Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Bwoba ari ubugenzi canke ni urukundo?—Igice ca 2: Nobimenya gute?

Bwoba ari ubugenzi canke ni urukundo?—Igice ca 2: Nobimenya gute?

 Wama uboneka igihe cose akeneye ko muyaga. Kandi ubuheruka mwayaze umwanya mureremure. Ariko ingorane ni uko ari uwo mudasangiye igitsina. Wibwira uti: ‘Turi abagenzi gusa,’ ukiyumvira ko na we nyene ari ukwo abibona. None hoba hari ico bitwaye?

 Ivyoshika

 Si bibi kugira abagenzi mudasangiye igitsina. Ariko bite ho hamwe wogiranira ubugenzi budasanzwe n’umwe muri bo? Muri ico gihe, arashobora kwibwira ko ushaka ko mukundana.

 Coba ari co ushaka vy’ukuri? Rimbura uburyo ivyo bishobora gushika, mbere utanabizi.

  •   Uramwitwararika birenze urugero.

     “Naho udashobora gucungera ukuntu uwundi yiyumva, ntukwiye kwongereza akariro mu kuguma uvuga ko muri abagenzi ariko ukamuterefona ukongera ukamuyagisha umwanya wose.”—Sierra.

  •   Uritabira ukukwitwararika akugaragariza.

     “Si jewe natangura kurungika mesaje, ariko nama nishura amamesaje menshi anyandikira. Haciye igihe, vyarangoye kumusigurira ko ndamufata nk’umugenzi asanzwe.”—Richard.

  •   Uramuremesha ngo akwitwararike.

     “Hari abantu bibaza ko urukundo ari ugufyina. Barafyinisha ukuntu abandi biyumva kandi ata n’umugambi bafise wo gukundana. Jewe naravyiboneye akatari gake, kandi vyama bitera umubabaro.”—Tamara.

 Muri make: Kwama uyagisha wongera witwararika umuntu bituma yiyumvira ko umukunda.

 Ingorane biteza

  •   Biramubabaza.

     Bibiliya ivuga iti: “Ivyitezwe iyo vyigijwe inyuma birwaza umutima.” (Imigani 13:12) Wokwitega iki hamwe umuntu yoguma akwereka ko agukunda?

     “Imvugo [y’icongereza] ivuga ngo ‘kugumiza umuntu kw’igera,’ yerekeza kw’ifi uba wafashe n’igera mugabo ukaba udashaka kuyirekura canke kuyikwega uyikure mu mazi. Ikintu nk’ico coshika mu gihe woba udashaka kuresha umuntu ariko ukamugumiza ‘kw’igera.’ Ivyo bituma ababara cane.”—Jessica.

  •   Bironona ukuntu uzwi.

     Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.” (Abafilipi 2:4) Wovuga ko ari igiki cerekana ko umuntu yitwararika ivyiwe gusa? Ivyo bigira ico bikoze gute ku kuntu azwi?

     “Sinshima umuhungu amenyerana birenze n’abakobwa. Ukumenyerana nk’ukwo kwerekana ko umuntu ashobora guhemuka igihe azokwubaka urwiwe. Umuntu nk’uwo aba arondera kurya ifyeri ku bandi. Ubwo ni ubwikunzi.”—Julia.

 Muri make: Weretse umuntu ko umukunda kandi udafise intumbero yo kubandanya ubwo bucuti birababaza uwo muntu, eka nawe bikakubabaza.

 Ivyo wokora

  •   Bibiliya ivuga ko ukwiye gufata “abagabo bakiri bato nka bene wanyu . . . abagore bakiri bato na bo nka bashikawe, mu kutandura kwose.” (1 Timoteyo 5:1, 2) Wisunze iyo mpanuro bizotuma utonona ubugenzi ufitaniye n’abo mudasangiye igitsina.

     “Iyo nza kuba nubatse, sinogira imimenyerano itabereye n’umuntu yubatse. Ni vyiza ko ubu ntarubaka urwanje nimenyereza kwirinda ubugenzi burenze urugero n’uwo tudasangiye igitsina.”—Leah.

  •   Bibiliya ivuga iti: “Mu murengera w’amajambo ntihaburamwo ukugabitanya.” (Imigani 10:19) Ivyo ntivyerekeye gusa ibiyago, ariko vyerekeye n’ukwandikira umuntu amamesaje, incuro umwandikira be n’ivyo umwandikira.

     “Si vyiza kwandikira umukobwa imisi yose kiretse igihe ushaka kumuresha.”—Brian.

  •   Bibiliya ivuga iti: “Ubukerebutsi buva hejuru imbere ya vyose ni ubutanduye.” (Yakobo 3:17) Umuntu arashobora kugumbira uwundi mu buryo butanduye, canke na ho akamugumbira mu buryo bwerekana ko amukunda.

     “Ndagerageza kuyagisha umuntu neza ariko nkirinda kumwiyegereza rwose.”—Maria.

 Muri make: Nusuzume ata gufyina ukuntu wigenza uri kumwe n’uwo mudasangiye igitsina. Umuyabaga yitwa Jennifer avuga ati: “Ubugenzi bwiza buragoye kuronka, rero ntiwigere ubusambura mu gutuma umugenzi agutahura ukutari kwo.”

 Impanuro

  •    Niwiteho ivyo abandi bavuga. Nimba hari uwukubajije ati: “Wewe na naka mwoba mukundana?” Ivyo bishobora kwerekana ko uwo umuntu wamwiyegereje rwose.

  •    Nufate kumwe abagenzi mudasangiye igitsina. Ntiwitwararike rwose umwe muri bo gusumba abandi.

  •   Uraba maso ku mamesaje urungika, incuro uzandika, ivyo wandika be n’igihe ukunda kuzirungika. Umwigeme yitwa Alyssa avuga ati: “Si vyiza kwandikira umuntu mudasangiye igitsina mu gicugu.”