Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki kugira ndeke kubaho ubuzima burimwo tubiri?

Nokora iki kugira ndeke kubaho ubuzima burimwo tubiri?

 Uko haca igihe, abasavyi b’Imana bamwebamwe baribaza nimba bihambaye kugira akigoro ko kubaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Zaburi 73:2, 3) Boshobora mbere gutangura gukora ibintu binyuranye n’ivyo Yehova adusaba maze bagahuma amaso abo basenga hamwe mu guhisha ingendo yabo mbi.

 Iki kiganiro kigenewe gufasha abo bose boba baratanguye kubaho ubuzima burimwo tubiri mugabo bakaba bipfuza guhinduka.

Turaza kubona ibi bikurikira:

 Kubaho ubuzima burimwo tubiri bisobanura iki?

 Kubaho ubuzima burimwo tubiri bisobanura ko igihe uba uri kumwe n’abo mungana badasenga Yehova uca ukora ibintu uzi neza ko ari bibi, yamara igihe uri kumwe n’abasavyi ba Yehova ukigira nk’aho nawe ushaka kumukorera. Ni nk’aho woba ubayeho ubuzima bubiri butandukanye kandi muri ubwo buzima bwompi ukaba ufise ivyo uhishije.

 «Igihe ubayeho ubuzima burimwo tubiri, baba abasenga Yehova canke abatamusenga urabahisha ico uri, rero nta n’umwe amenya uko umeze vy’ukuri. Mu vy’ukuri, kubaho ubuzima burimwo tubiri ni uguhemukira abantu bose.»​—Vyavuzwe na Erin.

 Wari ubizi? Kubaho ubuzima burimwo tubiri, harimwo no gukora ibintu uzi ko Yehova yanka uri ukwa wenyene.

 «Igihe nari mfise imyaka 14, naratanguye kuraba amashusho y’ibiterasoni kuri internet. Igihe naba ndi kumwe n’abandi, nigira nk’aho nanka amashusho y’ibiterasoni ariko mu mutima wanje nari nzi ko ntayanka vy’ukuri.»​—Vyavuzwe na Nolan.

 Ico Bibiliya ivuga: «Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azokwumira kuri umwe asuzugure uwundi.»​—Matayo 6:24.

 Kuba mbayeho ubuzima burimwo tubiri vyoba bisobanura ko ndi umuntu mubi?

 Ntivyama ari ukwo biri. Ni ivy’ukuri ko hari abantu bahisemwo kubaho batisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya. None vyoba ari ko biri ku ruhande rwawe? Canke hoba hari iyindi mpamvu ituma ubaho ubuzima burimwo tubiri, nk’akarorero:

  •   Uratinya ko abo mungana babona ko mutameze kumwe.

  •   Urabona umengo hari vyinshi muhuriyeko n’abo mwigana kuruta abo muri kumwe mw’ishengero.

  •   Urumva bitakworohera gukurikiza ibintu vyose Imana idusaba.

 «Nibaza ko abakiri bato bamwebamwe babayeho ubuzima burimwo tubiri bumva bisanze bari kumwe n’abantu batisunga ingingo ngenderwako za gikirisu, kubera ko baba bipfuza kwemerwa n’umuntu uwo ari we wese.»​—Vyavuze na David.

 N’ivy’ukuri ko muri izo mvo zose ata n’imwe yumvikana yotuma umuntu abaho ubuzima burimwo tubiri. Naho ari ukwo, ziradufasha gutahura ko mbere n’abantu beza bashobora kugwa muri uwo mutego. Nimba vyaragushikiye, wokora iki?

 Nokora iki kugira ndeke kubaho ubuzima burimwo tubiri?

  1.  1. Nusuzume ukuntu ubayeho. Niwibaze uti: “Uku nyene ni ko nipfuza kubaho? Nimba atari ukwo, ninaguma nigenza uku bizonshikana he?”

     Ico Bibiliya ivuga: «Umunyabwenge a[ra]bona icago . . . , abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakibonerako.»​—Imigani 27:12.

  2.  2. Nuvugishe ukuri. Nubwire abavyeyi bawe uko ivyawe vyifashe canke ubiyagire umugenzi ahumuye kandi yubaha amategeko ya Yehova. Bizobanezereza cane nibabona ko wipfuza yuko bagufasha. Vyongeye, bizobashimisha kubona wipfuza gukora ikibereye!

    Nimba waraguye mu mutego wo kugira ubuzima burimwo tubiri, ivyogereranywa no kugwa mu kinogo kirekire, nusabe bagufashe

     «Kubwira abandi amakosa yanje vyarangoye cane. Ariko igihe nabigira, narumvise ndemurutse.»​—Vyavuzwe na Nolan.

     Ico Bibiliya ivuga: «Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi.»​—Imigani 28:13.

  3.  3. Niwemere ingaruka. Nimba wari umaze igihe uhisha abavyeyi bawe n’abo muri kumwe mw’ishengero ukuntu ubayeho, birashobora kutaborohera kukwizigira. Ku bw’ivyo, hari aho vyotuma abavyeyi bawe canke abakurambere bo mw’ishengero batakwemerera gukora ibintu bimwebimwe mu kiringo kanaka. Niwemere izo ngaruka maze wiyemeze kwigenza «mu buryo bugororotse muri vyose.»​—Abaheburayo 13:18.

     Ico Bibiliya ivuga: «Umviriza impanuro kandi wemere indero, kugira ngo uze ucike inkerebutsi muri kazoza kawe.»​—Imigani 19:20.

  4.  4. Niwemere udakeka ko Yehova agukunda. Kubera ko Yehova adukunda, arazi neza ibintu vyose dukora. Rero, nimba ubayeho ubuzima burimwo tubiri, arabizi kandi biramubabaza. Ariko “kubera ko akubabaye”, arashashaye kugufasha kwikosora.​—1 Petero 5:7.

     Ico Bibiliya ivuga: «Amaso yiwe anyuragira mw’isi yose kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima ukwiye kuri we.»​—2 Ngoma 16:9.