Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gukorerwa amabi mu vy’igitsina?​—Igice ca 1: Ivyo umuntu yokora kugira yikingire

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gukorerwa amabi mu vy’igitsina?​—Igice ca 1: Ivyo umuntu yokora kugira yikingire

 Gukorerwa amabi mu vy’igitsina vyerekezwa ku ki?

 Naho iyo mvugo isigurwa ugutandukanye bivanye n’akarere, muri rusangi yerekezwa ku kurangura amabanga mpuzabitsina utabishaka, rimwe na rimwe hakajamwo ivyo gukoresha inguvu. Harimwo kandi gushurashuza abana canke imiyabaga, kugoka, gufata ku nguvu, no gushurashuzwa n’umuntu wari wizigiye, nk’umuganga, umwigisha, canke umukuru w’idini. Abakorewe amabi mu vy’igitsina, baba babwiwe amajambo y’ibishegu canke bashurashujwe, bene kubibagirira barabatera ubwoba ngo nibahirahira bakagira uwo babibwira bazibonerako.

 Nk’uko itohoza rimwe ryavyerekanye, buri mwaka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika gusa, abantu nka 250.000 barakorerwa amabi mu vy’igitsina. Hafi igice cabo ni abafise imyaka iri hagati ya 12 na 18.

 Ico ukwiye kumenya

  •   Bibiliya iriyamiriza amabi akorwa mu vy’igitsina. Bibiliya irigana inkuru y’akagwi k’abantu b’ibihumbu bashaka gufata ku nguvu abagabo babiri bari baje mu gisagara ca Sodomu, ubu hakaba haheze nk’imyaka 4.000. Ivyo birerekana igituma Yehova yasanganguye ico gisagara. (Itanguriro 19:4-13) Vyongeye, Itegeko ryahawe Musa, ubu hakaba haheze nk’imyaka 3.500, ryarabuza kugoka, aho hakaba harimwo no gukorera amabi mu vy’igitsina incuti.​—Abalewi 18:6.

  •   Abakorerwa amabi mu vy’igitsina nka bose bayakorerwa n’uwo bazi. Igitabu kimwe (Talking Sex With Your Kids) kivuga giti: “Mu bantu batatu bakorerwa amabi mu vy’igitsina, babiri baba basanzwe bazi bene kuyabakorera. Si abantu baba biyadukije.”

  •   Baba ab’igitsina-gabo canke ab’igitsina-gore, bose barakorerwa amabi mu vy’igitsina. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nk’ibice 10 kw’ijana vy’abakorerwa amabi mu vy’igitsina usanga ari ab’igitsina-gabo. Nk’uko vyavuzwe ku muhora umwe wo kuri internet (Rape, Abuse & Incest National Network [RAINN]), abantu b’igitsina-gabo bakorerwa amabi mu vy’igitsina “barashobora kugira ubwoba bw’uko kuba barakorewe amabi mu vy’igitsina bishobora gutuma bacika abantu baryamana n’abo basangiye igitsina” canke “bakumva ata co bamaze.”

  •   Kuba ivyo gukora amabi mu vy’igitsina vyariraye ntibitangaje. Bibiliya yari yaravuze ko “mu misi ya nyuma” abantu benshi bobaye “batiyumvamwo ababo,” ari “inkazi” kandi “batagira ukwigumya.” (2 Timoteyo 3:1-3) Izo nyifato zirigaragaza mu bantu barondera kwimarira inambu y’umubiri ku bandi.

  •   Uwakorewe amabi mu vy’igitsina si we akwiye kubazwa ivyabaye. Nta n’umwe akwiye kuba nk’igikoresho abandi bimarirako inambu y’umubiri. Uwukorera abandi amabi mu vy’igitsina ni we yobazwa ivyo akora. Naho ari ukwo, urashobora kugira ivyo ukoze kugira ugerageze kwikingira ngo ntukorerwe ayo mabi.

 Ico wokora

  •   Niwitegure. Niwiyumvire imbere y’igihe ico wokora hagize umuntu arondera ko muryamana, naho yoba ari uwo mureshanije canke incuti yawe. Umugore akiri muto umwe yitwa Erin avuga ko mu kwitegurira akosho ako ari ko kose, umuntu yoza aragira udukino tw’ibintu vyoshobora gushika n’ukuntu yovyifatamwo. Avuga ati: “Womenga ni ivyo gufyina, ariko bishitse bakagomba kugukorera amabi mu vy’igitsina, mwene utwo dukino turashobora kugufasha.”

     Bibiliya ivuga iti: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, . . . kubera ko imisi ari mibi.”—Abanyefeso 5:15, 16.

     Niwibaze uti: ‘Nokora iki hagize umuntu ankorako mu buryo butabereye?’

  •   Nutegure ico woca ukora kugira uhave. Kuri wa muhora wo kuri internet twavuga batanga iyi mpanuro: “Nurondere ijambo rifobetse wokoresha rizwi n’abagenzi bawe canke incuti zawe, ku buryo ubonye ubangamiwe woca ubaterefona ukaribabwira, gutyo bakamenya ibiriko biragushikira, ariko uwo muntu muri kumwe we ntatahure ivyo uriko uravuga. Abagenzi bawe canke incuti zawe boshobora guca baza kugutora canke bakarondera icitwazo bokoresha kugira uve aho hantu.” Woshobora kwikingira umubabaro mu kwirinda ivyohava bigushira mu kaga.

     Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.”​—Imigani 22:3.

     Niwibaze uti: ‘Ni igiki nateguye noca nkora kugira mve ahari uwo muntu yoba agomba kungirira nabi?’

    Niwame ufise ikintu wateguye woca ukora kugira uve ahari umuntu yoba agomba kukugirira nabi

  •   Niwishingire uturimbi kandi utwumireko. Nk’akarorero, nimba ufise uwo mureshanije, murakwiye kuganira inyifato ibereye mwogira, n’inyifato itabereye mwokwirinda. Nimba uwo muntu abona ko kwishingira uturimbi ata co bimaze, nuce umuheba, urondere uwundi yubahiriza ingingo ngenderwako wisunga.

     Bibiliya ivuga iti: “Urukundo . . . ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite.”​—1 Abakorinto 13:4, 5.

     Niwibaze uti: ‘Ni ingingo ngenderwako izihe nisunga? Ni inyifato nyabaki itabereye?’