Umusiguzi 9:1-18

  • Abantu bose bafise iherezo rimwe (1-3)

  • Nuhimbarirwe ubuzima naho bishika tugapfa (4-12)

    • Abapfuye nta na kimwe bazi (5)

    • Nta gikorwa kiri mu kuzimu (10)

    • Ibihe bigoye n’ibintu bishika giturumbuka (11)

  • Abantu ntibama baha agaciro ubukerebutsi (13-18)

9  Narashize ku mutima ibi bintu vyose, maze nshika ku ciyumviro c’uko umugororotsi, incabwenge n’ibikorwa vyabo biri mu maboko y’Imana y’ukuri+. Abantu ntibazi urukundo rwose n’urwanko rwose ababayeho imbere yabo bagaragaje.  Umugororotsi n’umubisha+, umuntu mwiza, uwudahumanye n’uwuhumanye, abatanga ibimazi n’abatabitanga, bose bafise iherezo rimwe+. Umuntu mwiza ni cokimwe n’umucumuzi, kandi uwurahira ni cokimwe n’uwutinya kurahira.  Hari ikintu kibabaje kiba munsi y’izuba: kubera yuko abantu bose bafise iherezo rimwe+, ni co gituma imitima yabo yuzuyemwo ibibi. Imitima yabo irangwa n’ubusazi igihe bakiriho, mu nyuma bagapfa*.  Uwukiriho wese arafise icizigiro, kuko imbwa ikiri nzima iruta intambwe ipfuye+.  Kuko abazima bazi ko bazopfa+, ariko abapfuye nta na kimwe bazi+, kandi nta n’impembo* baba bakironka, kuko ivyabo vyose biba vyaramaze kwibagirwa+.  Vyongeye, urukundo rwabo, urwanko rwabo n’ishari ryabo biba vyaramaze guhera, kandi nta na kimwe baba bagishoboye gukora mu bintu bikorerwa munsi y’izuba+.  Genda wirire ibifungurwa vyawe unezerewe, unywe umuvinyu wawe uhimbawe+, kuko Imana y’ukuri yamaze gushima ibikorwa vyawe+.  Ese impuzu zawe zokwama zera*, kandi ukama wisiga amavuta mu mutwe+!  Nuhimbarirwe ubuzima uri kumwe n’umugore wawe ukunda+ imisi yose y’ubuzima bwawe ata co bumaze, ubwo Imana yaguhaye munsi y’izuba, mu misi yawe yose ata co imaze, kuko uwo ari wo mugabane wawe mu buzima n’impembo y’igikorwa kitoroshe urangura munsi y’izuba+. 10  Igikorwa cose uronse ugikorane inkomezi zawe zose, kuko ata gikorwa canke umugambi canke ubumenyi canke ubwenge* biri mu kuzimu+, aho uriko uraja. 11  Hari ikindi kintu nabonye munsi y’izuba: abanyaruka si bo bama batsinda isiganwa, abafise inguvu si bo bama batsinda intambara+, inkerebutsi si zo zama zironka ibifungurwa, abanyabwenge si bo bama baronka ubutunzi+, kandi abafise ubumenyi si bo bama baroranirwa+, kuko ibihe bigoye n’ibintu bishika giturumbuka* bibashikira bose. 12  Umuntu ntamenya igihe ciwe+. Kurya nyene ifi zigwa mu rusenga n’inyoni zikagwa mu mutego, ni ko n’abana b’abantu bagwa mu mutego mu gihe c’ivyago, iyo bibajeko giturumbuka. 13  Naritegereje kandi ikintu gitangaje munsi y’izuba ku bijanye n’ubukerebutsi: 14  hari agasagara gatoyi karimwo abantu bakeyi. Umwami akomeye yaraje kugatera, aragakikuza yongera yubaka ibintu bikomeye vyo kugatera. 15  Muri ko hariyo umugabo akenye ariko afise ubukerebutsi, kandi yarakijije ako gasagara biciye ku bukerebutsi bwiwe. Mugabo nta n’umwe yibutse uwo mugabo w’umukene+. 16  Naciye nibwira nti: «Ubukerebutsi buraruta inguvu+, ariko ubukerebutsi bw’umukene burasuzugurwa, kandi n’amajambo yiwe nta wuyaha agaciro+ 17  Amajambo y’umuntu w’inkerebutsi avuganywe ubwitonzi, arumvirwa kuruta ugusemerera kw’umutegetsi aganza ibijuju. 18  Ubukerebutsi buraruta ibirwanisho, ariko umucumuzi umwe gusa arashobora kwonona ivyiza vyinshi+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «inyuma y’ivyo bagahamvya abapfuye.»
Canke «umushahara.»
Ni ukuvuga impuzu zikeye zerekana umunezero atari impuzu zerekana ikigandaro.
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «bitari vyitezwe.»