Ja ku birimwo

Ukuntu wiyumva

Abakiri bato benshi usanga bafise irungu, amaganya, baruha cane kandi barwaye akabonge. Raba ivyo wokora nimba ivyo bimaze kugushikira.

Inyiyumvo zica intege

Noshobora gute gucungera inyiyumvo zanje?

Ni ibisanzwe ko ukuntu abakiri bato biyumva biza birahindagurika ariko benshi birabahagarika umutima. Ariko inkuru nziza ni uko ushobora gutahura ukwo kuntu wiyumva kandi ukavyihanganira.

Woshobora gute gucungera inyiyumvo zica intege?

Uwu mwimenyerezo ugenewe kugufasha kwihanganira inyiyumvo zica intege.

Ni igiki comfasha kwirinda ivyiyumviro bica intege?

Kwisunga izi mpanuro birashobora kugufasha kwiga kubona ibintu mu buryo bwiza.

Nokwihanganira gute akabonge?

Ibi bintu birashobora kugufasha kugira ivyo ukoze kugira utore mitende.

Gutsinda umubabaro

Ni ibiki vyogufasha kwiyumva neza igihe wacitse intege?

Umubabaro ufise urashobora guhera

Wokora iki igihe wumva urengewe n’umubabaro?

Ingene wotsinda irungu

Kwama wishwe n’irungu bitera ingorane zingana n’iziterwa n’ukunywa amatabi 15 ku musi. Wokora iki kugira wirinde kwumva ko ata wukwitayeho canke kwumva irungu?

Novyifatamwo gute ndi mu maganya?

Ibintu bitanu vyotuma amaganya agufasha aho kuguteza ingorane.

Noshobora gute gutsinda ishavu?

Hari Ivyanditswe bitanu vyo muri Bibiliya bishobora kugufasha kuguma utekanye igihe usomborokejwe.

Niwige gutsinda ishavu

Raba ibintu bitanu bishingiye kuri Bibiliya vyogufasha gutsinda ishavu.

Noba ndondera ko ibintu vyose biba ibitunganye?

Wokwerekana gute itandukaniro riri hagati yo gukora uko ushoboye kwose no kurondera gukora ivyo udashoboye?

Niwirinde agatima ko kurondera ko ibintu vyose biba ibitunganye

Umwimenyerezo ugufasha kutitega ibirenze urugero kuri wewe ubwawe no ku bandi.

Ingorane

Ico wokora igihe habaye amahinduka

Amahinduka yama yabaye. Raba ingene abakiri bato bamwebamwe bavyifashemwo neza mu mahinduka.

Novyifatamwo gute igihe nshikiwe n’ivyago?

Abakiri bato barigana ivyabafashije kwihangana.

Iyo umuvyeyi apfuye

Kubura umuvyeyi bitera umubabaro utovugwa. Ni ibiki vyofasha uwukiri muto kwihanganira uwo mubabaro?

Nokora iki numva ntagishaka kubaho?

Ibintu bine ngirakamaro vyogufasha kumenya ingene uvyifatamwo igihe wumva utagishaka kubaho.

Wokora iki igihe hari uwugutoteza?

Benshi mu batotezwa bumva ko batagira gitabara. Iki kiganiro kirasigura icokorwa kugira ibintu birushirize kugenda neza.

Nokwihanganira gute agatotezo?

Urashobora kudahindura uwugutoteza ariko urashobora guhindura uko uvyifatamwo utotejwe.

Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara

Raba igituma hari abatoteza abandi n’ingene wovyifamwo igihe utotejwe.

Novyifatamwo gute hagize abantoteza kuri internet?

Ivyo ukwiye kumenya n’ivyo wokora kugira wikingire.

Ingene wokwiyama uwugutoteza kuri internet

Uwu mwimenyerezo uragufasha kumenya ico wokora n’ico utokora mu kwiyama uwugutoteza kuri internet.

Ingorane zo mu ntango y’ubuyabaga nozifatamwo gute?

Raba amahinduka aba muri ico kiringo n’ingene wovyifatamwo neza.

Kubera iki nikebagura?

Abakiri bato benshi barafise ingorane yo kwigirira nabi ku mubiri. Nimba ufise iyo ngeso, ushobora gute kuronka imfashanyo?

Nokwirinda gute kurengerwa n’ibikorwa?

Ivyo biterwa n’iki? Woba uri mu gusanzara? Nimba ari ko bimeze, ni igiki wokora?

Nokwihangana gute duhebanye n’uwo twakundana?

Ibintu bivugwa muri uwu mwimenyerezo birashobora kugufasha gutera uja imbere.

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gukorerwa amabi mu vy’igitsina?—Igice ca 2: Ivyogufasha gusubirana

Soma ivyavuzwe n’abigeze guhohoterwa mu vy’igitsina wumve ingene bashoboye gusubirana.