaka 22 agira ati: “Iyo hari umuhungu ankozeko mu buryo butabereye, ndahindukira nkamubwira nti: ‘Ntuze usubire kunkorako.’ Kenshi arakanguka kuko ataba yiteze ko bimera gutyo.” Hamwe yobandanya kukubuza amahoro, nushikame kandi ntute hasi. Ku bijanye no kuguma umuntu yisunga ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu, Bibiliya ihanura iti: “Mube abashikamye, mutanyiganyiga.”​—1 Abakorinto 15:​58.

 Bite hamwe uwukubuza amahoro yogutera ubwoba avuga ko azokugirira nabi? Muri ico gihe, ntuhangane na we. Numuzibukire vuba bishoboka, uce witura umuntu akuze wizigira.

 ICA KABIRI:

“Igihe nari ngeze mu wa gatandatu, abakobwa babiri baramfatiye hanze y’ishure. Umwe muri bo yararyamana n’abakobwa nka we, kandi yashaka ko nsohokana na we. Naravyanse, ariko barabandanije kumbuza amahoro buri musi mu kiringo c’akaruhuko. Mbere umusi umwe, barambomanije n’uruhome!”​—Victoria, w’imyaka 18.

 Victoria yari kwiyumvira ati: ‘Hagize uwo ndabibwira, abandi boca babona ko ndi umunyabwoba, kandi kumbure nta n’uwokwemera ko ari ukuri.’

 Igituma kwiyumvira gutyo ata co vyofasha: Hamwe utogira uwo ubibwira, uwo akubuza amahoro azobandanya kuyakubuza eka mbere ayabuze n’abandi.​—Umusiguzi 8:11.

 Ahubwo gerageza ibi: Rondera abogufasha! Abavyeyi be n’abigisha barashobora kugufasha gutorera umuti iyo ngorane. Ariko, bite hamwe abo wituye badafatanye uburemere ikibazo ufise? Nuce ubigenza gutya: Igihe cose hari uwukubujije amahoro mu vy’igitsina, ca wandika ivyabaye. Wandike itariki, isaha, ikibanza vyabereyemwo n’ivyo uwo akubuza amahoro yavuze. Ivyo wanditse, nuce rero ubiha umuvyeyi wawe canke umwigisha. Abantu benshi barafatana uburemere ibintu vyanditse kuruta ivyo babwiwe ku munwa.

 ICA GATATU:

“Naratinya vy’ukuri umuhungu umwe yari mu mugwi w’umupira wa rugby. Yareha nk’imetero zibiri, agapima ibilo nka 135! Yari yarishize mu mutwe ko azoryamana nanje. Yamaze umwaka wose ambuza amahoro nko ku musi ku musi. Umusi umwe, twari mw’ishure turi babiri, aca atangura kunyegera. Narasimvye, nca ndiruka ndasohoka.”​—Julieta w’imyaka 18.

 Julieta yari kwiyumvira ati: ‘Ukwo ni ko abahungu bimereye.’

 Igituma kwiyumvira gutyo ata co vyofasha: Uwo akubuza amahoro ntiyokwigera ahindura inyifato yiwe hamwe abandi bobona ko ivyo agira vyemewe.

 Ahubwo gerageza ibi: Ntubifate nk’aho ari ukwifyinira, witwengera canke wimwenyurira. Ahubwo, inyifato yawe no mu maso hawe nivyereke uwo akubuza amahoro ko utazokwigera namba ubisabirako.

 Nari gukora iki?

 INKURU YA 1:

“Sinkunda na gato kwerurira abantu. Mbere n’igihe hari abahungu baguma bambuza amahoro, narababwira ngo bareke, ariko sinavuga nshikamye, kandi kenshi nabivuga mwenyura. Baca babona ko ndiko ndatebura na bo.”—Tabitha.

  •   Iyo uza kuba uri Tabitha, wari gukora iki? Kubera iki?

  •   Ni igiki cotuma uwukubuza amahoro yibaza ku uriko uratebura na we?

 INKURU YA 2:

“Vyose vyatanguriye mu cigwa ca siporo igihe abahungu bamwe batangura kumbwira amajambo ateye isoni. Mu ndwi zakurikiye, narihojeje ivyo bambwira, ariko ibintu vyatera vyunyuka ku buryo nya bahungu batanguye kuza baraca impande yanje bakamfata ku bitugu. Narabiyama ariko ntibahaha. Amaherezo, umwe muri bo yampaye agapapuro kanditseko amajambo y’agasotoro. Naragahaye mwigisha. Uwo muhungu yaciye yirukanwa kw’ishure. Narabonye ko nari nkwiye kubibwira umwigisha bigitangura!”—Sabina.

  •   Wibaza ko ari kubera iki mu ntango Sabina yahisemwo kutabibwira umwigisha? Ubona yari ingingo nziza yafashe? Kubera iki?

 INKURU YA 3:

“Hari umuhungu yasanze musazanje Greg mu kazu ka surwumwe. Nya muhungu yaregereye cane Greg maze amubwira ati: ‘Nsoma.’ Greg yaranse, ariko nya muhungu ntiyamuvuyeko. Greg yabwirijwe rero kumusunura kugira amwikureko.”—Suzanne.

  •   Wibaza ko Greg yariko arabuzwa amahoro mu vy’igitsina? Kubera iki?

  •   Wibaza ko ari kubera iki abahungu bamwebamwe bagonanwa kubivuga iyo hari uwundi muhungu yababujije amahoro mu vy’igitsina?

  •   Woba ushima ukuntu Greg yavyifashemwo? Iyo aba ari wewe, wari gukora iki?

Ushaka kumenya n’ibindi: Raba igitabu Ibibazo urwaruka rwibazaInyishu ngirakimazi, Igitabu ca 1, ikigabane ca 32 kigira giti: “Nokwikingira gute abarondera kunshurashuza?”