Ja ku birimwo


KWIGA BIBILIYA URI KUMWE N’UWUKWIGISHA

Urashobora kwiberaho ibihe bidahera

Muri ivyo vyigwa bishingiye kuri Bibiliya, uzoronka inyishu z’ibibazo nk’ibi:

  • Noronka gute agahimbare mu buzima?

  • Ububisha n’imibabaro vyoba bizokwigera bihera?

  • Noba nzosubira kubona abanje bapfuye?

  • Imana yoba vy’ukuri inyitwararika?

  • Nosenga gute kugira Imana inyumve?

Bitangwa ku buntu

Uzokwigishwa ivyo vyigwa vyose, wongere uronke igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera hamwe na Bibiliya nimba uyipfuza, kandi vyose uzobironka ku buntu.

Biroroshe

Urashobora kubonana n’uwukwigisha amaso mu yandi canke biciye ku buhinga bwa none, ku mwanya uwo ari wo wose no mu kibanza cokworohera.

Si ku gahato

Urashobora guhagarika ivyo vyigwa umwanya uwo ari wo wose, nta n’umwe aguhata.

Ivyigwa vyacu vya Bibiliya bigenda gute?

Uwukwigisha aragufasha kumenya ivyo Bibiliya yigisha intambwe ku yindi. Mu vyigwa bishingiye kuri Bibiliya dusanga mu gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera uzogenda uramenya ubutumwa bwo muri Bibiliya hamwe n’ingene bwogufasha. Kugira umenye n’ibindi, raba iyi videwo canke urabe inyishu mu bibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’ivyo vyigwa.

Woba ushaka kubona ibigize ivyo vyigwa?

Nurabe ivyigwa vya mbere.

Woba witeguriye kubitangura?

Nufyonde aho munsi kugira utunganye ingene uzotangura igice ca mbere c’ivyo vyigwa.