Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Noganira gute n’abavyeyi banje ku mategeko banshingira?

Noganira gute n’abavyeyi banje ku mategeko banshingira?

 «Igihe nari mfise imyaka 15 nta ngorane nari mfise ku mategeko abavyeyi banshingira, ariko ubu mfise imyaka 19 numva umengo ndakeneye umwidegemvyo.»​—Sylvia.

 Woba wiyumva nka Sylvia? Nimba ari ukwo, iki kiganiro kiraza kukwereka ukuntu woganira ico kibazo n’abavyeyi bawe.

 Ico ukwiye kumenya

 Imbere y’uko uganira n’abavyeyi bawe ku mategeko bagushingira, zirikana iki kintu:

  •  Hatabaye amategeko hoba ingorane nyinshi. Niwiyumvire ibarabara ricamwo imiduga myinshi. Wibaza ko vyogenda gute hatariho ivyapa vy’ibarabara, aho basabwa guhagarara (feux rouges), canke umuvuduko bategerezwa kugenderako? Nk’ukwo kw’amategeko yo mw’ibarabara, amategeko yo muhira arafasha kugira habe urutonde.

  •  Amategeko arerekana ko abavyeyi bakwitwararika. Badashizeho amategeko, boba batanezwe ivyogushikira. Woba none woshima abavyeyi nk’abo?

 WARI UBIZI? N’abavyeyi barafise amategeko! Nimba utavyemeye, soma Itanguriro 2:​24; Gusubira mu vyagezwe 6:​6, 7; Abanyefeso 6:4; na 1 Timoteyo 5:8.

 Bite ho nimba uguma ubona ko amategeko abavyeyi bagushingira arenze urugero?

 Ico wokora

 Nubanze wiyumvire imbere y’uko mubiganira. Woba usanzwe ugamburuka amategeko abavyeyi bawe bagushingira? Nimba utahora uyagamburuka, iki coshobora kuba atari co gihe co kubasaba umwidegemvyo wiyongereye. Ahubwo riho, nurabe ikiganiro kivuga ngo «Nokora iki kugira abavyeyi banje banyizigire?»

 Nimba usanzwe ubagamburukira, nutegure ivyo wipfuza ko muyaga. Niwazirikana neza imbere y’igihe ivyo wobabwira bizogufasha kumenya nimba ivyo wipfuza vyumvikana. Ubukurikira, nuce usaba abavyeyi bawe barondere umwanya n’ahantu hotuma mwese mwumva mwisanze bikaborohera kuyaga. Mu nyuma, igihe uriko uyaga n’abavyeyi bawe, uribuka ibi bintu:

 Nugaragaze icubahiro. Bibiliya ivuga iti: «Ijambo ribabaza ritera ishavu.» (Imigani 15:1) Niwibuke rero iki kintu: Hamwe woharira n’abavyeyi bawe canke ukabagiriza ko bakubonera, ico kiyago ntikizogenda neza.

 «Uko ndushiriza kwubaha abavyeyi banje, ni ko na bo barushiriza kunyubaha. Biroroha cane ko twumvikana igihe twubahana.»​—Bianca w’imyaka 19.

 Nutege yompi. Bibiliya itubwira ngo “tunyaruke kwumva, dutebe kuvuga.” (Yakobo 1:19) Niwibuke ko utariko ushikiriza ijambo abavyeyi bawe, ahubwo ko muriko murayaga.

 «Uko dukura, twoshobora kwiyumvira ko tuzi vyinshi kurusha abavyeyi bacu, ariko ivyo si vyo. Biraba vyiza twumvirije impanuro baduha n’inama batugira.»​—Devan w’imyaka 20.

 Nugaragaze impuhwe. Nugerageze kwishira mu kibanza c’abavyeyi bawe. Nukurikize impanuro yo muri Bibiliya igira iti: «Ntimugume muraba ivyanyu gusa, ariko murabe n’ivy’abandi,» muri aka kanya ukaba ukeneye kuraba ivy’abavyeyi bawe.​—Abafilipi 2:4.

Ni iciyumviro ikihe wibaza ko cogufasha kuronka umwidegemvyo wiyongereye?

 «Nahora niyumvira ko abavyeyi banje bandwanya aho kwiyumvira ko banshigikira. Ariko ubu ndatahura ko bariko bagerageza gusa kwiga ukuntu boba abavyeyi beza mu gihe nanje nariko ndiga ukuntu noba umuntu akuze yitwararika ibintu. Ivyo bakoze vyose babitumwa n’uko bankunda.»​—Joshua w’imyaka 21.

 Nutange ivyiyumviro. Nk’akarorero, dufate ko wipfuza kuja mu kirori aho bizogusaba isaha yose kugira ushikeyo, ariko abavyeyi bawe bakanka. Nurondere kumenya ikintu nyamukuru gitumye bahagarika umutima; ni urwo rugendo canke ni ico kirori?

  •   Nimba ari urwo rugendo, hamwe wosaba umugenzi mukajana vyoba vyotuma bahindura ivyiyumviro?

  •   Nimba ari ikirori, ubwo ntivyofasha hamwe wobabwira abazoba bahari be n’abazoba bagihagarikiye?

 Ntiwibagire kugaragaza icubahiro mu vyo uvuga hamwe no kwumviriza wihanganye ivyo abavyeyi bawe bakubwira. Niwerekane ko “utera iteka so wawe na nyoko wawe” haba mu majambo no mu nyifato. (Abanyefeso 6:2, 3) Boba bazohindura ivyiyumviro? Vyoshoboka canke ntibishoboke. Uko vyogenda kwose . . .

 Niwemere ingingo abavyeyi bawe bafashe ubigiranye icubahiro. Ico ni ikintu gihambaye ariko akenshi usanga abantu bacirengagiza. Hamwe utoronka ivyo ukeneye maze ugatangura gushwana n’abavyeyi bawe, bizorushiriza kuba urugamba ikindi gihe muzoyaga. Ku rundi ruhande, hamwe wokwisunga ingingo bafashe, vyoshoboka ko bazorushiriza kuza barorosha amategeko amwamwe bashizeho.