Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Kumenyekana ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

Kumenyekana ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

 Umuyabaga umwe yitwa Elaine avuga ati: «Igihe nabona abo twigana bafise abantu benshi bakurikirana ivyo bashira ku mbuga hwaniro, nibwiye nti: “Emwe abandi bo baramenyekanye.” Mvugishije ukuri, narabumviye agashari.»

 Woba umaze kwiyumva gutyo? Nimba bimaze kugushikira, iki kiganiro kirashobora kugufasha kwirinda kugwa mu mitego yo kurondera kumenyekana.

 Ni akaga akahe kari mu kumenyekana ku mbuga hwaniro?

 Mu Migani 22:1, Bibiliya ivuga ko «wohitamwo izina ryiza aho guhitamwo itunga ryinshi.» Rero, kwipfuza ko abantu bakumenya neza canke mbere ko bagukunda ni ibisanzwe.

 Ariko rero, kwipfuza gukundwa n’abantu benshi hari igihe bituma urondera kumenyekana. None ivyo vyoba birimwo akaga? Uwitwa Onya w’imyaka 16 aremeza ko birimwo akaga. Yavuze ati:

 «Narabonye abantu bakora ibintu nk’aho umengo ntibakomeye, nko gusimba bavuye kw’igorofa yo kw’ishure kugira gusa bamenyekane.»

 Hari abantu bamwebamwe bakora ibintu umengo nta bwenge bafise bagaca bifata ividewo bakayishira ku mbuga hwaniro, kugira gusa abandi bababone. Nk’akarorero, hari abakiri bato bashira ku mbuga hwaniro amavidewo yabo bariko baranywa isabuni yo kumesuza kandi irimwo ubumara bushobora kubagirira nabi, ivyo akaba ari ibintu muntu afise ubwenge atokora.

 Bibiliya ivuga iti: «Ntihagire ico mugira mubitumwe . . . n’ubwishime.»​—Abafilipi 2:3, Bibiliya Nyeranda.

 Zirikana kuri iki kintu:

  •   Kurondera kumenyekana ku mbuga hwaniro bikumarira iki?

  •   Woba wokwemera gushira mu kaga ubuzima bwawe kugira gusa abandi bagutangarire canke kugira gusa abagenzi bawe bakwemere?

 «Ntuhende abandi kugira gusa umenyekane»

 Gushira ubuzima mu kaga si vyo vyonyene vyerekana ko uriko urarondera kumenyekana. Uwitwa Erica w’imyaka 22, aravuga ubundi buryo abantu bakoresha, agira ati:

 «Abantu barashira ku mbuga hwaniro ibintu bidasanzwe biba mu buzima bwabo. Bica bisa nk’aho bafise abagenzi benshi bamarana umwanya. Bica bituma abantu bibaza ko bazwi cane.»

 Uwitwa Cara w’imyaka 15, avuga ko hari abakoresha uruhendo kugira abantu babone ko bazwi cane, avuga ati:

 «Ndamaze kubona abantu bashira amafoto ku mbuga hwaniro yerekana ko bari ku musi mukuru kandi bibereye muhira.»

 Uwitwa Matthew w’imyaka 22, ariyemerera ko amaze gukora ikintu nk’ico, avuga ati:

 «Narashize ku mbuga hwaniro ifoto, nca mvuga ko nari ku musozi Everest naho ntarigera nja muri Aziya.»

 Bibiliya ivuga iti: «Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.»​—Abaheburayo. 13:18.

 Zirikana kuri iki kintu:

  •   Nimba ukoresha imbuga hwaniro, woba uhenda abandi kugira gusa urushirize kumenyekana?

  •    Amafoto canke ivyo wandika ku mbuga hwaniro, vyoba vy’ukuri vyerekana uko umeze be n’ivyo uha agaciro?

 Kugira abagukurikirana n’abakunda ivyo ushira ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

 Abantu benshi bemera ko kugira umenyekane ku mbuga hwaniro utegerezwa kuba ufise abantu benshi bagukurikirana kandi bakunda ivyo ushirako. Matthew, umwe duhejeje kuvuga, ariyemerera yuko ari ko yamye abibona:

 «Narakunda kubaza abantu nti: “Ufise abantu bangahe bakurikirana ivyo ushira ku mbuga hwaniro?” canke nti: “Igitigiri kinini ca mbere c’abamaze gukunda ivyo ushirako ni ikihe?” Kugira ndonke abantu benshi bakurikirana ivyo nshirako, naca mpfa gukurikirana abo mbonye bose, niteze ko bazoca bakurikirana ivyo nshirako. Naciye ntangura kwipfuza kurushiriza kumenyekana kandi imbuga hwaniro zaratumye ico cipfuzo kirushiriza gukomera.»

Kumenyekana ku mbuga hwaniro bimeze nk’ibifungurwa ata co bimaze, bituma wiyumva neza akanya gato ariko nta co bikumarira

 Uwitwa Maria w’imyaka 25, yasanze abantu bamwebamwe babona ko hari ico bamaze bivanye n’igitigiri c’ababakurikirana n’abakunda ivyo bashira ku mbuga hwaniro, avuga ati:

 «Iyo umukobwa ashize ifoto yiwe ku mbuga hwaniro hanyuma ntaronke abantu benshi bayikunda, aca ashika ku ciyumviro c’uko ari mubi. Naho ivyo atari ko biri, abantu benshi babibona muri ubwo buryo. Muri ico gihe, baba bariko baribuza amahoro.»

 Bibiliya ivuga iti: «Ntiturondere kwishira imbere, tuvyura uguhiganwa, tugiriranira agashari.»​—Abagalatiya 5:26.

 Zirikana kuri iki kintu:

  •   Igihe uriko urakoresha imbuga hwaniro, vyoba bituma utangura kwigereranya n’abandi?

  •    Woba ubona ko igihambaye ari ukugira abantu benshi bakurikirana ivyo ushira ku mbuga hwaniro kuruta kugira abagenzi nyakuri bakwitwararika?