Ja ku birimwo

Noba noshobora kuronka ivyiyumviro vyondemesha muri Bibiliya?

Noba noshobora kuronka ivyiyumviro vyondemesha muri Bibiliya?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ego. (Abaroma 15:4) Raba imirongo imwimwe yo muri Bibiliya yafashije abantu benshi bariko bashikirwa n’ingorane hamwe n’ivyiyumviro bica intege.

Muri iki kiganiro turaza kubona ibi bikurikira:

 Ingorane

 Zaburi 23:4: “Naho nogendera mu mubande w’igitutu kizitanye, nta kintu kibi na kimwe ntinya, kuko uri kumwe nanje.”

 Ico bisobanura: Igihe usenga Imana kandi ukizigira impanuro Ijambo ryayo Bibiliya ritanga, urashobora kugira umutima rugabo igihe uri mu ngorane.

 Abafilipi 4:13: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.”

 Ico bisobanura: Imana irashobora kuguha inguvu zo kwihanganira ingorane izo ari zo zose.

 Kubura uwawe

 Umusiguzi 9:10: “[Nta] gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu.”

 Ico bisobanura: Abapfuye ntibariko barababazwa kandi ntibashobora kutugirira nabi. Nta kintu na kimwe bazi.

 Ivyakozwe 24:15: “Hagiye kubaho izuka.”

 Ico bisobanura: Imana irashobora kuzura abacu bapfuye.

 Kwiyagiriza birenze

 Zaburi 86:5: “Kuko wewe, ewe Yehova, a uri mwiza kandi witeguriye kubabarira! Kandi ubuntu bwuzuye urukundo ugirira abakwambaza bose ni ikirenga.”

 Ico bisobanura: Imana irababarira abigaye vy’ukuri ku makosa bakoze kandi bakiyemeza kutazosubira kuyakora.

 Zaburi 103:12: “Nk’uko uburasirazuba buri kure y’uburengerazuba, ni ko yashize kure yacu ibigabitanyo vyacu.”

 Ico bisobanura: Igihe Imana itubabariye, irashira kure ibicumuro vyacu kuruta uko dushobora kwibaza. Ntiguma ibitwibutsa kugira itwagirize canke iduhane.

 Umubabaro

 Zaburi 31:7: “Wabonye amarushwa yanje; wamenye amagorwa y’umutima wanje.”

 Ico bisobanura: Imana irazi ingorane zawe zose. Iratahura umubabaro ufise naho abandi boba batabitahura.

 Zaburi 34:18: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”

 Ico bisobanura: Imana igusezeranira kugushigikira igihe ubabaye. Irashobora kuguha inkomezi zo kwihanganira umubabaro.

 Indwara

 Zaburi 41:3: “Yehova ubwiwe azomushigikira ku busaswa arwariyeko.”

 Ico bisobanura: Imana irashobora kugufasha kwihangana igihe ufise indwara ikomeye mu kuguha amahoro yo mu mutima, inkomezi, ukwihangana hamwe n’ubukerebutsi bwo gufata ingingo zibereye.

 Yesaya 33:24: “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”

 Ico bisobanura: Imana isezerana ko hazogera igihe abantu bose bazoba bafise amagara meza.

 Amaganya

 Zaburi 94:19: “Igihe ivyiyumviro vyanje bidurumbanya vyaba vyinshi muri jewe, ivyo wiruza vyaciye bitangura gukuyakuya umutima wanje.”

 Ico bisobanura: Iyo twihetse ku Mana igihe dufise amaganya, irashobora kudufasha kuguma dutekanye.

 1 Petero 5:7: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.”

 Ico bisobanura: Imana iritwararika ingorane zacu. Idusaba kuyisenga tuyibwira ingorane zacu.

 Intambara

 Zaburi 46:9: “Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi.”

 Ico bisobanura: Vuba Ubwami bw’Imana buzokuraho intambara.

 Zaburi 37:11, 29: “Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi. . . . Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”

 Ico bisobanura: Abantu beza bazokwiberaho mu mahoro kw’isi ibihe bidahera.

 Kwiganyira ku bintu bitaraba

 Yeremiya 29:11: “‘Jewe [ndazi] neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro.’”

 Ico bisobanura: Imana irahumuriza abasavyi bayo ko bazokwironkera kazoza keza.

 Ivyahishuwe 21:4: “Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”

 Ico bisobanura: Imana isezerana kuzokuraho ibintu bibi vyose ubona kandi bigushikira muri iki gihe.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?