Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Twoba dukwiye guhagarika ubucuti? (Igice ca 2)

Twoba dukwiye guhagarika ubucuti? (Igice ca 2)

 Ubwa mbere, nuhitemwo ikibanza kibereye mwobiyagiramwo. None ico coba nk’ikihe?

 Niwiyumvire ukuntu wewe woshima gufatwa mu gihe nk’ico. (Matayo 7:​12) Ivyo ari vyo vyose ntiwoshima ko abikubwirira mu bantu.

 Kiretse igihe gusa vyoba bikenewe, ntivyoba vyiza ubimubwiriye kuri telefone canke umwandikiye ubutumwa kuri telefone kibure kuri Internet. Ahubwo nuhitemwo umwanya n’ikibanza bizotuma muganira neza ico kibazo c’inkoramutima.

 None hageze ko ugira ico uvuze ukwiye kuvuga iki? Intumwa Paulo yahimirije abakirisu ‘kuvugana ukuri.’​—Abanyefeso 4:25.

 Uburyo bwiza kuruta ubundi rero, ni uguhitamwo neza ivyo uvuga ariko ugashikama. Nutomore igituma wewe ubona ko ubwo bucuti ata co buzovamwo.

 Ntibikenewe ko umudondagurira amakosa akora canke ko uvuga amajambo menshi yo kumunebagura. Aho kuvuga ngo “Ntugira” ibi n’ibi canke “Ntiwigera” ukora ibi n’ibi, vyoba vyiza kuruta ukoresheje amajambo ashimika ku kuntu wiyumva, nk’akarorero uti: “Nipfuza umuntu . . .” canke “Nibaza ko ubu bucuti bwohagarara kubera yuko . . .”

 Ico ntikiba ari igihe co kwijijanya imitima canke co gutwarwa n’ivyiyumviro vy’uwo wundi muntu. Uribuka ko wahisemwo guhagarika ubwo bucuti ubitumwe n’imvo ikomeye. Uraba maso rero igihe uwo mugenzi wawe agerageje kukuryosharyosha ngo uhindure ivyiyumviro. Umwigeme yitwa Lori avuga ati: “Maze guhagarika ubucuti twari dufitaniye n’uwo twakundana, yaciye atangura kwirwaza akabonge. Nibaza ko yabigira kugira ndamwumvire akagongwe. Ego ni ko vyarambabaza, ariko sinaretse ngo bihindure ingingo nari nafashe.” Nk’ukwo kwa Lori, numenye intumbero yawe kandi wumire ku ngingo wafashe. Oya yawe nibe oya.Yakobo 5:12.