Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Ingene wotsinda irungu

Ingene wotsinda irungu

INGORANE

“Nari mfise abagenzi babiri bakunda kuba bari kumwe ariko ntibanyibuke. Bama bambwira ingene biryoheye bari kumwe. Umusi umwe naraterefonye umwe muri bo, akaba yari kumwe n’uwo wundi. Uwundi muntu ni we yitavye telefone, nca numva amajwi yabo bariko bariterera inkuru batwenga. Maze kwumva gusa ingene biryoherewe, vyatumye irungu rirushiriza kunyica!”—Maria. *

Vyoba bimaze gushika ukumva irungu canke ukumva umengo nta wukwitayeho? Nimba bimaze gushika, nureme. Bibiliya iratanga impanuro zogufasha. Ariko hari ivyo ukwiye kubanza kumenya ku bijanye n’irungu.

ICO UKWIYE KUMENYA

Abantu nka bose birashika bakagira irungu. N’abantu basa n’abakundwa cane birabashikira. Uti kuki? Kenshi irungu ntirivana no kuba ufise abagenzi bake canke benshi, ahubwo rivana n’ukuntu ubugenzi mufitaniye bumeze. Umuntu asa n’uwukundwa cane arashobora kuba yama akikujwe n’abantu, mugabo ugasanga nta bagenzi nyakuri afise, bigatuma yumva irungu.

Irungu rirashobora kugira ingaruka mbi ku magara yawe. Abashakashatsi batohoje ivyavuye mu vyigwa 148 vyagizwe, berekanye yuko kutagiranira imigenderanire cane n’abandi bishobora gutuma umuntu ataramba. Vyongeye, akaga birimwo “gasumba incuro zibiri akaga gaterwa n’ukuvyibuha birenze urugero,” ingorane bitera “zikangana n’iziterwa n’ukunywa amatabi 15 ku musi.”

Irungu rirashobora gutuma ugeramirwa. Nkako, rirashobora gutuma upfa kwemera umugenzi uwo ari we wese. Umusore yitwa Alan avuga ati: “Umuntu afise irungu arashobora kwumva yipfuza cane kuronka uwumwitaho. Woshobora guca utangura kwiyumvira yuko wopfa uwo ugize umugenzi, hako ubura n’umwe. Ivyo vyogukwegera ingorane.”

Ubuhinga bwa none si wo muti w’irungu. Umwigeme yitwa Natalie avuga ati: “Ku musi noshobora kwandikira abantu ijana kuri telefone canke kuri internet ariko ntikibuze ko nguma nishwe n’irungu.” Umuyabaga yitwa Tyler ni ko na we abibona. Avuga ati: “Kwandikira umuntu mesaje ni nko guhekenya utuyoba, mugabo kuyaga na we amaso mu yandi ni nko gufungura bikwiye. Guhekenya utuyoba biraryoshe, ariko kugira ngo uhage urakeneye imfungurwa zikwiye.”

ICO WOKORA

Nubone ibintu mu buryo bwiza. Dufate ko ubonye amafoto y’umusi mukuru abagenzi bawe bagize ariko ntibagutumira. Ico gihe, uba ufise amahitamwo abiri: wohitamwo kwiyumvira ko bashatse kukwinuba, canke ugahitamwo kubona ibintu mu buryo bwiza. Kubera iki none woshima kwiyumvira ko bashatse kukwinuba kandi utazi neza icatumye batagutumira? Gerageza nyabuna kwiyumvira ikindi kintu cumvikana coba carabitumye. Kenshi umuntu ntagira irungu kubera ingorane kanaka, ahubwo biterwa n’ukuntu we abona ibintu.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 15:15.

Niwirinde ivyiyumviro vyo kurenza urugero. Iyo ufise irungu, woshobora kwidoga uvuga ngo ‘Ntibigera bantumira’ canke ngo ‘Abantu bama banyinuba.’ Ariko kwiyumvira gutyo bituma urushiriza kwicwa n’irungu. Ivyo birashobora gutuma ingorane ufise zidahera. Uti gute? Kwumva umengo nta wukubabaye bituma wikumira, kwikumira bigatuma wumva irungu, irungu na ryo rigatuma usubira kwumva umengo nta wukubabaye, gutyo gutyo.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 18:1.

Rondera abagenzi no mu bakuruta. Bibiliya iravuga ivyerekeye ubuzima bwa Dawidi. Igihe yahura na Yonatani, Dawidi ashobora kuba yari umuyabaga, Yonatani akaba yamuruta imyaka 30. Naho batanganya imyaka, barabaye abagenzi pfampfe. (1 Samweli 18:1) No kuri wewe vyoshoboka. Umwigeme w’imyaka 21 yitwa Kiara avuga ati: “Mperutse gutahura akamaro ko kugira abagenzi banduta. Ndafise abagenzi somambike bandusha imyaka mirongo. Ni abantu bazi utuntu n’utundi kandi batekanye. Ivyo ndabishima cane.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Yobu 12:12.

Ibuka ko kuba uri wenyene bitama ari bibi. Abantu bamwebamwe barumva irungu igihe cose baba ari bonyene. Mugabo kuba umuntu ari wenyene ntivyari bikwiye gutuma yumva irungu. Nk’akarorero, Yezu yarakunda kwifatanya n’abandi, ariko yari azi ko hari igihe bikenerwa ko umuntu aba ari wenyene. (Matayo 14:23; Mariko 1:35) Nawe woshobora kwungukira ku mwanya uba uri wenyene. Aho kubona ko kuba uri wenyene ari ingorane, nukoreshe uwo mwanya mu kuzirikana ku vyiza umaze kwironkera. Ivyo vyotuma urushiriza kuba umuntu abandi boshima ko ababera umugenzi.Imigani 13:20.

^ par. 4 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.