Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nkore iki ko abandi banyinuba?

Nkore iki ko abandi banyinuba?

 “Utegerezwa kumera nk’abandi, atari ukwo nta bagenzi woronka, nta buzima, nta na kazoza woba ufise. Uribagirana ugasigara uri inyakamwe.”​—Carl.

 Ukwo si ugukavya? Kumbure. Mugabo abantu bamwebamwe bokora ibishoboka vyose kugira ivyo Carl yavuze ntibibashikire. Woba uri muri abo bantu? Iki kiganiro kiragufasha kumenya uburyo bwiza bwo kuronka abagenzi.

 Kubera iki abantu bipfuza kwemerwa n’abandi?

  •   Kubera badashaka ko abandi babakumira. “Narabonye ku mbuga ngurukanabumenyi amafoto y’abagenzi bari bagiye kwiryohera ariko ntibantumira. Nariyumviriye ico bari bampoye. Vyarambujije amahoro nca ntangura kwibaza ko batankunda.”​—Natalie.

     ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Vyoba bimaze kugushikira ukumva ko abandi bagukumiriye? Hoba hari ikintu waciye uhindura ku kuntu wari usanzwe wimereye kugira gusa bakwemere?

  •   Kubera badashaka kuboneka ko batandukanye n’abandi. “Abavyeyi banje baranyankiye gutunga telefone. Iyo abandi bana bansavye nimero zanje nkababwira ko ata telefone mfise, uza wumva ngo: ‘Sa! Ufise imyaka ingahe?’ Ndababwiye ko mfise 13, barandaba ntibampage.”​—Mary.

     ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Ni ibiki abavyeyi bawe bakubujije bituma wumva ko utandukanye n’abandi? None uhora uvyifatamwo gute?

  •   Kubera badashaka ko abandi baza barababonera. “Abana bo kw’ishure ntibakunda umuntu adakora nk’ivyo bakora, atavuga nka bo, canke ari mu rindi dini. Utemeye kumera nka bo, uba ubikwegeye.”​—Olivia.

     ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Hoba hari abamaze kugufata nabi kubera ko utameze nka bo? None wavyifashemwo gute?

  •   Kubera badashaka gutakaza abagenzi. “Naragerageza kumera nk’abantu bose twaba turi kumwe. Narahindura ukuntu nsanzwe mvuga, ngatwenga n’ibintu bidatwengeje. N’igihe baba bariko baratwenga uwundi mwana na je narajamwo naho nari nzi ko bibabaza.”​—Rachel.

     ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Kwemerwa n’abagenzi ubona ko bihambaye ku rugero rungana iki? Woba warigeze guhindura uko umeze kugira bakwemere?

 Ico ukwiye kumenya

  •   Kwigana abandi kugira gusa bakwemere birashobora kuvamwo igihushane. Kubera iki? Abandi barashobora kubona ko ari ivyo uriko urigirisha. Brian w’imyaka 20 avuga ati: “Igihe naba ngerageje kwigira uko ntari vyatuma riho abo twigana batanyemera. Nasanze umuntu yokwigumira uko ari kuko abandi batabura kubibona igihe ariko arigirisha.”

     IKINTU CIZA WOKORA: Numenye igihambaye kuri wewe. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Abafilipi 1:10) Niwibaze rero uti: ‘Igihambaye ni igiki? Kwoba ari ukumera nk’abantu batisunga ingingo ngenderwako nisunga canke kwigumira uko nsanzwe ndi?’

     “Kugerageza kumera nk’abandi nta co bimaze. Ntibituma abantu bagukunda kandi ntibituma urushiriza kumera neza.”​—James.

  •   Gushaka kwemerwa n’abandi vyoshobora gutuma uba niryo. Ivyo vyoshobora gutuma urondera gushimisha abantu bose, ukaza urakora ivyo abandi bashaka ko ukora. Umusore yitwa Jeremy avuga ati: “Nahora nkora ibintu vyose abandi bashaka kugira gusa tube abagenzi, naho vyaba bisaba ko nkora ikintu kinsiga iceyi. Ivyo vyatumye abandi bankoresha ivyo bashaka vyose. Nari nacitse igikinisho cabo.”

     IKINTU CIZA WOKORA: Numenye ingingo ngenderwako wisunga kandi uzumireko, aho kumera nk’uruvu ruza rurahindagura amabara bivanye n’aho rugeze. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Ntuze ukurikire isinzi mu ntumbero mbi.”​—Kuvayo 23:2.

     Naragerageje gukunda ibintu vyose abagenzi banje bakunda nk’imiziki, udukino, inyambaro, ibiganiro vyo kuri televiziyo, n’ingene bipodora. Ntako ntagize ngo mere nka bo. Nibaza ko babibonye ko nariko ndigirisha. Ngira nta n’umwe atabibonye, na je narabibonye. Nta kindi vyavuyemwo atari umubabaro n’irungu, kandi sinari nkimenya n’ico ndi. Nari nsigaye ndi uwundi muntu. Narabonye ko udashobora guhuza na bose canke ngo ukundwe na bose. Ariko ivyo ntibisigura ko udakwiye kurondera abagenzi; bisaba gusa ko umuntu yihangana, akiha umwanya kugira amenye neza ico ari.”​—Melinda.

  •   Gushaka kwemerwa n’abandi birashobora gutuma wadukana ingeso mbi. Uwitwa Chris aremeza ko ivyo ari ukuri afatiye ku vyashikiye incuti yiwe. Avuga ati: “Yaradukanye ingeso atari asanganywe, nko kunywa ibiyayuramutwe, kugira gusa amere nk’abagenzi biwe. Yariziziwe n’ibiyayuramutwe kandi vyarahatswe kumwononera ubuzima.”

     IKINTU CIZA WOKORA: Niwirinde abantu bavuga canke bakora ibintu bitaranga urupfasoni. Bibiliya ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.”​—Imigani 13:20.

     “Rimwe na rimwe usanga ari vyiza kugerageza kumera nk’abandi. Ariko ntukwiye kubigira mu gukora ibintu usanzwe uzi ko bitabereye. Abagenzi nyakuri bazokwemerera ico uri.”Melanie.

     Impanuro: Igihe urondera abagenzi bashasha, ntubaronderere gusa mu bo mukunda bimwe. Nurondere abantu bisunga ingingo ngenderwako nk’izo wisunga, haba mu bijanye no gusenga, mu vyo kwigenza runtu no mu bijanye n’ikibereye n’ikitabereye.

    Si impuzu zose zokubera. Muri ubwo buryo nyene, si abantu bose botuma urushiriza kuba umuntu mwiza