Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Bwoba ari ubugenzi canke ni urukundo?—Igice ca 1: Nobimenya gute?

Bwoba ari ubugenzi canke ni urukundo?—Igice ca 1: Nobimenya gute?

 Urakunda vy’ukuri umuntu mudasangiye igitsina kandi urabona neza ko na we akwiyumvamwo. Vyongeye murandikiranira ubutumwa cane, murakunda kuba muri kumwe . . . , kandi bumwe mu butumwa akurungikira burerekana ko agukunda.

 Ubu rero ufashe ingingo yo kumubaza aho ubugenzi buzobashikana kugira wiyemeze neza ko mwempi mubibona kumwe. Aciye akwishura ati: “Jewe ndakubona nk’umugenzi gusa.”

 Wovyakira gute?

 “Naritayeko umwikomo nongera ndamushavurira! Nta musi wijana tutandikiraniye kandi yaranyereka ko ankunda. Naciye ntangura kumwiyumvamwo.”—Jasmine.

 “Twe n’uyo mukobwa twarakunda guherekeza umuhungu n’umukobwa bari bareshanije. Hari igihe wamengo na twebwe turiko turareshanya. Twe na we twarayaga cane, mu nyuma na ho dutangura kuza turandikiranira cane. Igihe yambwira ko ambona nk’umugenzi gusa sinavyumva mbere n’igihe namenya ko muri ico gihe cose yari afise uwundi bakundanye.”—Richard.

 “Nta musi wijana atanyandikiye kandi twese twarandikiranira utujambo tw’urukundo. Ariko igihe nabwira uwo muhungu ko ndamwiyumvamwo yaciye yitwengera, aca ambwira ati: ‘Ntiharagera ko ndesha!’ Naramaze igihe mbabaye cane”—Tamara.

 Muri make: Igihe wiyumviriye ko ukundanye n’umuntu maze ugasanga we si ko abibona ni ibisanzwe kwumva ubabaye, ubuze amahoro canke mbere ukumva ko uhemukiwe. Umusore yitwa Steven avuga ati: “Igihe vyanshikira narababaye cane kandi vyaramvunye umutima. Vyansavye igihe kugira nsubire kwizigira uwundi.”

 Igituma biba

 Biroroshe kwiyumvamwo umuntu mukunda kwandikiranira ubutumwa ariko ugasanga we atakwiyumvamwo. Raba ivyo imiyabaga imwe ivuga.

 “Umuntu arashobora kukwandikira kubera yabuze ico akora, ariko ugaca ubibona nk’aho akwitwararitse. Igihe rero abigira imisi yose, uca utangura kwibwira ko akwiyumvamwo.”—Jennifer.

 “Umwe muri bo ashobora kubona ko bakundanye vy’ukuri mu gihe uwundi aba akeneye umuntu amuyagisha gusa, kugira yumve ko yitwararitswe.”—James.

 “Akajambo gasanzwe ngo ‘ijoro ryiza’ karashobora gufatwa nk’aho ari urukundo, ariko ashobora kuba atakarungitse kubera akwiyumvamwo.”—Hailey.

 “Kurungika udushusho turiko turatwenga bishobora kwerekana ko umuntu afise umutima mwiza canke ko agukunda. Hari igihe uwuronse iyo mesaje aca yibaza ko ari urukundo.”—Alicia.

 Muri make: Ntiwitiranye umutima mwiza n’ukukwiyumvamwo.

 Nta woharira ko ivyo bitoroshe. Bibiliya ivuga iti: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane.” (Yeremiya 17:9) Umutima urashobora gutuma wishiramwo ko umuntu agukunda ariko ugasanga si ko biri.

 Ico wokora

  •   Ntiwihende. Subira uzirikane ku bugenzi mufitaniye. Niwibaze uti: ‘Noba mfise imvo yumvikana yo kwiyumvira ko uwu muntu atamfata nk’abandi?’ Ntureke ngo inyiyumvo zawe zirengere ‘ububasha bwawe bwo kwiyumvira.’—Abaroma 12:1.

  •   Nutahure neza. Aho kuguma ubona gusa ibimenyetso bikwereka ko atari ubugenzi busanzwe, nurabe ahubwo ivyerekana ko utoba uriko urihenda. Ntuce wibaza ko umuntu akwiyumvamwo kubera gusa wewe umwiyumvamwo.

  •   Niwihangane. Igihe umuntu ataragutomerera ko yipfuza yuko mukundana, ntumwishiremwo cane kuko wohava usanga wihenze.

  •   Nube imvugakuri. Bibiliya ivuga ko hari “igihe co kuvuga.” (Umusiguzi 3:7) Nimba ushaka kumenya ko umuntu akubona nk’umugenzi aruta abandi, nubimubaze. Umwigeme yitwa Valerie avuga ati: “Igihe mutabona ibintu kumwe, wopfuma wemera kubabara hakiri kare hako woza gutahura haciye amezi ko uwo muntu atigeze akwiyumvamwo.”

 Muri make: Mu Migani 4:23 havuga hati: “Zigama umutima wawe.” Nimba wiyumvamwo umuntu kanaka, nugerageze kumenya ko na we akwiyumvamwo. Kumwiyumvamwo kandi utazi ko na we agukunda ni nko gutera igiterwa kw’ibuye.

 Umaze kumenya ko umuntu akwiyumvamwo kandi ukaba ukuze, witeguriye no kurondera uwo mwokwubakana, ni we uzokwifatira ingingo nimba wokomeza ubucuti mufitaniye. Uribuka ko kugira umubano ukomere utegerezwa kuba ugizwe n’umugabo n’umugore bafise imigambi imwe y’ivy’Imana kandi bavugana ukuri. (1 Abakorinto 7:39) Nta nkeka ko baba batanguye ari abagenzi maze ubwo bugenzi bugakomera.—Imigani 5:18.