Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokwihanganira gute akabonge?

Nokwihanganira gute akabonge?

 Ico wokora

 Raba ibi bintu bishobora gushika:

 Nta kintu na kimwe kikinezereza Jennifer. Buri musi ararira akabogoza, kandi ata kintu kiboneka kibitumye. Ntashaka kuja mu bantu kandi no gufungura ntafungura neza. Biramugora kuronka agatiro canke kwitunira ku kintu. Jennifer aribaza ati: ‘Mbe basha ibi bintu biriko birambako ni ibiki? Ubwo nzosubira kumera nk’uko nahora?’

 Mark yahora ari umunyeshure w’intangakarorero. Ariko ubu asigaye yanka ishure kubi, kandi n’amanota aronka yaragabanutse cane. Mark ntagifise inguvu zo kwinonora imitsi, n’ingene yahora abikunda. Abagenzi biwe ntibabitahura. Abavyeyi biwe barahagaritse umutima. Kwoba ari uguhinduka bisanzwe, canke harimwo n’ibindi?

 Woba ukunze gushikirwa n’ivyo bintu vyashikiye Jennifer canke Mark? Nimba bikunze kugushikira, wokora iki? Woshobora kugerageza ibi bintu bibiri:

  1.   Kugerageza kwibako

  2.   Kuvyiganira umuntu akuze wizigiye

 Urashobora kwumva umenga wokora ico kintu ca A, canecane igihe wumva udashaka kuvuga. Ariko coba ari co kintu ciza wohitamwo? Bibiliya ivuga iti: “Babiri baruta umwe . . . kuko umwe muri bo aramutse aguye, uwundi arashobora kuvyura mugenziwe. Mugabo bizogenda gute ku wuri wenyene aguye ata wundi ariho wo kumuvyura?”—Umusiguzi 4:9, 10.

 Tubitangire akarorero: Dufate ko wazimiriye mu karere gakorerwamwo ubukozi bw’ikibi cane. Burije kandi uguma ubona hirya no hino abantu utazi. Wokora iki? Urashobora kugerageza wewe nyene kurondera inzira. Ariko, ubwo ntivyoba vyiza kuruta ubajije umuntu wizigiye?

 Akabonge kameze nk’ako karere karimwo akaga. Ni ivy’ukuri ko hashobora guhera igihe uza urumva utamerewe neza, kandi ivyo birashobora kwiheza. Ariko bishitse bikabandanya, vyoba vyiza usavye imfashanyo.

 ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Uwigungira ukwiwe . . . arwanya ubukerebutsi ngirakamaro bwose.”—Imigani 18:1.

 Iciza co guhitamwo ico kintu ca B, ni ukuvuga kuvyiganira umuvyeyi canke uwundi muntu akuze wizigiye, ni uko ushobora kwungukira ku gufashwa n’umuntu amaze gushikirwa n’ibintu bigoye mu buzima.

 Woshobora kuvuga uti: ‘Ariko abavyeyi banje ntibatahura ico kwiyumva gutya bisobanura!’ Mugabo, ubwo urazi neza ko batabitahura? Naho ivyabashikiye bakiri imiyabaga bishobora kuba bitandukanye n’ibiriko biragushikira, bashobora kuba bariyumvise nk’uko nawe wiyumva. Kandi bashobora kuba bazi ico wokora kugira bihere!

 ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Mbega ubukerebutsi ntiburi mu basaza n’ugutegera kukaba mu bwinshi bw’imisi?”—Yobu 12:12.

 Icigwa: Uganiriye n’umuvyeyi canke uwundi muntu akuze wizigiye, urashobora kuronka impanuro zokugirira akamaro.

Kugira akabonge bimeze nko kuzimirira mu karere karimwo akaga. Kugira umenye inzira, nubaze

 Bite ho hamwe yoba ari indwara?

 Nimba uhora ugira akabonge imisi yose, ishobora kuba ari indwara ikeneye kwitwararikwa na muganga.

 Ku miyabaga, ibimenyetso vy’indwara y’akabonge umuntu arashobora kuvyitiranya cane na kurya kuntu imiyabaga ikunda gukaza ishavu, ariko iyo ari indwara hoho ivyo bimenyetso usanga bikomeye kandi bikamara igihe kirekire. Rero, nimba wumva ko ugira umubabaro urenze kandi ubandanya, ntiwitinye kubiganira n’abavyeyi bawe kugira bakujane kwa muganga.

 ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”—Matayo 9:12.

 Nimba muganga akubwiye ko urwaye akabonge, ntibigutere isoni. Abakiri bato benshi bararwara akabonge, kandi karashobora kuvurwa! Abagenzi bawe nyakuri ntibazoca bakwinuba.

 Impanuro: Niwihangane. Akabonge karateba gukira, kandi urashobora kuzogira ibihe vyiza n’ibihe bibi. a

 Ivyo wokora kugira usubirane

 Vyaba bikenewe ko uvurwa canke bidakenewe, hariho ibintu wokora kugira wihanganire umubabaro udahera. Nk’akarorero, kwama winonora imitsi, gufungura imfungurwa zirimwo ivya ngombwa vyose no gusinzira bihagije birashobora gutuma umubabaro ugabanuka. (Umusiguzi 4:6; 1 Timoteyo 4:8) Urashobora kandi gusanga ari ngirakamaro ko uguma ufise agakaye woza urandikamwo ukuntu wiyumva, imigambi wokwishingira yogufasha gukira, ivyagenze nabi n’ivyagenze neza.

 Waba urwaye akabonge canke ukaba wagize akabonge gasanzwe, niwibuke iki kintu: Wemeye ko abandi bagufasha kandi ukagira ivyo ukoze kugira ukire, urashobora kwihanganira ako kabonge.

 Ivyanditswe vyo muri Bibiliya vyogufasha

  •  “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”—Zaburi 34:18.

  •  “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga.”—Zaburi 55:22.

  •  “Jewe, Yehova Imana yawe, ngufata ukuboko kw’ukuryo, nkakubwira nti: ‘Ntutinye. Jewe nzogufasha.’”—Yesaya 41:13.

  •  “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo.”—Matayo 6:34.

  •  “Ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu.”—Abafilipi 4:6, 7.

a Bishitse ukiyumvira kwiyahura, nuce ubwo nyene ubiyagira umuntu akuze wizigiye. Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro c’ibice bine kivuga ngo “Kubera iki wobandanya kubaho?” muri Be maso! ya Ndamukiza 2014.