Ja ku birimwo

“Numenyeshe inkuru nziza”

Igikorane c’Ivyabona vya Yehova co mu 2024

Kwinjira ni ku buntu Nta mperezwa zitozwa

Ibintu nyamukuru bizoba bikigize

Ku wa gatanu: Uzokwibonera ibimenyamenya vyerekana ko inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu ivugwa mu bitabu vy’Injili ari amakuru y’ukuri yabaye mu buzima bwiwe. Uzokwibonera ukuntu izo nkuru zo muri Bibiliya zotugirira akamaro muri iki gihe.

Ku wa gatandatu: Ni ibiki abahanuzi bari baravuze ku bijanye n’ivuka rya Yezu hamwe n’ivyobaye akiri umwana? Ivyo bavuze vyoba vyararangutse vy’ukuri?

Ku wa mungu: Mu nsiguro ishingiye kuri Bibiliya ivuga ngo «Igituma tudatinya inkuru mbi», uzobona igituma abantu amamiliyoni muri iki gihe bafise imvo zumvikana zo kwitega kazoza batekanye, naho ivyo kw’isi birushiriza kumera nabi.

Igikino

Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu: Ividewo ya 1

Umuco w’ukuri w’isi

Igitangaro c’ivuka rya Yezu ni co kintu ca mbere mu bintu vyinshi bikomeye vyabaye mu bwana bwiwe. Umwami w’umubisha yaramurondeye ngo amwice, aca ahungishirizwa mu Misiri. Mu nyuma na ho, yaratangaje abigisha bamwebamwe bakomakomeye bo mu gihe ciwe. Ivyo bintu hamwe n’ibindi uzovyibonera mu gikino c’ibihimba bibiri kizokwerekanwa ku wa gatanu no ku wa gatandatu.

Nurabe amavidewo akurikira yerekeye igikorane co muri uyu mwaka

Ingene amahwaniro yacu agirwa

Niwirabire ivyo wokwitega witavye igikorane c’Ivyabona vya Yehova.

Igikorane c’Ivyabona vya Yehova co mu 2024 cataziriwe ngo “Numenyeshe inkuru nziza”

Niwirabire muri make ivyo tuzokwiga mu gikorane c’uyu mwaka.

Imponjo y’igikino kivuga ngo: Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu

Abantu benshi barazi ko Yezu yavutse ku gitangaro. Ariko none ni ibiki vyabaye imbere y’uko ico kintu gitangaje kiba be n’inyuma yaho?