Matayo 6:1-34

  • INSIGURO YO KU MUSOZI (1-34)

    • Ntukore ivyiza kugira wiyerekane (1-4)

    • Ingene twosenga (5-15)

      • Isengesho rya Dawe wa twese (9-13)

    • Kwisonzesha (16-18)

    • Amatungo kw’isi no mw’ijuru (19-24)

    • «Nimureke kwiganyira» (25-34)

      • Nimubanze kurondera Ubwami (33)

6  Mwiyubare ntimuze murakora ivyiza* kugira mwiyerekane+. Ahandiho So wanyu ari mw’ijuru nta mpembo azobaha.  Niwafasha aboro* rero, ntuce ugenda urabiririmba nk’uko abiyorobetsi babigira mu masinagogi no mu mabarabara, kugira abantu babaninahaze. Ni ukuri ndabibabwiye, baramaze kuronka impembo yabo yose.  Ariko wewe niwafasha umworo, ukubamfu kwawe ntikuze kumenye ico ukuryo kwawe kwakoze.  Nufashe abandi mu mpisho, maze So wawe abona ibiri mu mpisho azobikwishura+.  Vyongeye, igihe musenga ntimumere nk’abiyorobetsi+, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu masanganzira y’amabarabara maninimanini kugira biyerekane+. Ni ukuri ndabibabwiye, baramaze kuronka impembo yabo yose.  Ariko wewe igihe usenga, nuje mu cumba cawe, wugare umuryango uheze usenge So wawe ataboneka+. Maze So wawe abona ibiri mu mpisho azobikwishura.  Igihe musenga, ntimugume musubiramwo vya bindi nyene nk’uko abanyamahanga bagira, kuko biyumvira ko bazokwumvirwa kubera bakoresha amajambo menshi.  Ntimumere nka bo rero, kuko So wanyu azi ivyo mukenera+ n’imbere y’uko mubimusaba.  Nimusenge gutya rero+: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe+ niryezwe*+. 10  Ubwami bwawe+ nibuze. Ivyo ugomba+ nibikorwe kw’isi nko mw’ijuru+. 11  Nuduhe ivyo kurya* dukeneye uyu musi+. 12  Nutubabarire ibicumuro vyacu* nk’uko natwe twababariye abaducumuyeko+. 13  Ntureke ngo dutsindwe n’ibigeragezo+, ahubwo dukize wa mubisha+.” 14  Nimwababarira abandi amakosa yabo, na So wo mw’ijuru azobababarira+. 15  Ariko nimutababarira abandi amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu+. 16  Igihe mwisonzesha+, mureke kwijirwa mu maso nk’abiyorobetsi, kuko bareka mu maso habo hagafutana* kugira abandi babone ko bisonzesheje+. Ni ukuri ndabibabwiye, baramaze kuronka impembo yabo yose. 17  Ariko wewe igihe wisonzesha, niwisige amavuta mu mutwe kandi wiyoge mu maso, 18  kugira abantu ntibabone ko wisonzesheje, ahubwo bibonwe na So wawe ataboneka wenyene. Maze So wawe abona ibiri mu mpisho azobikwishura. 19  Mureke kwiyegeraniriza amatungo kw’isi+, aho udukoko n’ingese biyonona, aho kandi ibisuma bimena bikayiba. 20  Ahubwo mwiyegeranirize amatungo mw’ijuru+, aho udukoko n’ingese bitayonona+, aho kandi ata bisuma bimena ngo biyibe. 21  Kuko aho itunga ryawe riri ari ho n’umutima wawe uzoba. 22  Itara ry’umubiri ni ijisho+. Nimba rero ijisho ryawe ritumbereye ku kintu kimwe*, umubiri wawe wose uzokayangana*. 23  Ariko nimba ijisho ryawe riguma ryipfuza ivy’abandi*+, umubiri wawe wose uzoba uri mu mwiza. Nimba umuco uri muri wewe uhindutse umwiza, uwo mwiza rero uzoba mwinshi! 24  Nta woshobora gukorera ba shebuja babiri, kuko azokwanka umwe agakunda uwundi+, canke akihebera umwe agasuzugura uwundi. Ntimushobora gukorera Imana n’Ubutunzi+. 25  Ni co gituma ndababwiye nti: Nimureke kwiganyira+ ku vyo muzorya, ivyo muzonywa canke ivyo muzokwambara+. Mbega ubuzima ntiburuta ivyo kurya, n’umubiri ukaruta ivyambarwa+? 26  Nimwihweze inyoni zo mu kirere+: ntizibiba imbuto, ntizimbura canke ngo zegeranirize mu bigega. Ariko So wanyu wo mw’ijuru arazigaburira. None mwebwe ntimuzirusha agaciro? 27  Ni nde muri mwebwe yoshobora kwongereza akanya na gatoyi* ku kiringo c’ubuzima bwiwe kubera ukwiganyira+? 28  Vyongeye, kubera iki mwiganyira ku bijanye n’ivyambarwa? Nimukure icigwa ku kuntu amashurwe* yo mw’ishamba akura: ntacumukura canke ngo ajishe impuzu. 29  Ariko ndababwiye ko na Salomo ari Salomo+ mu bwiza* bwiwe atari ashajije nka rimwe muri yo. 30  Nimba rero Imana yambika gutyo ivyatsi vyo mw’ishamba biriho uno musi ariko ejo bigatererwa mu muriro*, none ntizorushiriza kubambika, ga mwa bantu b’ukwizera guke? 31  Ntimukigere mwiganyira+ rero ngo “tuzorya iki?”, canke “tuzonywa iki?”, canke “tuzokwambara iki+?” 32  Kuko ivyo vyose ari vyo amahanga aguma yiruka inyuma. So wanyu wo mw’ijuru arazi ko ivyo bintu vyose mubikenera. 33  Gume rero mubanza kurondera Ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa+. 34  Ntimwigere mwiganyira ku vy’ejo+, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Umusi wose urifitiye ingorane zawo.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «ntimuze murashitsa ubugororotsi bwanyu.»
Canke «niwatanga ingabire z’imbabazi.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingabire z’imbabazi).
Canke «nirifatwe ko ari ryeranda», «niryubahwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «umukate.»
Mu kigiriki havuga ngo «nuduhebere amadeni yacu.»
Canke «bareka kugirira isuku mu maso habo.»
Canke «ribona neza.» Mu kigiriki havuga ngo «riremuruye.»
Canke «uzoba wuzuye umuco.»
Mu kigiriki havuga ngo «nimba ijisho ryawe ari ribi.»
Canke «kwongereza n’intambwe imwe.» Ni ukuvuga intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Canke «amashurwe y’amalisi.»
Canke «mu buninahazwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «mw’ifuru.»