Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nosigura gute ivyo nemera ku bijanye n’ivy’igitsina?

Nosigura gute ivyo nemera ku bijanye n’ivy’igitsina?

“Uti? Uracari isugi?”

Hamwe woba wipfuza kwishura ico kibazo kandi inyishu yawe akaba ari ego, woba woshima gutanga iyo nyishu ufise umutima mu nda? Iki kiganiro kiraza kugufasha!

 Isugi ni iki?

 Isugi ni umuntu atarigera ahuza ibitsina n’uwundi muntu.

 Ariko rero, guhuza ibitsina si bwo buryo bwonyene bwo gukoresha ibihimba vy’irondoka. Hari aboshobora kwiyita ko ari isugi kubera ko ata muntu barahuza ibitsina naho mbere boba barakoze ibindi bintu bijanye n’igitsina.

 Ijambo ubusambanyi rirashobora kwerekezwa, nk’akarorero, ku guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka, kubicisha mu kibuno canke ugukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu .

 Muri make: Abantu bamaze gusambana, aho hakaba harimwo abamaze gukora ivyo guhuza iminwa n’ibihimba vy’irondoka, ivyo kubicisha mu kibuno canke ivyo gukuyakuyana ibihimba vy’irondoka, ntibashobora kuvuga ko bakiri isugi.

 Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivy’igitsina?

 Bibiliya ivuga ko ivy’igitsina bikwiye kugirwa gusa hagati y’umugabo n’umugore bubakanye imbere y’amategeko. (Imigani 5:​18) Ku bw’ivyo, umuntu yipfuza guhimbara Imana ntakwiye gukora ikintu cose kijanye n’ivy’igitsina imbere y’uko yubaka urwiwe.​—1 Abatesalonika 4:​3-5.

 Hari abavuga yuko ivyo Bibiliya ivuga vyataye igihe kandi ko bidahuye na gato n’iyi si yacu ya none. Yamara, ntiwibagire ko iyi si yacu ya none yuzuyemwo ukwahukana, ugutwara inda z’indaro be n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka. Vy’ukuri, ino si yacu ya none nta mpanuro n’imwe yotanga ku bijanye no kwigenza runtu!​—1 Yohani 2:​15-​17.

 Igihe uzirikanye kuri vyo bintu, ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye no kwigenza runtu usanga vyumvikana. Reka tubitangire akarorero: Dufate ko hari umuntu aguhaye amahera angana n’umuliyoni n’inusu w’amarundi. Ubwo none woterera ayo mahera hanze kugira atorwe n’uwo ari wese arenganye?

 Uhanganye n’ikibazo nk’ico ku bijanye n’ivy’igitsina. Sierra, uwufise imyaka 14, yavuze ati: “Sinipfuza guterera ubusugi bwanje umuntu ntashobora mbere kuzoba ncibuka izina ryiwe nihaca imyaka nk’ingahe.” Tammy w’imyaka 17 aremera ivyo. Avuga ati: “Ubusugi ni ingabirano idasanzwe umuntu adakwiye gupfa uwo ayihaye.”

 Muri make: Bibiliya irashigikira ko umuntu atarubaka urwiwe yoguma ari isugi be n’uko yogira inyifato itanduye.​—1 Abakorinto 6:18; 7:8, 9.

 Wewe wemera iki?

  •   Woba wemera ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ivy’igitsina vyumvikana, canke ubona ko irenza urugero?

  •   Abantu babiri bavuga ko bakundana ariko batabiranye, woba ubona ko ata ngorane ihari bahuje ibitsina canke bagakora ibindi bintu bijanye n’igitsina?

 Abakiri bato benshi, bamaze kurimbura neza ico kibazo, bashitse ku ciyumviro c’uko kuguma uri isugi no kugira inyifato idahumanye ari ihitamwo ryiza kuruta. Ntibicuza kuba barahisemwo gutyo eka kandi ntibumva ko hari ico bahomba. Raba ivyo bamwe muri bo bavuga:

  •  “Ndahimbawe kuko ndi isugi! Nta kibi kiri mu kwirinda umubabaro wo mu bwenge, ku mubiri no mu nyiyumvo umuntu agira iyo ahuje ibitsina atarubaka urwiwe.”​—Emily.

  •  “Ndaryohewe kubera ko ata muntu n’umwe twaryamanye, kandi ndahimbawe no kuba ntikeka na mba ko noba ndwaye indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.”​—Elaine.

  •  “Ndamaze kwumva abakobwa benshi tungana n’abanduta bavuga ko bicuza kuba barasambanye, kandi ko vyari kubabera vyiza iyo barindira; rero sinipfuza kurwa muri iryo kosa nyene.”​—Vera.

  •  “Ndamaze kubona abantu benshi bafise umubabaro mwinshi kubera ko batakiri isugi canke baryamanye n’abantu benshi. Mbona ko ubuzima nk’ubwo bubabaje.”​—Deanne.

 Muri make: Urakeneye kumenya ivyo wemera imbere y’uko ushirwako umukazo wo gusambana canke uhangana n’ikigeragezo co gusambana.​—Yakobo 1:​14, 15.

 Wosigurira gute abandi ivyo wemera?

 Wovuga iki hagize umuntu anegura ivyo wemera ku bijanye n’ivy’igitsina? Vyovana n’uko ibintu vyifashe.

 “Igihe umuntu ariko arancokoza kandi iyo ikaba ari yo ntumbero yonyene afise, sinoca niraramira. Noca ndamubwira nti: ‘Ivyo ntibikuraba,’ nkaca nigira.”​—Corinne.

 “Birababaje kuba kw’ishure hari abantu bakunda gutoteza abandi kugira gusa babe baritwengera. Igihe umuntu ambajije afise iyo ntumbero, sinomwishura.”​—David.

 Wari ubizi? Rimwe na rimwe, Yezu aho kwishura abamutyekeza yarinumira.​—Matayo 26:62, 63.

 Ariko none, bite ho mu gihe uwo muntu akubajije atariko arafyina kandi abigiranye icubahiro? Niba wibaza ko uwo muntu yoba yubaha Bibiliya, woshobora kumubwira icanditswe nka 1 Abakorinto 6:​18, ikivuga ko umuntu ahuza ibitsina atarubaka urwiwe aba acumuye ku mubiri wiwe bwite canke ko aba awononye.

 Waba uriko urakoresha Bibiliya canke utayikoresha, birahambaye ko uvugana ubujijutsi. Niwibuke ko ufise uburenganzira bwo kwirata kubera ko wahisemwo kuguma udahumanye mu vy’inyifato runtu.​—1 Petero 3:​16.

 “Kwishurana ubujijutsi birerekana ko udakekeranya ku vyo wemera kandi ko ivyo ukora ubikora kubera ko bibereye, atari kubera ari ivyo wabwiwe gukora.”​—Jill.

 Muri make: Ni ba warajijutse n’ivyo wemera ku bijanye n’igitsina, uzoshobora kubisigurira abandi. Kandi woshobora gusanga bavyakiriye mu buryo utari witeze. Melinda w’imyaka 21 avuga ati: “Abo dukorana barankeje vy’ukuri kubera ndi isugi. Ntibabibona nk’ibintu bitabaho. Babona ko ari ikimenyetso c’ukwigumya no gukora ibibereye.”

 Impanuro! Niba ukeneye imfashanyo kugira urushirize kujijuka ku bijanye n’ivy’igitsina, nuvome ivyiyumviro wokwifashisha bivuga ngo “Ukuntu wosigura ivyo wemera ku bijanye n’ivy’igitsina.” Nurabe kandi mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro.

 “Ndakunda uburyo bwo kuzirikana buri mu bitabu ‘Urwaruka ruribaza.’ Nk’akarorero, mu Gitabu ca 1 ku rupapuro rwa 187 harerekana ko guhuza ibitsina utarubaka urwawe bimeze nko gutanga ku buntu umugufu uzimvye cane. Ni ukwitesha agaciro. Ku rupapuro rwa 177 harerekana ko guhuza ibitsina utarubaka urwawe ari nko gufata igicapo ciza ukagishira imbere y’umuryango kugira ngo baze baracihanaguzako imbere y’ukwinjira. Ariko ikigereranyo nkunda cane kiri ku rupapuro rwa 54 mu Gitabu ca 2. Akajambo gaherekeje ifoto ihari kavuga gati: ‘Kuryamana n’umuntu utarubaka urwawe ni nko gutekurura ingabirano utarahabwa.’ Ni nk’aho uba uriko uriba ikintu c’uwundi muntu, uwo na we akaba ari uwo muzokwubakana.”​—Victoria.