Ja ku birimwo

URWARUKA RIRIBAZA

Noba nkwiye kugira indagano y’ubusugi?

Noba nkwiye kugira indagano y’ubusugi?

 Indagano y’ubusugi ni iki?

 Indagano y’ubusugi ni isezerano umuntu agira ku munwa canke mu nyandiko, yiyemeza ko atazogira imibonano mpuzabitsina atarubaka urwiwe.

 Benshi bagiye kwijukira ivyo kugira izo ndagano mu myaka ya 1990, igihe idini rimwe ry’ababatiste ryo muri Amerika ryatanguza umugambi wiswe ngo “Urukundo nyakuri rurarindira.” Uwo mugambi wafatira ku mpanuro zo muri Bibiliya hamwe n’akarorero keza k’abandi, kugira ngo uremeshe urwaruka kwirinda imibonano mpuzabitsina batarubaka.

 Haciye igihe gitoya, haratangujwe uwundi mugambi nk’uwo. Abawujamwo bamaze kugira indagano y’ubusugi baca hababwa impeta y’ifeza, ngo ibabere ikimenyetso kibibutsa isezerano bagize ryo kwirinda imibonano mpuzabitsina gushika bubatse izabo.

 Iyo ndagano hari ico imaze?

 Inyishu ivana n’uwubajijwe ico kibazo.

  •   Nk’uko bivugwa n’abashakashatsi Christine Kim na Robert Rector, “ivyigwa bitari bike vyagizwe vyerekanye ko imiyabaga yagira indagano y’ubusugi vyatuma yigumya canke ikisuka gake mu bushurashuzi.”

  •   Raporo y’ikigo kimwe (Guttmacher), ivuga ko ivyigwa vyerekana ko “imiyabaga yagize ‘indagano y’ubusugi’ yisuka mu bushurashuzi ku rugero rumwe n’abatagize iyo ndagano.”

 Kubera iki none badahuza?

  •   Ivyigwa bimwe bifatira ku bagize iyo ndagano be n’abatayigize, ariko batabona kumwe ibijanye n’igitsina.

  •   Ibindi na vyo bifatira ku bagize iyo ndagano be n’abatayigize, ariko babona kumwe ibijanye n’igitsina.

 None iryo gereranya rya kabiri ryashitse kuki? Dogiteri Janet Rosenbaum, akaba ari umuhinga mu bijanye n’amagara y’imiyabaga, avuga ko mu cigwa yagize mu myaka itanu, yasanze “abigize indagano y’ubusugi be n’abatayigize bisutse cokimwe mu bushurashuzi.”

 Uburyo bwiza

 Iyo migambi ijanye n’indagano y’ubusugi ifise intumbero nziza. Ingorane ni uko abagira izo ndagano badahabwa inyigisho bakeneye kugira babishikeko. Dogiteri Rosenbaum avuga yuko benshi mu bagira indagano y’ubusugi “batayishira ku mutima.” Avuga kandi ko ‘kwirinda imibonano mpuzabitsina bikwiye kuva ku kuba umuntu yarajijutse ko ari bibi aho kuva ku kugira indagano.’

 Bibiliya irafasha umuntu kugira mwene ukwo kujijuka, bidaciye ku kugira indagano ku munwa canke mu nyandiko, ahubwo mu kumufasha gukoresha ‘ububasha bwiwe bwo gutegera’ kugira ngo ‘abumenyereze gutandukanya iciza n’ikibi.’ (Abaheburayo 5:​14) Nakare, umuntu ntakwiye kuguma ari isugi kugira gusa yirinde gutwara inda canke kwandura indwara, ahubwo akwiye kubigira kugira yerekane ko yubaha Imana yo yatanguje umubano.​—Matayo 5:​19; 19:​4-6.

 Ivyo Bibiliya itwigisha ni ibitugirira akamaro. (Yesaya 48:17) Nkako, abantu bose, abato n’abakuze, barashobora kwiyemeza kugamburuka ibwirizwa ry’Imana risaba ‘guhunga ubusambanyi.’ (1 Abakorinto 6:​18) Nibamara kwubaka izabo, bazoheza baryoherererwe umubano, ata kwiyagiriza canke kwicuza bishikira abisuka mu vyo kugira imibonano mpuzabitsina hataragera.