Ja ku birimwo

Kuki abavyeyi banje batandeka ngo niryohere?

Kuki abavyeyi banje batandeka ngo niryohere?

Niwiyumvire iki kintu gishobora gushika:

Ushaka kuja mu rubanza, ariko ntuzi neza ko abavyeyi bawe baza kukwemerera. Wohitamwo gukora iki muri ibi bikurikira?

  1.  KUDASABA URUHUSHA, UGAPFA KUGENDA

  2.  KUDASABA URUHUSHA KANDI NTUGENDE

  3.  GUSABA URUHUSHA, UKARABA UKO BIGENDA

 1. KUDASABA URUHUSHA, UGAPFA KUGENDA

 Icotuma wiyumvira kubigenza gutyo: Ushaka gutangaza abagenzi bawe mu kubereka ko widegemvya. Wiyumvira ko uzi vyinshi kurusha abavyeyi bawe, canke ukaba utubahiriza uko babona ibintu.—Imigani 14:18.

 Ingaruka: Abagenzi bawe boshobora gutangara, ariko kandi bazoca babona ko uri umubeshi. Nimba ubesha abavyeyi bawe, n’abagenzi bawe ntuzobagera umutwe. Abavyeyi bawe nibabimenya, bazobabara kandi bazobona ko wabahemukiye, kandi birashoboka ko uzoca ufatirwa ibihano vyo kudacaruka!—Imigani 12:15.

 2. KUDASABA URUHUSHA KANDI NTUGENDE

 Icotuma wiyumvira kubigenza gutyo: Urazirikanye kuri ubwo butumire maze ubona ko ivyo muzoba mugiyemwo biteye kubiri n’ingingo ngenderwako wisunga canke ko mu batumiwe hazoba harimwo abagenzi batari beza. (1 Abakorinto 15:33; Abafilipi 4:8) Canke na ho, hari aho woba ushaka kujayo ariko ukaba utinya kubisaba abavyeyi bawe.

 Ingaruka: Uretse kugenda kubera uzi ko ari bibi, uzokwishura abagenzi bawe umutima uri mu nda. Ariko uretse kugenda kubera gusa utinya kubisaba abavyeyi bawe, woshobora gusanga wicaye i muhira wicurikiriye, wiyumvira ko ari wewe wenyene utariko uriryohera.

 3. GUSABA URUHUSHA, UKARABA UKO BIGENDA

 Icotuma wiyumvira kubigenza gutyo: Uremera ubukuru abavyeyi bawe bagufiseko kandi urubahiriza uko babona ibintu. (Abakolosayi 3:20) Urabakunda kandi ntushaka kubababaza mu kugenda batabizi. (Imigani 10:1) Biranatuma uronka akaryo ko gushikiriza ivyiyumviro vyawe.

 Ingaruka: Abavyeyi bawe barabona ko ubakunda kandi ububaha. Vyongeye, baramutse babonye ko ico kintu usavye cumvikana, boshobora kukwemerera.

Ivyoshobora gutuma abavyeyi bawe bakwankira

Cokimwe na ba bantu bajejwe gutabara abariko baroga, abavyeyi bawe bari ahantu hatuma biborohera kubona akaga

 Imvo ya mbere ibituma twoyisanisha n’ibi: Igihe ugiye kwoga, hamwe vyoba bishoboka woshima kwogera ku nkengera ifise mwene ba bantu bajejwe gutabara abariko baroga. Kubera iki? Kubera ko igihe uriko uraryoherwa uri mu mazi bigoye cane ko ubona akaga. Ariko abo bantu bobo baba bari ahantu hatuma biborohera kubona ibintu biteye akaga. N’abavyeyi bawe nyene, kubera ko bazi vyinshi kukurusha, boshobora kubona akaga utabona. Nka kumwe kwa ba bantu bajejwe gutabara abariko baroga, intumbero y’abavyeyi bawe si iyo kukubuza kwiryohera, ahubwo ni iyo kugufasha kwirinda akaga kotuma ubura umunezero mu buzima.

 Ehe iyindi mvo: Abavyeyi bawe baripfuza cane kugukingira. Urukundo bagukunda rutuma bakwemerera igihe bishoboka canke bakakwankira igihe bibaye ngombwa. Igihe ubasavye uruhusha rwo gukora ikintu, baribaza nimba batohava bicuza hamwe bokwemerera. Nibajijuka ku rugero rwumvikana ko utazogira ingorane ni ho gusa bazobona ko bibereye maze bakwemerere.

Ingene wokwongereza amahirwe yo guhabwa uruhusha

Ivyo wokora

 Kuvugisha ukuri: Niwibaze uti: ‘Mu vy’ukuri, kubera iki nshaka kujayo? Kwoba ari ukubera canecane ndyoherwa n’ico nzoba ngiye gukora, canke ni uko nshaka kwemerwa n’urunganwe rwanje? Kwoba ari ukubera hari uwo nkunda azoba ariyo?’ Nuce ubwiza ukuri abavyeyi bawe. Aho uri na bo nyene barahaciye, kandi barakuzi neza. Uko biri kwose rero, ntibazobura kubona imvo nyakuri zituma ushaka kujayo. Uvugishije ukuri bazobishima, kandi uzokwungukira ku bukerebutsi bwabo. (Imigani 7:1, 2) Ariko rero, utavugishije ukuri, biratuma abavyeyi bawe batakwizigira, bikagabanya n’amahirwe ufise yo guhabwa uruhusha.

 Guhitamwo umwanya: Ntugume ugora abavyeyi bawe ubasaba ivyo wipfuza igihe ari ho bagitaha bavuye ku kazi canke igihe bituniye ku bindi bintu. Nubegere igihe batekanye. Ariko nturindire ku munota wa nyuma ngo uce uguma ubaremera ngo baguhe inyishu. Abavyeyi bawe ntibazoshima gufata ingingo gihutihuti. Nubibasabe hakiri kare, ubahe umwanya wo kwiyumvira, kandi bazokenguruka kubona ubazirikana.

 Ivyo uvuga: Ntuvuge ibintu bidatomoye. Basigurire neza ico wipfuza gukora. Abavyeyi ntibashima kwishurwa ngo: “Sinzi,” na canecane igihe bakubajije ngo: “Ni bande muzoba muri kumwe?”, “Hoba hari umuntu akuze kandi yitwararika ibintu azoba ahari?” canke ngo “Bizohera ryari?”

 Uko uvyifatamwo: Abavyeyi bawe ntubabone nk’abansi. Nubone ko bari ku ruhande rwawe, kandi ubiravye neza, ni ko biri. Ubabonye muri ubwo buryo, vyoshoboka ko babona ko utabarwanya, kandi hari aho borushiriza kwemera ivyo ubasaba.

 Niwereke abavyeyi bawe ko ukuze ku buryo wemera ingingo bafashe kandi ukayubahiriza. Niwabigenza gutyo, bazokwubaha. Kandi ubutaha niwagira ico ubasavye, hari aho bobiraba bakakwemerera.