Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Noshobora gute kwumvikana n’abavyeyi banje?

Noshobora gute kwumvikana n’abavyeyi banje?

 Utubazo twerekeye ukutumvikana

  •   Ni nde mu bavyeyi bawe mukunze kutumvikana?

    •  So wawe

    •  Mama wawe

  •   Ni kangahe bishika ntimuhuze?

    •  Ni gake

    •  Ni rimwerimwe

    •  Ni kenshi

  •   Ntimwumvikana ku rugero rungana iki?

    •  Ntiduteba kubitorera umuti kandi mu mahoro.

    •  Turabitorera umuti ariko twabanje guharira cane.

    •  Ntitubitorera umuti n’aho tuba twahariye cane.

 Niba ubona ko utokwigera wumvikana n’abavyeyi bawe, woshobora kuba wiyumvira ko hari ivyo bakeneye kuryohora. Ariko rero, nk’uko tuza kubibona, hariho intambwe ukeneye gutera kugira ngo ukutumvikana kuba hagati yanyu kugabanuke kandi ntikurushirize gukomera. Ubwa mbere, rimbura . . .

 Igituma haba ukutumvikana

  •   Ubushobozi bwo kwiyumvira. Uko ukura ni ko urushiriza kwiyumvira cane kuruta uko wabigira ukiri umwana. Uratangura kandi kuza urihitiramwo ivyo ukora, muri ivyo hakaba hashobora kubamwo ivyo mudahurizako n’abavyeyi bawe. Naho ari ukwo, Bibiliya ivuga iti: “Tera iteka so na nyoko.”​—Kuvayo 20:12.

     Ico womenya: Bisaba kuba uwuhumuye n’umuhanga kugira ngo ntiwemere ivyo uwundi muntu utiriwe uramubabaza.

  •   Umwidegemvyo. Uko ukura, abavyeyi bawe bazogenda baraguha umwidegemvyo. Ingorane ni uko ushobora kudahabwa umwidegemvyo mwinshi nk’uwo ushaka canke ntuce uwuhabwa ubwo nyene ukiwukenera, ivyo rero birashobora gutuma haba ukutumvikana. Ariko rero, Bibiliya ivuga iti: “Mugamburukire abavyeyi banyu.”​—Abanyefeso 6:1.

     Ico womenya: Akenshi, abavyeyi baguha umwidegemvyo bisunze ingene ukoresha uwo usanzwe ufise.

 Ico wokora

  •   Nurabe uruhara wabigizemwo. Aho kubona ko abavyeyi bawe ari bo batumye mutumvikana, niwiyumvire ico wokora kugira ngo habe amahoro. Umusore umwe yitwa Jeffrey avuga ati: “Ivyo abavyeyi bawe bavuga si vyo vyama bituma mutumvikana ahubwo ukuntu ubishura ni vyo vyunyura ukwo kutumvikana. Kuvugana ubwitonzi bituma haba amahoro.”

     Bibiliya ivuga iti: “Uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.”​—Abaroma 12:18.

  •   Niwumvirize. Samantha w’imyaka 17 yiyemerera ati: “Nasanze ico ari ikintu kigoye cane gukora. Ariko kandi nasanze igihe abavyeyi babonye ko ubumviriza, na bo baraheza bakakwumviriza.”

     Bibiliya ivuga iti: ‘Utebuke kwumva, utebe kuvuga.’​—Yakobo 1:19.

    Kutumvikana ni nk’umuriro, iyo udacungerewe, urashobora kugora kuzimya

  •   Nubabone ko muri mu mugwi umwe. Nubone ukutumvikana nk’urukino, nk’akarorero urukino rwa tenisi. Wewe n’abavyeyi bawe nubone ko muri mu mugwi umwe hanyuma ukutumvikana ukubone ko ari uwundi mugwi muhiganwa. Umusore yitwa Adam avuga ati: “Igihe hadutse ukutumvikana, abavyeyi bipfuriza umwana wabo ico babona ko comubera ciza, umwana na we agashaka ico abona ko comubera ciza. Ubiravye, bose bafise umugambi umwe.”

     Bibiliya ivuga iti: “Dukurikirane ibiremesha amahoro.”​—Abaroma 14:19.

  •   Nutahure uko ibintu bimeze. Umuyabaga umwe yitwa Sarah avuga ati: “Nsanga bifasha kwibuka yuko abavyeyi na bo nyene bafise ingorane babwirizwa kunyinyana na zo nkatwe. Inkumi imwe yitwa Carla yongerako ati: “Ndagerageza kwishira mu kibanza c’abavyeyi banje. Vyogenze gute iyo aza kuba ari jewe ndeze umwana maze ngahura n’iyo ngorane nyene? Ni igiki cobereye ciza kuruta umwana wanje?”

     Bibiliya ivuga iti: ‘Ntugume uraba ivyawe bwite gusa, ariko urabe n’ivy’abandi.’​—Abafilipi 2:4.

  •   Nugamburuke. Uko vyogenda kwose, ivyo ni vyo Bibiliya igusaba gukora. (Abakolosayi 3:​20) Kandi bizokugendera neza niwabigenza gutyo. Inkumi imwe yitwa Karen ivuga iti: “Ibintesha umutwe biragabanuka igihe nkoze ivyo abavyeyi banje bansaba. Baramaze kunkorera ibintu vyinshi, rero kubagamburukira ni ikintu gitoyi banyitezeko.” Kugamburuka ni wo muti ruhasha w’ukutumvikana!

     Bibiliya ivuga iti: “Ahatagira inkwi umuriro urazima.”​—Imigani 26:20.

 Inama tukugiriye. Nimba bikugora guserura akari ku mutima, nugerageze kuvyandika ku rupapuro canke na ho uvyandike muri mesaje. Umuyabaga umwe yitwa Alyssa avuga ati: “Ivyo ndabigira iyo numva ntashaka kuyaga. Biramfasha guserura akambakiye ntarinze kuvugira hejuru canke kuvuga ikintu cotuma nicuza mu nyuma.”