Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nonanira gute ibigeragezo?

Nonanira gute ibigeragezo?

 Intumwa Paulo yanditse ati: “Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.” (Abaroma 7:21) Ivyo na we vyoba bimaze kugushikira? Nimba vyaragushikiye, iki kiganiro kirashobora kugufasha kunanira icipfuzo co gukora ibintu bibi.

 Ico ukwiye kumenya

 Ibigeragezo bikunda kujana n’akosho k’urunganwe. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko “kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Abakorinto 15:33) Abandi bantu canke ibimenyeshamakuru birashobora kuvyura muri wewe ivyipfuzo bituma ushaka gukora ibintu bibi canke mbere bituma ‘ukurikira isinzi mu ntumbero mbi.’​—Kuvayo 23:2.

 “Icipfuzo co gushimwa n’abandi canke kwemerwa na bo kirashobora gutuma ukora nk’ivyo abandi bakora kugira gusa bakwemere.”​—Jeremy.

 Zirikana kuri iki kintu: Kubera iki kunanira ibigeragezo bishobora kurushiriza kukugora igihe urazwa ishinga cane n’ukuntu abandi bakubona?​—Imigani 29:25.

 Iciyumviro nyamukuru: Ntureke ngo akosho k’urunganwe gatume udohoka ku ngingo ngenderwako wisunga.

 Ico wokora

 Nujijuke ku vyo wemera. Igihe utajijutse ku vyo wemera, uca umera nk’agapupe abandi bakinisha uko bashaka. Urakwiye gukurikiza impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Mwiyemeze neza ibintu vyose; mugumye ivyiza.” (1 Abatesalonika 5:21) Igihe utahura neza ivyo wemera, bica bikworohera kuvyumirako no kunanira ibikwosha gukora ibihushanye na vyo.

 Zirikana kuri iki kintu: Ni igiki kikwemeza ko amategeko y’Imana ajanye n’inyifato runtu ariho ku neza yawe?

 “Narabonye ko igihe cose numiye ku vyo nemera kandi sinorohere inyosha mbi, bituma abandi barushiriza kunyubaha.”​—Kimberly.

 Umuntu wo muri Bibiliya wokwigana: Daniyeli. Ashobora kuba yari akiri umuyabaga igihe “yiyemeza mu mutima wiwe” kugamburuka amategeko y’Imana.​—Daniyeli 1:8.

Igihe utajijutse ku vyo wemera, uca umera nk’agapupe abandi bakinisha uko bashaka

 Numenye aho ugoyagoya. Bibiliya iravuga ibijanye n’“ivyipfuzo bijana n’ubuto,” ni ukuvuga ivyipfuzo bikarira cane abakiri bato. (2 Timoteyo 2:22) Ivyo vyipfuzo ntibigizwe gusa n’inambu y’umubiri. Birimwo n’icipfuzo co kwemerwa n’abandi hamwe n’agatima ko gushaka kwigenga hataragera.

 Zirikana kuri iki kintu: Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite.” (Yakobo 1:14) Icipfuzo kikubangamira cane ni ikihe?

 “Niwisuzume utibesha umenye ibigeragezo bigukarira. Nugire ubushakashatsi kugira ubone ingene wobinanira, wandike n’ivyiyumviro wokwikorako. Niwasubira guhura n’ico kigeragezo, uzoba uzi ingene wokinanira.”​—Sylvia.

 Umuntu wo muri Bibiliya wokwigana: Dawidi. Vyarashitse aratwarwa n’akosho k’abandi, tudasize inyuma ivyipfuzo vyiwe bwite. Ariko yarakuye icigwa ku makosa yiwe hama aragerageza kwikosora. Yatakambiye Yehova ati: “Nureme muri jewe umutima utyoroye, ewe Mana, ushire muri jewe impwemu nshasha, ihamye.”​—Zaburi 51:10.

 Ntiwirekerane. Bibiliya ivuga iti: “Ntureke ngo utsindwe n’ikibi.” (Abaroma 12:21) Ivyo bisobanura ko udakwiye kwirekerana ngo utwarwe n’ibigeragezo. Urashobora guhitamwo gukora ikibereye.

 Zirikana kuri iki kintu: Ni ibiki vyogufasha kutirekerana igihe wohejwe gukora ikibi?

 “Ndazirikana ukuntu nomererwa hamwe nokworohera inyosha mbi. Noba nonezerwa? Kumbure nonezerwa muri ako kanya. None uwo munezero woba uzobandanya? Oya, ahubwo mu nyuma nokwicuza cane. None vyoba bibereye ko nirirwa ndacitamwo? Oya.”​—Sophia.

 Umuntu wo muri Bibiliya wokwigana: Paulo. Naho yiyemereye ko vyashika akumva yokora ibintu bibi, ntiyirekeranye. Yanditse ati: “Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja.”​—1 Abakorinto 9:27.

 Iciyumviro nyamukuru: Igihe uhanganye n’ikigeragezo, ni wewe wifatira ingingo y’ico wokora.

 Uribuka ko ibigeragezo ari ivy’akanya gato. Melissa w’imyaka 20 avuga ati: “Ibintu vyinshi nabona ko ari ibigeragezo bikomeye nkiri kw’ishure, ubu mbona ko ata co bitwaye. Ivyo biranyereka ko n’ibigeragezo binshikira ubu na vyo nyene bizohera, be n’uko umusi uri izina nzotereza amaso inyuma nkabona ko nagize neza kuba naravyihanganiye.”