Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kunywa inzoga?

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kunywa inzoga?

 Bibiliya ntibuza kunywa inzoga ku rugero mu gihe amategeko atabikubuza. Ariko, iriyamiriza akaborerwe.​—Zaburi 104:15; 1 Abakorinto 6:​10.

 Ariko wokora iki hamwe boguhata kunywa kandi amategeko atabikurekurira canke abavyeyi bawe barabikubujije?

 Niwiyumvire ingaruka zo kunywa

 Bamwe mu runganwe rwawe bashobora kuba babona ko kunywa bituma umuntu yumva amerewe neza. Ariko ni ibiki bishobora gushika umaze kunywa?

  •  Ingorane ziva ku kurenga amategeko. Mu bihugu bimwebimwe, kunywa inzoga kandi utabirekuriwe n’amategeko birashobora gutuma baguca ihadabu, bakakwagiriza ko wakoze icaha, bakakwaka uruhusha rwo kugendesha umuduga, ugakoreshwa ibikorwa udahemberwa mbere ukanapfungwa.​—Abaroma 13:3.

  •  Kumenyekana nabi. Inzoga iragabanya ubushobozi bwo kwigumya. Bitumwe n’inzoga, urashobora gukora canke kuvuga ibintu bizotuma wicuza mu nyuma. (Imigani 23:31-​33) Muri iki gihe aho uburyo bwo guhanahana amakuru bwagwiriye, ivyo ukora birashobora gutuma umenyekana nabi.

  •  Kudashobora kwirwanira. Inzoga irashobora gutuma ukubagurwa canke ufatwa ku nguvu. Irashobora kandi gutuma utwarwa n’akosho k’abandi maze ugakora ikintu giteye akaga canke kitemewe n’amategeko.

  •  Kwizizirwa n’inzoga. Ubushakashatsi bwagizwe bwerekana ko gutangura kunywa inzoga ukiri muto bituma irushiriza kukwizizira. Kunywa inzoga kugira wiyibagize ingorane, kubera ufise irungu canke kubera wumva urambiwe birashobora gutuma igenda irakwizizira ku buryo izokugora cane guheba.

  •  Kuhasiga ubuzima. Mu mwaka umwe wa vuba, uko haheze iminuta 52 harapfa umuntu biturutse kw’isanganya ritejwe n’abashoferi batwara umuduga banyoye muri Leta Zunze ubumwe za Amerika. Mu kiringo kimwe c’imyaka itanu, abantu barenga 1.500 bari munsi y’imyaka 21 barapfa buri mwaka biturutse ku kuba umushoferi yanyoye. Mbere naho woba utanyoye, kwemera gutwarwa n’umuntu yanyoye vyoguteza ingorane.

 Nugire umwiyemezo

 Gufata ingingo imbere y’igihe y’ico wokora birashobora gutuma wirinda ingaruka zibabaje ziterwa no kurenga ku mategeko ajanye no kunywa inzoga.

 Iciyumviro co muri Bibiliya: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Bwoba ari ubujuju gutwara umuduga wanyoye canke kunywa imbere y’uko ukora ikindi gikorwa ico ari co cose gisaba gukoresha ubwenge bwawe bwose.

 Umwiyemezo: ‘Hamwe nohitamwo kunywa inzoga, nozinywa igihe gusa amategeko abindekurira kandi akaba ata kindi kintu cotuma ntazinywa.’

 Iciyumviro co muri Bibiliya: ‘Muri abashumba b’uwo mugamburukira.’ (Abaroma 6:16) Hamwe wonywa kubera gusa abo mu runganwe rwawe bariko baranywa, woba ubaretse bakaba ari bo bakuganza. Kunywa kubera wumva urambiwe canke kugira wiyibagize ingorane, vyotuma udatsimbataza ubuhanga bugufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane.

 Umwiyemezo: ‘Sinzokwigera nemera ko urunganwe rwanje runyosha kunywa.’

 Iciyumviro co muri Bibiliya: “Ntube mu banywi b’umuvinyu ba cane.” (Imigani 23:20) Abagenzi babi barashobora kwonona umwiyemezo wawe. Igihe ugendana n’abanywa inzoga bakarenza urugero, uba wishize mu kaga.

 Umwiyemezo: ‘Sinzokwigera ngira abagenzi abantu banywa inzoga zirenze urugero.’