Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki mfise amasoni?

Nokora iki mfise amasoni?

 Inkuru ibabaje: Amasoni arashobora gutuma uhomba abagenzi beza be n’ibintu vyiza wari kumenya.

 Inkuru nziza: Kugira amasoni ntivyama ari bibi. Birashobora kugufasha kwiyumvira imbere yo kuvuga, bikongera bigatuma urushiriza kuba umuntu yihweza kandi yumviriza.

 Igishimishije kuruta: Nimba uri umuntu w’amasoni ubu, ntibica bisigura ko ari ko uzokwama umeze. Urashobora kugabanya ingaruka amasoni ashobora kukugirako. Iki kiganiro kiraza kukwereka uko wobigenza.

 Numenye igituma utinya kuvuga

 Amasoni arashobora gutuma utinya kuvugana n’abantu amaso mu yandi. Ivyo bica bituma wumva umengo uri akahebwe, nk’aho woba wugaraniwe ahantu hari umwiza. Ivyo birashobora kugutera ubwoba. Ariko hamwe wogerageza kumenya igituma utinya kuvuga, woshobora gusanga ubwo bwoba budafise ishingiro. Raba uburorero butatu bw’ibintu bituma abantu batinya kuvuga.

  •   Ikintu ca 1: “Sinzi ico novuga.”

     Ukuri: Akenshi usanga abantu badakunda kwibuka ivyo wavuze, ahubwo bibuka ukuntu ivyo wavuze vyatumye biyumva. Urashobora kurengera ubwoba ufise mu kurushiriza kuba umuntu yumviriza abandi, kandi yitwararika ivyo bariko baravuga.

     Zirikana kuri iki kintu: Wewe ushima umugenzi ameze gute? Umuntu avuga menshi canke umuntu yumviriza?

  •   Ikintu ca 2: “Norambira abantu.”

     Ukuri: Abantu ntibazobura kugira ico bakwiyumviyeko, waba ufise amasoni canke ata yo ufise. Urashobora kurengera ubwoba ufise, ukayagisha abantu kugira bakubone nk’uko uri koko.

     Zirikana kuri iki kintu: Nimba wibaza ko abantu bose bakubona nabi, ubwo ntiwoba uriko urabarenganya mu kubiyumvira ukutariko?

  •   Ikintu ca 3: “Hamwe novuga ikosa nobura iyo nkwirwa.”

     Ukuri: Rimwe na rimwe, twese birashika tukavuga amakosa. Urashobora kurengera ubwo bwoba mu kubona mwene utwo dukosa nk’akaryo ko kwerekana ko utishira hejuru.

     Zirikana kuri iki kintu: None ntunezerwa igihe uri kumwe n’abantu bemera amakosa yabo?

 Wari ubizi? Abantu benshi bibaza ko kuba bandika cane amamesaje kuri telefone ari icerekana ko ata masoni bafise. Ariko ubugenzi nyakuri bushoboka igihe uyaga n’abantu amaso mu yandi. Umuhinga mu bijanye n’amagara yo mu mutwe be n’ivy’ubuhinga bwa none yitwa Sherry Turkle, yandika ati: “Igihe tubonana n’abantu amaso mu yandi kandi tukayaga na bo, ni ho turushiriza kuba abagenzi.” a

Igihe wize kurengera ubwoba ufise, uzosanga kuganira n’abantu amaso mu yandi bidateye ubwoba nk’uko wahora ubibona

 Nutegekanye ico wokora

  •   Niwirinde kwigereranya n’abandi. Si ngombwa ngo ube umutezi w’inkuru wa cane. Ahubwo, intumbero wokwishingira ni iyo kurengera amasoni yawe kugira ntuhombe abagenzi beza be n’ibintu vyiza wari kumenya.

     “Si mpaka ngo uvuge amajambo menshi canke ngo wiharize ikiyago. Niwidondore umuntu ubonye ari bwo bwa mbere canke umubaze utubazo dusanzwe.”​—Alicia.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene, atari mu kwigereranya n’uwundi.”​—Abagalatiya 6:4.

  •   Nube umuntu yihweza. Niwihweze abantu bakunda kuyaga maze ugire ico wigiye ku kuntu bayagisha abandi. Ni ibiki biborohera? Ni ibiki bibagora? Ni ubuhanga ubuhe bafise ubona nawe wotsimbataza?

     “Niwihweze abantu boroherwa no kuronka abagenzi maze ugire ivyo ubigiyeko. Igihe bahuye n’umuntu ari bwo bwa mbere, niwitegereze ukuntu bavyifatamwo n’ukuntu bamuyagisha.”​—Aaron.

     Ico Bibiliya ivuga: “Icuma gikarishwa n’icuma. Ni ko n’umuntu akarisha uwundi.”​—Imigani 27:17.

  •   Nubaze ibibazo. Akenshi, usanga abantu bakunda guserura ukuntu babona ibintu. Rero kubabaza ibibazo ni bwo buryo bwiza bwo gutangura kubayagisha. Ivyo mbere biratuma batagumiza umutima kuri wewe.

     “Kwitegura imbere y’igihe biratuma udahagarika umutima. Imbere y’uko uja ahantu uza guhurira n’abandi, urashobora no kwiyumvira ibintu bikeya wovuga canke ibibazo wobaza kugira ngo ntuze guhagarika umutima cane uhuye n’abantu mutamenyeranye.”​—Alana.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Abafilipi 2:4.

a Vyakuwe mu gitabu Reclaiming Conversation.