Ja ku birimwo

Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?

Bibiliya yoba yomfasha igihe noba numva nshaka kwiyahura?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ego, kubera ko Bibiliya iva kuri ya Mana “ihoza abakubititse.” (2 Abakorinto 7:6) Naho Bibiliya atari igitabu kivuga ibijanye n’amagara yo mu mutwe, yarafashije abantu benshi kuvavanura n’ivyiyumviro vyo kwiyahura. Impanuro nziza itanga na wewe zogufasha.

 Ni impanuro nziza izihe Bibiliya itanga?

  • Nugire uwo uyagiye uko wiyumva.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

     Ico bisobanura: Turakenera ko abandi badufasha iyo dufise ivyiyumviro bitudurumbanya mu mutima.

     Kwigumizamwo ingene wiyumva ni nko kwikorera umuzigo munini utokwitura. Ariko iyo ugize uwo ubiyagira, uzokwumva uremurutse mu mutwe mbere n’ubuzima busubire kukuryohera.

     Nugerageze iki kintu: Nurabe umuntu ubibwira uyu musi nyene, kumbure incuti canke umugenzi wizigira. Urashobora kandi kwandika uko wiyumva.

  • Niwiture umuganga.

     Ico Bibiliya ivuga: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”​—Matayo 9:12.

     Ico bisobanura: Iyo turwaye turakwiye kwitura umuganga.

     Kuba umuntu afise ivyiyumviro vyo kwiyahura, coshobora kuba ikimenyetso cerekana ko afise indwara yo mu mutwe canke indwara iva ku mubabaro. Mwene izo ndwara ntizikwiye kudutera isoni kuko ari nk’izindi ndwara zose, kandi zirashobora kuvurwa.

     Nugerageze iki kintu: Niwiture umuganga yavyigiye vuba bwango.

  • Niwibuke ko Imana ikwitwararika.

     Ico Bibiliya ivuga: “None utujuri dutanu ntitugurishwa ibiceri bibiri vy’agaciro gatoyi? Yamara nta na kamwe muri two kibagirwa imbere y’Imana. . . . Ntimutinye; mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.”​—Luka 12:6, 7.

     Ico bisobanura: Uri n’agaciro ku Mana.

     Woshobora kwumva umenga nta n’umwe akwitaho, ariko Imana irabona ivyo uriko uracamwo vyose. Iracagukunda naho wumva umengo ntugishaka kubaho. Muri Zaburi 51:17 hagira hati: “Umutima umenaguritse kandi ujanjaguritse, ewe Mana, ntuzowusuzugura.” Imana ishaka ko ubaho kuko igukunda.

     Nugerageze iki kintu: Nusuzume ibimenyamenya biri muri Bibiliya vyerekana ko Imana igukunda. Nk’akarorero, nurabe ikigabane ca 24 c’igitabu gifasha kwiga Bibiliya citwa Niwiyegereze Yehova.

  • Nusenge.

     Ico Bibiliya ivuga: “Muterere amaganya yanyu yose [ku Mana], kuko ibababara.”​—1 Petero 5:7.

     Ico bisobanura: Imana iragutera akamo ngo uyibwire uko wiyumva n’ibiguhagaritse umutima vyose.

     Imana irashobora kuguha amahoro yo mu mutima n’inkomezi zo kwihangana. (Abafilipi 4:6, 7, 13) Uko ni ko Imana ifasha abayitakambira n’umutima wabo wose.​—Zaburi 55:22.

     Nugerageze iki kintu: Nusenge Imana uno musi nyene. Nukoreshe izina ryayo Yehova kandi uyibwire ingene wiyumva. (Zaburi 83:18) Nuyisabe igufashe kwihangana.

  • Nuzirikane ku cizigiro ca kazoza Bibiliya itanga.

     Ico Bibiliya ivuga: “Ico cizigiro tugifise nk’inanga y’ubwato y’ubuzima, kikaba ari ntakekeranywa n’ikitanyiganyiga.”​—Abaheburayo 6:19.

     Ico bisobanura: Uko wiyumva vyoshobora kuza birahinduka, hamwe ukumva uryohewe, ahandi na ho ukumva ubabaye, ariko icizigiro Bibiliya itanga kirashobora gutuma wumva utekanye.

     Ico cizigiro si umugani, ahubwo gishingiye ku muhango Imana yatanze wo gukuraho ibintu vyose bidutera umubabaro.​—Ivyahishuwe 21:4.

     Nugerageze iki kintu: Niwige vyinshi ku vyerekeye icizigiro Bibiliya itanga mu gusoma icigwa ca 5 c’agatabu Inkuru nziza iva ku Mana.

  • Nukore ibintu bikuryohera.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra.”​—Imigani 17:22.

     Ico bisobanura: Iyo dukoze ibintu bituryohera, vyoshobora gutuma twumva tumerewe neza.

     Nugerageze iki kintu: Nukore ikintu gisanzwe kikuryohera. Nk’akarorero, niwumvirize utuziki ukunda cane, nusome ikintu kiremesha canke ukore utundi dukorwa tukuryohera. Vyongeye, gufasha abandi, naho hoba ari mu tuntu dutoduto, vyoshobora gutuma urushiriza kugira umunezero.​—Ivyakozwe 20:35.

  • Niwitwararike amagara yawe.

     Ico Bibiliya ivuga: “Kumenyereza umubiri bi[ra]gira akamaro.”​—1 Timoteyo 4:8.

     Ico bisobanura: Kwinonora imitsi, gusinzira bihagije no gufungura neza biratugirira akamaro.

     Nugerageze iki kintu: Nuze urinonora imitsi, naho yoba iminuta 15.

  • Niwibuke ko uko ivyawe vyifashe bishobora guhinduka.

     Ico Bibiliya ivuga: “[Ntimu]zi uko ubuzima bwanyu buzomera ejo.”​—Yakobo 4:14.

     Ico bisobanura: Ingorane ufise, naho wobona umengo irakurengeye, yoshobora kuba ari iy’akanya gato.

     Naho woba ubona umenga kabaye, ejo ibintu birashobora guhinduka. Rero, nugumeko. (2 Abakorinto 4:8) Uko ivyawe vyifashe birashobora guhinduka umusi uri izina, ariko waramaze kwiyahura nta co woba ugihindura.

     Nugerageze iki kintu: Nusome inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivyerekeye abantu bacitse intege ku buryo bipfuza gupfa, maze ubone ingene ivyabo vyahavuye bihinduka bikamera neza mu buryo batari biteze. Raba uburorero bumwebumwe:

 Hoba hari uburorero bw’abantu bipfuje gupfa buvugwa muri Bibiliya?

 Egome. Bibiliya iratubwira abantu bamwebamwe bipfuje gupfa. Imana ntiyabahambariye, ahubwo yarabafashije. Na wewe yogufasha.

Eliya

  •  Yari nde? Eliya yari umuhanuzi arinda. Ariko vyarashitse na we nyene aracika intege. Muri Yakobo 5:17 havuga hati: “Eliya yari umuntu yiyumva nk’uko twiyumva.”

  •  Kubera iki yipfuje gupfa? Vyarashitse ariyumvira ko ata wukimushigikiye, aragira ubwoba yongera arumva ko ata co amaze. Yaciye atakambira Yehova ati: “Yehova, nkuraho.”​—1 Abami 19:4.

  •  Ni igiki camufashije? Yarabwiye Imana ukuntu yiyumva. None Imana yamuremesheje gute? Yaramweretse ko imwitwararika yongera iramuha ibimenyamenya vy’uko ifise ububasha. N’ikindi kandi, yaramukuye amazinda ko yari agifise agaciro yongera iramuha umuntu wo kumufasha.

  •  Nusome ivyerekeye Eliya: 1 Abami 19:2-18.

Yobu

  •  Yari nde? Yari umugabo atunze kandi afise umuryango munini, kandi yasenga Imana y’ukuri.

  •  Kubera iki yipfuje gupfa? Ivya Yobu vyarahindutse bimwe bibi. Yaratakaje ubutunzi bwiwe bwose, abana biwe bose barahitanwa n’icago, yongera ararwara indwara ibabaza cane. Mu nyuma, abagenzi biwe baramwagirije ko ari we yatumye izo ngorane zose zimushikira. Yobu yaciye avuga ati: “[Ubuzima bwanje] ndabutaye nk’akanuka; sinobaho gushika igihe kitagira urugero.”​—Yobu 7:16.

  •  Ni igiki camufashije? Yobu yarasenze Imana yongera aritura abandi bantu. (Yobu 10:1-3) Yararemeshejwe n’umugenzi w’umunyempuhwe yitwa Elihu. Elihu yaramufashije kubona ibintu mu buryo bwiza. N’ikiruta vyose, Yobu yaremeye ko Imana imukosora kandi ikamufasha.

  •  Nusome ivyerekeye Yobu: Yobu 1:1-3, 13-22; 2:7; 3:1-13; 36:1-7; 38:1-3; 42:1, 2, 10-13.

Musa

  •  Yari nde? Yari indongozi y’ihanga rya Isirayeli akaba n’umuhanuzi w’umwizigirwa.

  •  Kubera iki yipfuje gupfa? Musa yari afise ibikorwa vyinshi, Abisirayeli bakama bariko baramunegura kandi akumva yasanzaye. Yaciye abwira Imana ati: “Ndakwinginze unyice bihere biheze.”​—Guharūra 11:11, 15.

  •  Ni igiki camufashije? Musa yarabwiye Imana ingene yiyumva. Imana yaramufashije, iramuremurura ibikorwa kugira amaganya yari afise agabanuke.

  •  Nusome ivyerekeye Musa: Guharūra 11:4-6, 10-17.